Burundi – US: Prezida Joe Biden yavanyeho ibihano vyari vyarafatiwe Uburundi

Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden ku wa kane yafashe ingingo-tegeko ivanaho ibihano ico gihugu cari cafatiye Uburundi mu 2015 gishingiye k'uko ibintu vyari vyifashe muri ico gihe.

Ingingo itavugwako rumwe ya Prezida Pierre Nkurunziza yo kwitoreza ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu mu 2015 yakurikiwe n'intureka ziturutse ku myiyerekano yo kuyanka hamwe n'ibikorwa vy'inzego z'umutekano vyo kuyitesha.

Abantu amajana barishwe abandi ibihumbi barahunga igihugu.

Prezida Biden avuga ko iyo ngingo yafashe ku wa kane ishingiye ku bimaze guhinduka mu nzira nziza kuva hashitse ku butegetsi umukuru w'igihugu mushasha.

Prezida Biden avuga ko ibintu mu Burundi ''vyahinduwe cane n'ivyabaye mu mwaka uheze" harimwo guhererekanya ubutegetsi inyuma y'itorwa rya Evariste Ndayishimiye mu 2020, ukugabanuka kw'intureka, hamwe no "kubandanya impinduka mu bisata bitandukanye".

Ku butumwa yanditse kuri Twitter, umukuru w'igihugu c'Uburundi Evaritse Ndayishimiye yakiriye neza iyo ngingo y'umukuru wa Amerika yo kuvana ibihano ku gihugu arongoye.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Ibihano ku Burundi vyari vyafashwe ku ntwaro ya Prezida Obama mu 2015.

Alain-Guillaume Bunyoni mu bakuweko ibihano.

Ico gihe hari abantu bane bari bafatiwe ibihano ku giti cabo.

Barimwo Alain-Guillaume Bunyoni, ubu asigaye ari umushikiranganji wa mbere muri reta ya Evariste Ndayishimiye.

Mu 2015, Alain-Guillaume Bunyoni yari umushikiranganji ajejwe umutekano. Bamwe mu bari mu nzego z'umutekano bagirijwe uruhara mu mahano atandukanye muri ico gihe c'intureka.

Uwundi mutegetsi mu nzego z'igihugu yari Godefroid Bizimana yari icegera c'umuyobozi mukuru ajejwe igiporisi.

Bandi babiri bari abaza kw'isonga mu bashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015: Jenerari Godefroid Niyombare n'umuhisi Jenerari Cyrille Ndayirukiye.

Harongeweko n'abandi mu nyuma. Barimwo Gervais Ndirakobuca ubu ajejwe ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati , umutekano n'iterambere rusangi. Hari na Joseph Mathias Niyonzima azwi cane mu rwego rw'iperereza mu Burundi.

Harinwo kandi Alexis Sinduhije na Leonard Ngendakumana ku ruhara mu guteza umutekano muke mu Burundi.

Ntibari bemerewe guhabwa uruhusha rwo kwinjira muri Amerika, amatungo yabo nayo yari yarafatiriwe.

Iyo nkuru nziza kuri reta y'Uburundi Amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ashobora kutayakira neza.

Ni mu gihe avuga ko Prezida Ndayishimiye ataco arakora gifadika ngo agateka ka muntu kubahirizwe, akavuga ko ivyaha birimwo kwica, kunyuruza no kwica rubozo n'ubu bikibandanga mu gihugu na cane cane ku batavuga rumwe n'iyo reta.

N'ishirahamwe rya Buraya ryarafatiye ibihano Uburundi kubera ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ryandurutse kuri izo ntureka za poritke.

Iryo shirahamwe na reta y'Uburundi bamaze umwaka urenga baganira ingene ivyo bihano vyovaho. Ishirahamwe rya Buraya rivuga ko bigeze ku "ntambwe ikomeye".

Mw'itangazo, icegera c'umukuru w'urwego rw'imari muri Amerika Wally Adeyemo avuga ko "Reta Zunze Ubumwe za Amerika zibona impinduka nziza ziriko ziragirwa na prezida Ndayishimiye mu gihe zibandanya guhimiriza Uburundi guteza imbere ibijanye n'agateka ka zina muntu mu gihugu n'uko abakora amabi babibazwa."