Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Irungikwa mu zabukuru rya Gen Ndirakobuca ririko rivugwako amaki?
Itegeko ry'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ryateweko igikumu ku wa 9 Rusama (5) rimenyesha ko Liyetena Jenerali Gervais Ndirakobuca azwi cane ku ritazirano rya Ndakugarika, intwazangabo nkuru mu gipolisi c'Uburundi, ashizwe mu "kiruhuko c'izabuku imbere y'igihe".
Ni nawo musi na Jenerali Majoro Générose Ngendanganya na we nyene yashirwa mu kiruhuko c'izabukuru, uyu bikavugwa ko ari ingingo yafashwe hisunzwe iciyumviro c'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse, ari na we ajejwe urwego rw'igipolisi.
Liyetena Jenerali Ndirakobuca asanzwe ari we mushikiranganji wa mbere w'Uburundi kuva mu Nyakanga 2022, amabanga yajejwe asubiriye Jenerali Alain-Guillaume Bunyoni, ubu apfunzwe yagiriza ivyaha bitandukanye, harimwo kubangamira umutekano w'igihugu.
Imbere y'aho, Ndirakobuca yari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu mu nama nshikiranganji yashinzwe na Perezida Ndayishimiye ashikiriye amabanga yo kurongora igihugu, aho yamenyekane cane ku ngingo zikomeye yagiye afata, vyaboneka ko yari umuntu avuga akumvirwa.
Vyari vyitezwe ko yari agiye gutsimbataza iri junja mu gihe yari agiye kuba hejuru y'abandi bashikiranganji bose bagize inama nshikiranganji. Hagati aho, nta gihe kinini cahaciye, Ndirakobuca ntiyasubira kwumvikana cane, mbere bamwe bakaba baciye batangura kuvuga ibi na biriya, mbere bamwe bakerekana ko hoba hari ukutumvikana hagati ya we n'umukuru w'igihugu, bafatiye ku bibazo bihanze igihugu, nk'igitoro.
Ingingo ya Perezida Ndayishimiye y'ugushira mu zabukuru imbere y'igihe izi ntwazangabo iriko ivugwako vyinshi ku mbuga hwaniro, gusa si vyinshi bivugwa kuri uyu mukenyezi afise ipete risumba ay'abandi bakenyezi bose mu gipolisi c'Uburundi, abenshi bibanda cane kuri Jenerali Ndirakobuca.
Hari abavuga ngo agomba atware inama nshingamateka, nk'uyu yanditse kuri Facebook ati: "Uwo mumwitege ko agiye kunyiganza nkenguzamateka muzoba mumbwira". Uwundi na we kuri X ati: "Kumbure yoba ari ku rutonde rw'abazokwitoza. Arashobora kurongora nshinga/nkenguza mateka. Vyoba bihuriranye canke, iminsi izobitwereka".
Abandi kuri izi mbuga hwaniro bavuga ko babona ko Ndirakobuca ashobora kuba agiye gutegurirwa kuba umukandida perezida mu matora ya 2027, canke kurongora umugambwe CNDD-FDD.
Uwitwa Ngendakumana kuri Facebook agira ati: "Dushaka kumuha atware umugambwe hama tuzoce tumugira umu candidat duce tumuha amajwi akwiye acaba président. Turiko turavyiga neza".
Kuri iyi nkuru yavugishije abantu benshi kandi bamwe babona ko Ndirakobuca kumukura mu giporisi igihe kitaragera bishobora kuba ari icerekana ko hari ikibazo, nk'uwitwa Zuberi kuri Facebook agira ati:"Bunyoni agira aronke uwo batera ikiyago. Gusa niwe atumye Uburundi bugora ibamwo kubwo kubuza amakinga n'amamoto".
Ivyo ni ivyo bamwe n'abandi biyumvira, kuko muri iri tegeko ryateweko igikumu n'umukuru w'igihugu, nta mvo atanga yatumye afata iyi ngingo, akavuga ko harabwe ibiri mw'idosiye yiwe, co kimwe nyene na Jenerali Majoro Generose Ngendanganya.
Aba bahoze ari abapolisi bo ku rwego rwo hejuru bompi na bo ntibaragira ico bashikirije, niba hari imvo zatumye bashirwa mu kiruhuko igihe kitageze, canke niba ari bo nyene ubwabo bavyisabiye.
Kuba ata makuru aramvuye aramenyekana, bituma buri wese avyifuza agira ico abivuzeko, bishobora kandi kutoroha kumenya neza na neza imvo zavyo.
Kuri Facebook, uwitwa Nkurunziza ati: "Nukubirekera benevyo kuko akarimunda y'ingoma kamenywa n'uwayikanye".
Mu butumwa yishura ubutumwa bw'ishirahamwe FOCODE @FOCODE_ ryariko rigerageza kwiha insiguro kuri iyi ngino y'umukuru w'igihugu, Itangishaka we kuri X agira ati: "Ivya CNDD-FDD n'abarongozi b'igihugu bizokwama bibacanga uko nyene mwibaza ibibazo mutari buronkere inyishu".