Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jenoside-Rwanda: ‘Séraphin Twahirwa ahorwa urwanko’ – abunganirizi
- Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bruxelles
Ku munsi ugira 36 w'urubanza rwa ba Banyarwanda babiri bagirizwa ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda, sentare yahaye ijambo rya nyuma abunganira Séraphin Twahirwa bemeza ko ahorwa urwanko.
Maitre Vincent Lurquin umwe mu bunganira Twahirwa mw'ijwi rituje yavuze ko adahakana ko habaye jenoside mu Rwanda ariko ko mu bayikoze boronderera ahandi atari kwa Twahirwa.
Yagize ati: “Twahirwa Séraphin si ico gisigo mwumva bababwiye, yari umugabo asanzwe yaronderera umuryango wiwe; ni umugabo yagendana ubumuga kuko yari yaracitse ukuguru, mbere kuva mu 1982 yari afise icuma kimufasha kugenda [Prothèse].
“Twahirwa yari abanye neza n’abantu bo mu bwoko bwose, n’ikimenyamenya ni uko yari afise umugore w’Umututsikazi, kandi mumenye ko mu manza zose zabaye mu Rwanda no muri sentare mpuzamakungu yari yashiriweho Urwanda, TPIR, nta na hamwe yigeze yagirwa n’icaha”.
Umushingwamanza Lurquin yongeyeko ko ivyo bamwagiriza vy’uko yari umukuru w’Interahamwe ari ikinyoma cambaye ubusa kuko ata numwe yavyerekanye uretse ko bategetswe n’ubutegetsi bwa Kigali.
Ati: “Aha sinadabesha ubutungane bwo mu Rwanda murazi ko butigenga na buhoro buhoro. Akarorero ni inyuruzwa rya Paul Rusesabagina ku buryo bwa reta y’Urwanda, akajanwa imbere y’amasentare mu Rwanda, agacirirwa urwa ngondagonde nk’uko mwavyiboneye.
“Nico gituma rero mwoca mutahura ko ivyo bavuze bagiriza Twahirwa ari ibonyoma”.
Nayo Juliette Lurquin, uwundi yunganira Twahirwa, yavuze ko ivyo bamwagiriza ari rementanya ryakorewe Twahirwa, aho yabishimangiye agira ati:
“Ndi umugore, ndazi ko gufata ko nguvu ari ishano ariko abamwagirije ko yafashe abagore ku nguvu mwarabonye ko ata cemezo na kimwe batanze, biboneka ko ari ivyo barementanije; ni abagore nkanje ariko baramubesheye”.
“Mwarumvise umugore wa Twahirwa avuga ko yategetswe kwagiriza umugabo wiwe na leta ya Kigali hanyuma mu kurondera gucungura agatwe akavyemera, mwarumvise umukobwa wiwe Oliva Twahirwa yaje ngaha avuga ko bamutegetse kwagiriza se, eka n’umuhungu wiwe vyabaye ngombwa ko aja kuba mu buhungiro kubera yategetswe kwagiriza se, muca mubona ko vyose ari irementanya”.
Urubanza rwa Seraphin Twahirwa na Pierre Basabose rumaze imyaka 16 mu Bubiligi, rukaba rwitezwe kurangira igenekerezo rya 11 ukwezi rwa 12 bumvirizwa irya nyuma ruheze ruje mu mwiherero, ibizoruvamwo bikamenyekana inyuma y’indwi.