Lukaku asaba ko 'ingingo nyazo' zifatwa nyuma yo gutukwa kubera uko asa

Romelu Lukaku avuga yuko iciciro cambere c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo mu Butaliyano kizwi nka Serie A, "ubu hoho gikwiye gufata ivyemezo biboneka" nyuma yo gutukwa n’abafana ba Juventus ibitutsi bifatiye ku rukoba, imbere yuko ahabwa ikarata itukura mu rukino rw’ejo kuwa kabiri.

Yeretswe ikarata y’umuhondo igira kabiri ahowe gushira urutoke ku munwa ari imbere y’abafana b’ikipe yakinira iwayo, ahejeje kwinjiza igitsindo ca penaliti ku munota wa 95 mw’ihiganwa ry’igikombe ca Coppa Italia.

Uyu musatirizi wa Inter Milan yanditse ku rubuga Instagram ati "Amateka arisubiyemwo. Vyaranshikiye mu 2019 birasubiriye kandi mu 2023.

"Uyu mukino mwiza wari ukwiye kwiginwa na bose."

Yongeyeko ati: "Ndizera ko abategura ihiganwa ubu hoho bazogira ico bakora."

Michael Yormark, umukuru w’ikigo Roc Nation Sports International giserukiye Lukaku yagize ko ivyo bitutsi "vyari birengeye akamaramaza".

Juventus yavuze ko izokorana n’abapolisi mu kumenya abakoze ivyo muri urwo rukino.

Urwandiko rugira ruti: "Juventus Football Club, nk’uko vyama, iriko irakorana n’igipolisi mu kumenya abakoze iryo vangura rifatiye ku rukoba ryarimwo kuririmba n’ibimenyetso ejo mw’ijoro".

Haradutse ibisa no gutana mu mitwe hagati y’abakinyi bo ku mpande zombi nyuma y’igitsindo ca Lukaku co kunganya.

Kapiteni wa Inter, Samir Handanovic, hamwe n’umukinyi wo hagati, Juan Cuadrado, bahawe amakarata atukura nyuma y’ifirimbi yanyuma, akajagari karabandanya hepfo mu muhora uva mukibuga.

Mu rwandiko, Yormark yagize ati "gutukwa gufatiye ku rukoba kwakorewe Romelu Lukako muri iri joro ntigushobora kwihanganirwa.

"Romelu yinjije penaliti mu minota yanyuma y’urukino. Mbere yo kuyitera, mu kuyitera na nyuma yaho yaravugirijwe urwamo hamwe n’ibitusi bifatiye ku rukoba biteye iseseme.

"Romelu yiginye uko asanzwe yigina ibindi bitsindo. Ariko inyishu y’umuhagarikizi yabaye iyo kumuha ikarata itukura.

"Romelu akwiye gusabwa ikigongwe na Juventus kandi nizigiye yuko abajejwe ihiganwa bazokwiyamiriza inyifato y’abarorerezi ba Juventus bidatevye.

"Abajejwe intwaro mu Butaliyano bategerezwa kuboneraho akaryo ko guhangana n’amacakubiri y’urukabo, hako hahanwa abahohotewe."

Lukaku, yasubiye muri Inter kw'ideni avuye muri Chelsea mu ci riheze, yarahuye n’amacakubiri y’urukoba igihe yakinira Inter mbere hagati ya 2019 na 2021.

Mu kwezi kwa Myandagaro (9) 2021, Lukaku yavuze yuko urukino "ruriko rurasubira inyuma nk’ibirenge" nyuma yo kwifatirwa mu gahanga n’abafana b’ikipe ya Cagliari.