Umwamkazi Elizabeth: Abaganwa William na Harry bahujwe n’urupfu rwa inakuru wabo

Ahavuye isanamu, PETER NICHOLLS
Abandika amakuru bashobora kuba bariko bibaza ibintu vyinshi bokwandika ku bijanye “n’aba bantu bavukana bankana urunuka” canke “abavukana bahuriye mu mubabaro”.
Kuba abantu babonye abaganwa bavukana, William na Harry, baramukanya n’isinzi ry’abantu bari kumwe kizoba ikintu ntibagirwa kandi kitari citezwe muri ino misi y’umubabaro.
Bari kumwe n’abagore babo, Catherine na Meghan, baramukanije n’abantu i Windsor, mu buryo butari bwitezwe mu ndwi iheze, igihe aba basamuragwa basubira mu Bwongereza.
Ico gihe havugwa indyane n’ukudacana uwaka hagati y’imiryango ya William na Harry . Bavugwa ko bari mu nzu zegeranye i Windsor, ariko imitima yabo iri kure na kure. Iyi miryango ntiyari bwigere ibonwa iri kumwe ku mugaragaro mu kiringo kirenga imyaka ibiri.
Ibi vyose vyagiye guhinduka ku wa kane. Nimba William na Harry ata mugambi wo kubonana bari bafise, bisanze bahuriye hamwe mu buryo ata muntu n’umwe yari avyiteze.
Bisa n’uko hari haciye igihe kirekire, ariko inyuma y’aho Umwamikazi, inakuru wabo, vyankiye, igihugu cose kiriko kibaza amakuru y’amagara yiwe, aba bavukanyi vyabaye ngombwa ko bompi bafata ingendo bakaja i Balmoral aho yari arwariye.
Imiryango irashobora gucanamwo mu bihe vy’umubabaro. Ivyiyumviro bikaba vyinshi kandi bigahakwa no kuja ahabona. Biroroshe ko impari za kera zivyurwa n’umubabaro.

Ahavuye isanamu, POOL
Ariko kandi kubura umukunzi gushobora kugarukana umwumvikano, mukararabira hamwe ibintu hanyuma mugashira ku ruhande ibibatandukanya. Gishobora kuba igihe ciza co gusubirana.
Nivyo, ku muntu atabizi, nta n’umwe yomenya ivy’ari vyo akurikiranye imboneshakure yonyene.
Mbega uku kwari ukwiyerekana gusa? Boba bari babwiwe ko bategerezwa kunyegeza ibibatandukanya hanyuma bakerekana ubutumwa bwiza?
Ibintu ntibigiye kworoha ariko bizoguma hagati y’aba bavukayi. William na Harry bari bamaze kuba mu bihe bigoye cane bakiri abana, igihe nyina wabo, Umuganwakazi Diana apfa ahitanywe n’isanganya mu 1997.
Ku banyagihugu bari babirindiranye igishika, mu ntumbero yo kwerekana ko bifatanije umubabaro n’umuryango w’ibwami, bararyohewe cane babonye William na Catherine, Harry na Meghan, baseruka bari kumwe. N’imiburiburi mu kiringo c’iminota mikeya, ibi bihangange bine vy’ibwami vyarasubiranye. Barifatanije n’abanyagihugu.
Nk’uko amakuru ava ibwami abivuga, Umuganwa William niwe yasavye Umuganwa Harry na Meghan ko bojana muri uru rugendo.
Nivyo ko iki gihe bagiye hamwe, ariko nta nkeka ko ari kandi igihe co kutumvikana gukomeye. Aba bavukanyi bari hafi yo gufata inzira zitandukanye.

Ahavuye isanamu, POOL
Igihe Umwamikazi asandavye, William yaciye aba samuragwa w’ingoma. Azotegerezwa kumenya neza igikorwa kimurindiriye. Ari ku rwego rushasha kandi rukomeye gusumba murumunawe.
William ubu ni Umuganwa wa Wales, izina bompi, gushika ejo bakoresha mu guhamagara se wabo.
Igihe ingoma y’Umwami Charles III itangazwa ejo ku wa gatandatu, William yari ahagaze neza inyuma y’umwami mushasha, ari we se wabo.
Bisa n’uko Umwami hamwe na Camilla, uyu nawe ubu akaba ari Umutambukanyi w’Umwami, hamwe na William na Catherine, ari bo bagiye kuba inkingi y’ingoma. Aba bantu bane nibo bari bakunze kuboneka bari kumwe igihe Charles yaserukira nyina wiwe.
Umuganwa Harry wewe yafashe inzira itandukanye, aho we na Meghan n’umuryango wiwe bibera muri California mu vyabo. Bategerezwa gutangura ubuzima bwabo inyuma y’aho bavavanuriye n’ubuzima bw’ibwami, bakaba batakiri kumwe n’umuryango w’i bwami.
Baravugwa cane mu banyagihugu, ariko atari neza igihe cose, bikaba bisa n’uko ibinyamakuru bibakorerako cane.










