Umurimyi wo muri Kenya: ‘Mfise ubwoba ko inzovu zizohava zinyica’

Woman leaning over a fence

Ahavuye isanamu, Esther Mbabazi/BRC

Insiguro y'isanamu, Monicah Muthike Moki aguma acunze umurima wiwe araba ko ata nzovu ziteye

Mu rukurikirane rw’amakete y'abamenyeshamakuru b’Abanyafrika [ducishamwo rimwe na rimwe], Ismail Einashe araraba ingene ihindagurika ry’ibihe muri Kenya ririko rirakomeza intambara hagati y’ibikoko n’abantu.

Grey line

Mu ntuguta yo ku muhingamo mu kigwati gito ca Njoro Mata muri Kenya, umurimyi ariko arakizura araba ivyononywe n’inzovu mu murima wiwe.

Ivyo bikoko binini cane bigize igihe bitera itongo rya Monicah Muthike Moki riri muri Kenya y’ubumanuko aho rirabana n’umusozi Kilimajanjaro.

Uwo mugore w’imyaka 48 areze abana batatu wenyene uburaro n’uburamuko bwiwe buhagaze ku bikorwa vy’umuruho vyo kurima imyumbati, ibigori, ibitoke, ibikaju (imisigati) n’imyembe.

Umwimbu wiwe wari warongerekanye kubera ubuhinga bushasha bwo kurima yakoresheje afashijwe n’umuryango wa Croix Rouge, ariko muri aya mezi aheze, imirima yiwe azeyeko rurunini yagiye irononwa n’inzovu.

Moki avuga ko inzovu ziza buri munsi ziva mu ruhongore (parc) kama rw’igihugu rwa Tsavo, rumwe mu mpongore kama z’ibikoko nini kw’isi, rurimwo inzovu hafi 15.000.

Avuga ko abungere basenyuye uruzitiro kugira bashikire uburagiro bw’ubusho bwabo muri urwo ruhongore ariko inzovu nazo zica zisohoka.

Mu gihe haheze imyaka imvura yikurikiranya kugwa nabi, abungere bahanzwe no kuronka uburagiro bw’ibitungwa vyabo, inzovu nazo zikaba zisigaye zigenda imirambi miremire kugira zironke ikizibeshaho.

Inyifato y’ivyo bikoko iterwa n’ihindagurika ry’ibihe riguma rikomera muri Kenya hamwe n’uruzuba, bigatera intambara hagati y’ibikoko n’abantu.

Moki arababajwe cane no kubona ingene inzovu zimwononera imirima.

Avuga ko inzovu ‘’zubahuka’’ kandi ‘’zidatinya’’.

Zishobora kuza umwanya uwari wo wose ariko na cane cane ku mugoroba, kandi ziza ari ikigwi, ari zibiri zibiri canke imwe imwe n’imitavu yayo.

Izo nzovu ziherutse kurya umurima wiwe wose w’ibigori, ibitoke n’imyumbati.

A temporary shelter

Ahavuye isanamu, Esther Mbabazi/BRC

Insiguro y'isanamu, Moki aryama mu gasago kegereye imnirima yiwe mu gihe inzovu zoza kwona
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubu yimirije kwimbura imifuko itanu canke itandatu ya 90kg y’ibigori azogurisha kw’isoko ryo mu gisagara kimwegereye ca Taveta ku mashiringi ya Kenya 6.500 (amafaranga y’Uburundi hafi 130.000).

Adafise imirima yiwe, Moki ntashobora kugaburira umuryango canke ngo agurishe ivyo yimbuye arihe amafaranga y’ishure y’umukobwa wiwe w’imyaka 10.

Abarimyi mu kigwati iwabo bakoresha kandi ibigori bimbuye nk’ingwati batanga canke bariha ku mafaranga y’ishure y’abana babo kw’ishure ry’intango ribegereye. Iryo shure naryo rica rikoresha ivyo bigori mu kugaburira abana.

Ubu abana barimwo n'abatarenza imyaka ine bategerezwa kugira urugendo rushika kuri 4km baja i muhira bavuye kw’ishure kugira baje kurya ivyo ku murango hanyuma bakagira urwo rugendo nyene kugira bagaruke kwiga inyuma ya sasita.

Inzovu -igikoko ca mbere kinini kw’isi kiba ku butaka – gishobora kurya 150kg ku munsi, ikamara bitatu kuri bine vy’umunsi wayo iriko irarya.

Moki avuga ko rimwe na rimwe zigenda ata na kimwe zisize.

Inzovu kandi inywa amaritiro y’amazi 100 ku munsi, hari igihe rero zinywa amazi make ahabwa n’ubutegetsi kugira avomere imirima yiwe.

Ubuhinga bw'inzamba nikoreye

Avuga ko ari inzinguzingu itera iba nabi gusumba.

Moki aragerageza gutururuza izo nzovu n’amatara abonesha cane hamwe n’urwamo rwinshi kandi yarakoze ubuhinga butandukanye bwo kuzibuza gutera imirima yiwe.

Akoresha amacupa yavuyemwo amazi n’amavuta akayashira ku nkengera z’umurima wiwe afatanijwe n’urutsinga kugira inzovu iyaciyeko ahurungutane ace avyuka aze kuraba ico akora.

‘’Nca nurira ingazi, nkatsa amatara ndazitumberezako, nkavuza urwamo kuko ntushobora kwegera inzovu,’’ niko uwo murimyi avuga.

Woman hanging a bottle on a line

Ahavuye isanamu, Esther Mbabazi/BRC

Insiguro y'isanamu, Moki yarakoze ubuhinga bwiwe bw'inzamba bwo kumugabisha ko hari ibikoko biriko biregera

Buri ijoro, arara wenyene mu murima, yiteze ko ijerikani zihurungutanya canke ko imbwa zikuga.

Aho bibabarije, izo ngingo zose yiyumviriye ntaco zibuza inzovu, ariko nibura ziramumenyesha ko ziteye.

Inzovu zirashobora kubangama cane.

‘’Hamwe inzovu yonkomeretsa canke ikanyica, umuryango wanje womererwa nabi,’’ niko Moki avuga.

’Narirutse ndasiga inzovu’

Umubanyi wiwe, Jonathan Mulinge, umurimyi w’abana bane, avuga ko aherutse guhakwa gupfa biturutse ku nzovu.

Yagerageje kubuza imwe kwonona imirima yiwe, ariko ica irahindukira imwirukako.

Icankijije conyene ni uko nashoboye gusiga inzovu nkiruka mu nzu,’’ niko avuga.

Mulinge avuga ko iyo ari ‘’intambara hagati ya twebwe, abantu, n’inzovu’’, aho abarimyi nka we aribo bahatakariza vyinshi gusumba.

‘’Urarima wizigiye ko bikugirira akamaro, hanyuma inzovu zikaza zikonona vyose, abarimyi tugasubira mw’ihumbi.’’

Ababa ngaho bavuga ko ataco bashoboye bakagiriza urwego rwa Kenya rujejwe inyamaswa (Kenya Wildlife Service, KWS) kudakora ibihagije kugira babafashe. KWS ntaco yishuye ku busabe bwa BBC bwo kugira ico ivuze.

Moki avuga ko ibintu bibandanya biba nabi gusumba kandi ko ingorane zabo atawuzitaho.

Joram Oranga wo mu muryango wa Croix Rouge Kenya, avuga ko ibihe vy’ukugaduka, ubukene bw’imvura biterwa n’ikirere gihinduka nabi cane bituma intambara hagati y’inzovu n’abantu bagwanira amazi n’ibitangwa n’isi biguma bigabanuka, kandi akavuga ko mu minsi iri mbere bizokwunyuka gusumba.

Ku bwa Moki, iyi ntambara irahungabanya amagara yiwe yo mu mutwe, bitewe n’ukubura itiro cane.

Yamana umwitwarariko n’ubwoba bw’ibitero kandi agatinyira abana biwe hamwe inzovu yomwica.

Ati: ‘’Mfise ubwoba kuko ndamutse mpfuye, ninde azobaraba?’’