Rwanda: ‘Ni Satani yateye ishengero’ – Umuvugizi wa Zion Temple ya Gitwaza

Gitwaza

Ahavuye isanamu, Zion Temple

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze RGB yahakanye ingingo y’abungere bavuga ko batangurije hamwe na Gitwaza ishengero Zion Temple

Ishengero Authentic World Ministries/Zion Temple mu Rwanda rihanura abakozi b’Imana bituye sentare y’iki gihugu basaba ibogozwa ry’umukuru waryo Dr Paul Gitwaza ko bosaba imbabazi, hanyuma bagakurikiza inzira zizwi n’amategeko mu gihe boba bashaka gusubira mw’iri shengero.

Ni inyuma y’aho ejo ku wa gatanu, igenekerezo rya 25 Munyonyo (11), sentare nkuru ya Gasabo imenyeshereje ko ikirego catanzwe n’abayituye kw’izina ry’iri shengero basaba ko Dr Gitwaza abogozwa kitakiriwe.

Mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka uheze, urwego rw’igihugu rujejwe intwaro ibereye (RGB) rwahakanye ingingo y’abungere Claude Djessa, Dieudonné Vuningoma, Pierre Kaberuka, Richard Muya, Charles Mudakikwa na Paul Daniel Kukimunu yahagarika Gitwaza, rukavuga ko iteye kubiri n’amategeko.

Aba bavugabutumwa bari bitwaye basaba sentare gutesha agaciro iyi ngingo ya RGB ihagarika iri bogozwa rya Gitwaza, aho bavuga ko yashingiye ku nyandiko bo bafata nk’iz’amanyanga.

Umuvugizi w’iri shengero Jean Baptiste Tuyizere yabwiye BBC ko kubona abitwaye batakiri no muri iri shengero ata yindi ntumbero bafise atari ukurondera kurisibanganya.

Tuyizere yabwiye BBC ko muri aba batandatu bitwaye hari abibereye hanze ubu bariko basaba ubuhungiro iyo bagiye nko muri Canada, akabona ko ikirego bashikanye muri sentare ata yindi ntumbero gifise atari iyo gutoba.

Ati: “Ni satani yateye ishengero kugira ngo arisibanganye, arizanemwo amacakubiri”.

Mu gihe abitwaye bobo bemeza ko bari babifitiye ububasha, Tuyizere avuga ko ata burenganzira bafise bwo kurondera kubogoza umukuru w’iri shengero kuko “barivuyemwo bashinga irindi ryabo, World Revival Center Church”.

Hagati aho, Tuyizere avuga ko, mu gihe bokwemera ko bakoze amakosa hanyuma bagasaba imbabazi, ata cobuza ko basubizwa mu ruhongore mu gihe boba bavyipfuza.

Ati: “Nimba babona ko iyo bagiye gukorera vyananiranye, bakaba bipfuza kugaruka muri Zion Temple, ni bakurikize amategeko n’inzira zemewe nk’uko n’abandi babikora, twebwe amarembo aruguruye twebwe turiteguye kubakira”.

Aba bungere batandatu bacanyemwo na Dr Gitwaza bagiriza RGB gushingira ku mategeko agenga ishengero ryabo bavuga ko yakozwe mu kinyegero mu 2019 abarishinze batabizi.

Uretse mu Rwanda no mu Burundi, iri shengero rifise amashami ahatari hake ku migabane ya Bulaya na Amerika.

Umuvugizi waryo, Jean Baptiste Tuyizere, avuga ko biteguye kuzokwitaba mu gihe aba baraye bahebujwe bunguruza urubanza, ariko ko kuri we ata kamaro.