Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Bemeje integuro y’itegeko rikingira abubakanye basangiye igitsina
Inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje integuro y’itegeko rikingira abubakanye basangiye ibitsina hamwe n’abubakanye badasangiye amoko.
Iri tegeko rica risubira mu nama nshingamateka yiteze kuryemeza hanyuma ice irirungikira umukuru w’igihugu Biden kugira ngo aritereko igikumu.
Abashigikiye iri tegeko bizeye ko ryemezwa imbere y’uko Abarepubulika bafata Inama nshingamateka mu kwa mbere.
Hagati aho, iyi nteguro ntitegeka intara zose mu gihugu gushingira abubakana basangiye igitsina.
Integuro y’iri tegeko yagiye kuronka inguvu inyuma y’aho, mu kwa gatandatu, Sentare nkuru y’igihugu ifatiye icemezo igafuta uburenganzira bwo gukorora inda bwatangwa n’igihugu.
Abaharanira agateka k’abari muri wa murwi w’abahuza ibitsina babisangiye (LGBT) bafise ubwoba ko uburenganzira bwo kurongorana hagati y’abasangiye igitsina bushobora kugwa mu ngorane mu mezi ari imbere.
Abemeje iyi nteguro mu matora yabaye nijoro ku wa kabiri ni 61 kuri 36 ,aho Abarepubulika 12 bayemeje.
Iyi nteguro yagiye gushigikirwa n’abakenguzamateka b’Abarepubulika inyuma y’aho yongewemwo ingingo zikingira ubwigenge bw’amadini.
Integuro y’iri tegeko ifise intumbero yo gushimangira uburenganzira bw’abarongorana basangiye ibitsina mu mategeko y’igihugu, n’aho ababana muri iyo nzira basanzwe bakingiwe mu gihugu biciye mu ngingo Sentare nkuru y’igihugu yafashe imbere y’aha.
Mw’itangazo, umukuru wa nyarwinshi mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer arashimagiza iyi ngingo, akavuga ko ari intambwe ikomeye “mu rugendo rurerure rutera ruja ku buringanire nyabwo”.
"Mu kwemeza iyi nteguro, inama nkenguzamateka irungitse ubutumwa buri munyamerika akeneye kwumva: Ata kuraba uwo uri canke uwo ukunda, na wewe ukeneye iteka no gufatwa kumwe nk’abandi imbere y’amategeko”.
Tammy Baldwin, umukenguzamateka wa mbere w’umu-Democrat yavyiyemeje ku mugaragaro, akongera agafata iya mbere mu rugamba rwo guharanira iyi nteguro, avuga ko iri tegeko “rizokingira intambwe yashitsweko bigoranye” ku burenganzira bw’abubakana basangiye ibitsina muri Amerika.
Iyi nteguro nshasha ikuraho ku mugaragaro itegeko rikingira ugushingira, rizwi nka Defense of Marriage Act (DOMA) ryo mu 1996 risigura neza ko ukurongorana biba gusa hagati y’umugabo n’umugore.
Mu 2013, Sentare nkuru y’igihugu yafashe ingingo yavuga ko iri tegeko riteye kubiri n’ibwirizwashingiro.
Integuro y’iri tegeko yaraye yemejwe n’inama nkenguzamateka isaba kandi intara kwemera abubakanye basangiye ibitsina bashingiraniye mu zindi ntara.
Isaba kandi intara gukora ku buryo abubakanye basangiye ibitsina baronswa uburenganzira butangwa n’igihugu.
Aya matora yabaye inyuma y’ibiganiro hagati y’imigambwe yompi iri mu nama nkenguzamateka vyamaze amezi atari make, akaba kandi abaye inyuma y’amatora aheruka yo hagati muri manda, akaba ahumuriza bamwe mu bakenguzamateka.