Umushikiranganji wa mbere mushasha Gen Gervais Ndirakobuca ni nde?

Lieutenant General de Police Gervais Ndirakobuca yahoze ari umugwanyi mu muhari wa CNDD-FDD ni we yasubiriye Gen Alain Guillaume Bunyoni mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere.

Ashinzwe ayo mabanga inyuma y'imyaka ibiri aramutswa ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano.

Gen Ndirakobuca azwi cane mu bikorwa vyo kugwanya abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c'uwahoze ari umukuru w'igihugu, umuhisi Pierre Nkurunziza mu 2015.

Ico gihe, uwo mupolisi batazira Ndakugarika yari umujanama mu biro vy'umukuru w'igihugu ajejwe ibibazo vy'igipolisi.

Yashizwe ku rutonde rw'abantu bafatiwe ibihano n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Buraya, EU, yagirizwa kuba intambamyi ku nyishu ya politike ku bibazo vyo mu Burundi, mu gutanga amategeko yo gukoresha inguvu z'umurengera.

Yagirizwa ahanini ivyabaye itariki 26, 27 na 28 mu makaratiye ya Nyakabiga na Musaga.

Gen Ndirakobuca ari mu barokotse ubwicanyi bw'abanyeshure b'abahutu kuri kaminuza y'Uburundi mu 1995, aho yiga mu mwaka wa kabiri mu gisata ca Chimie.

Ico gihe niho yaca agenda kugwana mu muhari CNDD FDD.

Ariko mu nyuma yarasubiye mw'ishure, yiga amategeko kuri kaminuza Hope y'i Bujumbura aho yaronse urupapuro rw'umutsindo rwa Licence mu 2013.

Ubuzima bw'umugwanyi

Inyuma y'imyimenyerezo ya gisirikare, yaciye ku mapeta yose gushika ku rwego rwo kurongora ingabo nka komanda ku rugamba.

Azwi kandi nk'umuntu bemera cane mu bikorwa vyo kugendereza.

Inyuma y'amasezerano yo guhagarika intambara

Gen Ndirakobuca ari mu mugwi w'abasirikare ba CNDD-FDD yarungitse gukorana n'abo mu ngabo za reta y'ico gihe, FAB, mu gikorwa co kuvanga ingabo z'izo mpande zibiri zari zimaze imyaka 10 zitana mu mitwe.

Yagiye aja mu nzego zitandukanye z'igipolisi:

  • Icegera c'uwujejwe iperereza
  • Umwe mu bagize umugwi ujejwe gukura ibigwanisho mu banyagihugu imyaka 6
  • Icegera c'umukuru w'igipolisi c'Uburundi imyaka 5
  • Icegera c'umugenduzi mukuru w'igipolisi c'Uburundi imyaka 5
  • Umukuru w'iperereza ry'igihugu
  • Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere rusangi

Gen Gervais Ndirakobuca afise umuryango ugizwe n'umupfasoni wiwe n'abana 7, abahungu batatu n'abakobwa bane.

Yavutse mu 1970 ku musozi wa Kibaya, komine Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke.