Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Tottenham iripfuza Rodrygo wa R Madrid kugira asubirire Son
Tottenham iripfuza kugura umukinyi wo ku ruhande wa Real Madrid na Brezili Rodrygo w'imyaka 24, kugira ngo asubirire umusatirizi wayo, umunya Korea y'Epfo Son Heung-min w'imyaka 33 yamaze gutangaza ko agiye gusezera aba-Spurs. (AS - mu ki Espagnol)
Manchester United iriteguye gutanga amahera angana n'ayo Newcastle United imaze kwemera gutanga ku musatirizi wa RB Leipzig na Slovenia Benjamin Sesko w'imyaka 22. (Sky Sports Germany)
Newcastle ishinze ijisho kandi umusatirizi wa Paris St-Germain na Portugal Goncalo Ramos w'imyaka 24, ari nka hamwe vyokwanka ko itahukana Sesko. (Mail)
Inter Milan iripfuza uwahoze ari umusatirizi wa Manchester United n'Ubwongereza Mason Greenwood w'imyaka 23, ubu asanzwe akinira Marseille yo mu Bufaransa. (Corriere Dello Sport - mu Gitaliyano)
Umunyegori wa Paris St-Germain n'Ubutaliyano Gianluigi Donnarumma w'imyaka 26 aripfuza kuja gusamira Manchester United. (Teamtalk)
Mu biganiro warimwo na Chelsea vyo kurondera kugura umukinyi wo hagati w'Umunyaholande Xavi Simons w'imyaka 22, umurwi RB Leipzig wo mu Budagi wipfuje kumenya ivyerekeye umukinyi w'inyuma w'Umwongereza Tyrique George w'imyaka 19. (Fabrizio Romano)
Umurwi Al-Hilal wo muri Arabia Sawudite uriko urondera umusatirizi wa Liverpool na Uruguay Darwin Nunez w'imyaka 26. (Athletic)
Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United na Brezili Antony w'imyaka 25 ntiyerekwa ivyo kwimukira muri Arabia Sawudite, akaba ahubwo yipfuza kwimukira muri Real Betis, yari yaratijijwemwo mu mwaka w'inkino uheze.(Sport - mu ki Espagnol )
Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester United na Argentina Alejandro Garnacho w'imyaka 21 nta kindi ashira imbere atari ingene yoshobora wimukira muri Chelsea ubu akaba arindiriye ko ibiganiro bitangura kugira ngo yigire. (Fabrizio Romano)
Dele Alli w'imyaka 29 yahoze akinira Ubwongereza ariko arondera umurwi womwakira inyuma y'uko abwiwe ko atakiri mu migambi ya Como yo muri Serie A (ihiganwa ryo mu Butaliyano). (Times)