Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Indoto z'umupira n'ubugwizatunga' - Ronaldo ntata hasi ku myaka 40
- Umwanditsi, Marcus Alves
Rimwe rimwe, Cristiano Ronaldo yarandikira ubutumwa umuganga w'umugwi w'igihugu wa Portugal Jose Carlos Noronha.
''Amahoro muganga, hari inkuru y'ubumenyi (science) wombwira nkaba ndasoma?'' Niko Ronaldo yakunda kubaza.
Ico camamare cavukiye i Madeira aramaze kwemera ko ''aryoherwa no kwiga'' no ''gukunda cane ibijanye no kuramba,'' gutyo rero nta catangaje Noronha, azi uwo mukinyi w'imbere kuva igihe yinjira muri Manchester United ubwa mbere.
Uwo muganga, yemerwa cane mu gihugu gushika aho Jose Morihno amwita ''Wa wundi umwe adasanzwe'', rimwe yigeze kuvuga ko Ronaldo ''afise ishaka ryo kumenya [ibintu] cane''.
''Yarambaza ko ata nyandiko nshasha z'ubumenyi yoba arasoma ku bijanye n'ingaburo canke ibindi bibazo bisa n'ivyo,'' nk'uko Noronha avuga. ''Ni umuntu akora ibikenewe kugira agumane urugero rwo hejuru rw'amagara y'umubiri no mu mutwe. Ni akaroro k'ukuri.''
Mu gihe kuri uyu wa gatatu ahimbaza isabukuru ry'amavuka, Ronaldo yiyemeje kwerekana ko ubuzima butangura ku myaka 40.
Kandi na n'ubu nta kwigirira icizere abuze.
''Nibaza ko ndi umukinyi wa mbere yujuje ibisabwa vyose atari bwigere abaho,'' niko yavugiye ku mboneshakure ya Espagne. ''Ku bwanje, nibaza ko ari jewe. Ibintu vyose ndabikora neza mu mupira w'amaguru.
''Kimwe mu bindyohera - niba ukunda Messi, Pele, Maradona, ivyo ndavyumva kandi ndavyubaha - ariko kuvuga ko Ronaldo atujuje vyose... nije nujuje ibintu vyose kurusha abandi bose. Nta muntu n'umwe ndabona mwiza [mu mupira] kundusha, kandi ivyo ndabivuga bivuye ku mutima.''
Ntiyamye afise ico ciyumviro c'uko imyaka itomubuza kubandanya akina aho hose azoba aciyumva ko yobishobora.
Umwe mu bo bahora bakinana Costihna aribuka ikiyago bagiranye igihe uwo nimero indwi yatangura gukinira Portugal mu rukino rwa kivandimwe rwabahuza na Kazakhstan mu 2003.
''Yambwiye ati,' Costa, nzokina gushika ku myaka 30 hanyuma nce nkora ibindi.'''
Uretse ko ivyo yavuze atavyubahirije, ahubwo yabandanije kwinjiza ibitsindo vyinshi mu myaka yiwe ya 30 -460 - gusumba ivyo yinjije mu myaka yiwe ya 20 -440.
Ivyo ntibisanzwe na gato, ariko kandi nta na kimwe gisanzwe cigeze kibaho kuri Ronaldo.
Uwo asigaye akinira Al-Nassr ubu yifuza gushika kure kurusha aho ubu yinjiye mu myaka 40 kandi nta kimenyetso ko agiye gufata ikirihuko c'izabukuru ubu vuba.
N'ubwo abafana biwe baguma bamunegura, kandi akaba ahanzwe no kuzima mu nkino kumbure ubwa mbere, mu mutwe iwe, aracafise vyinshi vyo gushikako.
Bimwe mu bimuraje ishinga birimwo:
- gukina mu gikombe c'isi ca 2026 - no gutahana umudari, kuva aho aherukiye kuvuga ko yifuza ''kugira ikindi atsindiye ari kumwe n'umugwi w'igihugu''
- gushikana ibitsindo 1.000 mu mwuga - ubu afise 923
- gushikana ibikombe 250 vya Portugal - ubu afise 217;
- hamwe no guhurira mu kibuga n'umuhungu wiwe Cristiano Ronaldo Jr, ubu afise imyaka 14 akaba akinira umugwi w'abana muri Al-Nassr
Iyo hageze kuri Ronaldo, abavukagihugu biwe barazi ko, nk'uko akunda kuvuga, ''nta bidashoboka''.
''Ronaldo arakora ibintu, kandi abikora azi impamvu zose. Ndazi neza ko azobandanya uwundi mwaka, ibiri, canke mbere itatu,'' vyavuzwe n'uwahora ari umumenyereza wiwe muri Al Nassr Luis Castro.
'Atuma igihugu cacu gito kimenyekana kw'isi yose'
Vyari bigoye kubona hakiri kare ko Ronaldo yari gushika ku vyo amaze gushikako vyose, ariko kuva mu ntango yarabigendera.
''Ndibuka twiteguriye kwinjira mu kibuga gukina na Manchester United (mu rukino rwa kivandimwe mu 2023 ku kibuga ca Alvalade), imigwi yompi itonze ibangabanganwa - United n'abakinyi b'ibihangange nka [Ryan] Giggs, Paul Scholes, na [Ruud] Van Nistelrooy,'' Joao Aroso, yari umumenyereza wo kwinonora wa Sporting ico gihe, niko yabwiye BBC Sport.
''Wari kwitega ko Cristiano, w'imyaka 18 ico gihe, abaraba, abo bakinyi rurangiranwa. Ariko ndibuka ndaba Ronaldo nkabona yitayeho urukino gusa, adasamara na gato - ntiyigeze abaraba n'iryahumye.
''Ivyo bisigura vyinshi ku kuntu ateye.''
Ronaldo yavuye aho aja muri United, hanyuma muri Real Madrid amaherezo muri Juventus, atsindira umupira y'inzahabu (Ballon d'Or) gatanu, aba n'umukinyi ngira wa mbere akomeye kurusha abandi muri kahise k'umupira w'amaguru muri Portugal.
Umwe mu bigeze kuba abamenyereza muri United Mick Clegg umugereranya n'abantu nka Leonardo da Vinci, Albert Einstein, Isaac Newton, Nikola Tesler na Stephen Hawking. Abo nabo ni abaki? Ni ibimeneke mu bwenge kandi nawe ni ikimeneke.
''Mu nzu yo kwinonora (gym) igihe yaza muri United yavuze ati 'nzoba umukinyi wa mbere akomeye kw'isi'. Vyari bitangaje. Ateye ukwa wenyene.
Ronaldo amaze kugira uruhara muri 30% y'inkino zose zimaze gukinwa n'umugwi w'igihugu. Ariko na cane cane, yarahinduye ingene uwo mugwi wari umaze imyaka mwinshi ubonwa nk'uwufise akarwara ko kwumva ko ari muto kari karawubujije kugira ico ushitseko muri kahise.
Aroso avuga ko Ronaldo afise uko ateye kwa wenyene nk'uko Maradona yari afise uko ateye kwa wenyene, nk'uko Pele yari afise uko ateye kwa wenyene, nk'uko Messi ateye ukwa wenyene.
''Ico nshaka kwerekana ni uko kuri Portugal, kugira umukinyi nka Cristiano iri ikintu gikomeye cane. Turi igihugu gito kidakunze kwandika izina kw'isi hanze y'umupira w'amaguru.
''Arafasha igihugu cacu gito kumenyakana kw'isi yose kubera ibintu bikomeye- kubera Cristiano n'ibintu vyiza vyose ahagarariye.''
Nta nkeka nyinshi zihari - ko Portugal ironse itike - azokina mu gikombe c'isi ca 2026. Ahari kabaza ni ukumenya niba azoshika mu ca 2030, igihe igihugu ciwe kizoba kiri mu vyakira inkino z'ico gikombe.
''Nta nkeka [ko abishobora]. Azokwishira ku wundi murongo w'ivyo arya hanyuma abe ahari, atiremereye,'' niko uwahoze akina ku mpande Nani yavuze ariko aramwenyura.
Ibikorwa vyinshi vy'ubugwizatunga
Mu gihe kunagura amasezerano yiwe na Al-Nassr vyoca bimugira umwe muri ba nyene uwo mugwi wo muri Arabia Saudite, integuro yayo ikaba ari ku meza, Ronaldo arindiriwe gutangaza ingingo yafashe.
Mu gihe harindiriwe kumenya aho azokina inyuma y'ukwezi kwa Ruheshi, aja ariko arategura kazoza kiwe.
''Ndacari muto cane, mfise imigambi n'indoto nyinshi, ariko mumfatire kw'ijambo mvuze - Nzoba nyene umugwi ukomeye, nta nkeka,'' niko Ronaldo yiyemeje mu birori vy'udushimwe twa Globe Soccer Awards.
Uretse ivyo mu kibuga, urubanza rwari rumaze imyaka myinshi rw'uko yoba yarasambanije ku nguvu ubu rwaramuvuyeko.
Amaze igihe yubaka ibikorwa vy'ubugwizatunga vyinshi birimwo imitahe mu bisata bitandukanye- ama terevisiyo, amahoteri, amavuriro yo gutereramwo ingingo, urukino rwa padel, n'uduhuzu two munsi.
Ku bwa Expresso, ikinyamakuru gikomeye co muri Portugal gisohoka buri ndwi, amaze kugwiza akarega incuro zibiri igitigiri c'ama kompanyi afisemwo imitahe abicishije muri kompanyi yiwe , CR7 SA, muri iyi myaka ibiri iheze. Zose hamwe afise imitahe mu makompanyi 21 atandukanye.
Ronaldo, yabaye uwa mbere yanyarutse cane gushikana umuriyoni w'abamukurikira kuri You Tube - ubu afise miriyoni 73 - mukuruwe Hugo Aveiro n'uwo bahoze bakinana muri Sporting Miguel Paixao bari mu bamufasha gukurikirana ivyashara vyiwe.
Umwe mu bazokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu muri Portugal yamenyesheje ubu vuba ko yifuza ko Ronaldo yoba mu bagize reta yiwe hamwe yotsinda. Ariko ivyo vyoba biribagirwa. Nibura gushika ubu.