Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Utambaye agapfukamabere, ntukora ikibazo': Itegeko rya kaminuza yo muri Nigeria ryateje uburakari
- Umwanditsi, Mansur Abubakar
- Igikorwa, BBC News, Kano
Ishure kaminuza rimwe ryo muri Nigeria ryateje uburakari inyuma y'aho hazungurukiye videwo yerekana abanyeshure b'abakobwa bariko barakorakorwako kugira ngo bumve ko bambaye udupfukamabere imbere y'uko bemererwa gukora ikibazo.
Muri iyo videwo, abigisha b'abagore kuri kaminuza ya Olabisi Onabanjo mu ntara ya Ogun iri mu bumanuko bushira uburengero bw'ico gihugu baboneka bariko bakorakora bamwe muri aba banyeshure mu gikiriza mu gihe bari batonze umurongo kugira binjire mu cumba bakoreramwo ikibazo.
Iyi kaminuza ntaco iravuga kuri iyi videwo, ariko umukuru w'abanyeshure ashigikira iri tegeko ko riri mu bigize amabwirizwa ngenderwako y'iryo shure afise intego yo "gukuraho ibisamaza".
Hagati aho, aremera ko hakenewe izindi nzira zo gushira mu ngiro iri tegeko rinegurwa ko ryataye igihe, ko ari ihohotera n'ikubagurwa bishingiye ku gitsina.
Umutegetsi wo hejuru mw'ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu Human Rights Network yabwiye BBC ko abanyeshure bakwiye kwitwarira iyi kaminuza yahonyanze uburenganzira bwabo.
Haruna Ayagi agira ati: "Gukora ku mubiri w'uwundi muntu atabishatse ni uguhonyanga amategeko kandi bishobora gutuma umuntu akurikiranwa n'amategeko. Iyi kaminuza yakoze amakosa mu gukoresha ubu buryo mu kubuza inyambaro itabereye".
Umunyeshure w'umwigeme atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye BBC ko iyi kaminuza yashizeho iri bwirizwa ngenderwako ruhasha kandi atari ikigo cegamiye idini.
Avuga ko impuzu zabo buri gihe zama zigenzurwa.
Mu kwishura aba biyamiriza iri bwirizwa, umukuru w'ihuriro ry'abanyeshure b'iyi kaminuza, Muizz Olatunji, yavuze ku rubuga rwa X ko iyi kaminuza yashinze "amabwirizwa ngenderwako ajanye n'inyambaro mu ntumbero yo kwubahiriza indero no gukuraho ibisamaza, ahimiriza abanyeshure kwambara ibisanzwe kandi bakurikije indangagaciro z'ikigo".
Avuga kandi ko iri tegeko atari rishasha, kandi ko ihuriro "ririko rikorana n'abarongoye ishure mu kurondera uburyo bundi bwo gutorera umuti inyambaro itabereye, yibanda ku migenderanire y'icubahiro n'iteka hagati y'abanyeshure n'abakozi".
Yasohoye kandi amategeko ngenderwako ajanye n'inyambaro, arimwo itegeko ribuza kwambara impuzu iyo ari yo yose "ishobora gutuma uwo basangiye canke badasangiye igitsina amwipfuza mu buryo butabereye".
Iyi kaminuza yashinzwe mu 1982 yitwa Kaminuza y'intara ya Ogun (Ogun State University) igihe Olabisi Onabanjo yari buramatari wayo. Yamwitiriwe mu 2001.