Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Uwarinda iyororero ry'ibikoko ry'uwari umukuru w'igihugu Obasanjo yishwe n'intare yagaburira
- Umwanditsi, Chris Ewokor
- Igikorwa, BBC News, Abuja
Igipolisi ca Nigeria gitangaza ko uwarinda ikigo c'iyororero ry'ibikoko yariwe n'intare mu bumanuko bushira uburengero bw'ico gihugu igihe yari agiye kuyigaburira agasiga umuryango wuguruye.
Uyu mugabo w'imyaka 35 yahuye n'ibi vyago yakora muri iki kigo c'iyororero ry'ibikoko c'uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Olusegun Obasanjo i Abeokuta, umugwa mukuru w'intara ya Ogun.
Mw'itangazo yasohoye, umuvugizi w'igipolisi caho, Omolola Odutola, avuga ko "ino ntare yafashe uno mugabo mu gakanu ikamukomeretsa bikomeye gushika aho asandaba".
Avuga ko mu nyuma vyabaye ngombwa ko ino ntare iraswa "kugira ngo irekure uno mugabo".
Itangazo riva mw'isomero (bibliothèque/library) rya Olusegun Obasanjo, uno murinzi yari yajanye abashitsi kubereka ingene ino ntare igaburirwa inyuma y'amasaha y'akazi ku mugoroba wo ku wa gatandatu.
“Uno murinzi, bisa nk'uko ata makenga yari afitiye iyi nyamaswa, yaretse kwugara umuryango igihe yaja kuyigaburira, maze ica imusimbirako iramutabagura aca apfira aho nyene.
“Kugira ngo ntibandanye itabagura ikiziga, iyi nyamaswa yaciye iraswa ubwo nyene n'abakozi b'iki kigo c'iyororero".
Igipolisi kivuga ko uno nyakwigendera azwi kw'izina rya Babaji Daule, yari umuntu yigishijwe gutunga intare.
Hari haciye igihe kidashika umwaka hari uwundi murinzi w'inyamaswa na we nyene yatewe akicwa n'intare kw'ishure kaminuza Obafemi Awolowo University, na yo nyene iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Nigeria.
Iri sanganya ryateje impungenge aho abanyagihugu batanguye kwibaza ibibazo vyinshi ku bijanye n'amategeko agenga ibigo vy'amayororero y'ibikoko no gucunga ibikoko vyo mw'ishamba.