US igiye kwita Wagner umugwi w'inkozi z'ikibi ndengambibe

Inkuru ya Bernd Debusmann Jr

BBC News, Washington

AFP via Getty

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, John Kirby yerekanye amasanamu avuga ko yerekana itereni z'Uburusiya ziriko ziragenda hagati ya Korea ya Ruguru n'Uburusiya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zigiye kwita umugwi Wagner ‘‘ishirahamwe ry’inkozi z’ikibi ndengambibe”.

Uwo mugwi bivugwa ko ufise ibihumbi vy’abagwanyi muri Ukraine.

Amerika igiye kandi gufatira ibihano bishasha uwo mugwi n’uruhererekane ruwushigikiye, nk’uko White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) yavuze.

Umuvugizi w’urwego rujejwe umutekano wa Amerika John Kirby yabwiye abamenyeshamakuru ku wa gatanu ko ''[uwo mugwi] ukora amahano muri Ukraine n’ahandi”.

Yongeyeko ko ubu hari abagwanyi 50.000 ba Wagner muri Ukraine.

Kwita uwo mugwi gutyo bizotuma reta ya Amerika ishobora gushira ibihano binini kurusha kuri uwo mugwi witwara nk’igisirikare wakoreye kandi muri Syria, Libya, Centrafrique, n’ahandi.

Ku bwa Kirby, hafi 80% y’abagwanyi ba Wagner bavanwa mu mabohero (mu magereza).

Yavuze ko uwo mugwi usigaye uhiganwa n’ingabo z’igihugu kandi Amerika ikibaza ko ‘’icuka kibi kiriko kiraduga’’ hagati y’abategetsi b’Uburusiya n’uwashinze Wagner, umugwizatunga akaba n’umugenzi cane wa Vladimir Putin, Yevgeny Prigozhin, atavugwako rumwe.

Kirby yavuze ko amafoto y’iperereza rya Amerika yerekanye itereni zinjiye muri Korea ya Ruguru, aho bivugwa ko zapakiye ibisasu vya roketi vy’ingabo zigwanira hasi hamwe na misire mu nyuma bigakoreshwa n’ingabo za Wagner.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kirby ati: “Tuzokora tudahengeshanya kugira tumenye, tuburabuze, dushire ku mugaragaro kandi dutote abo bose bafasha Wagner.”

Amerika yemera ko kuvana ibigwanisho muri Korea ya Ruguru ari ukurenga ku ngingo z’ibihano z’urwego rwa ONU rujejwe umutekano.

Ayo makuru y’iperereza ubu yarahawe abo muri urwo rwego bajejwe ibihano kuri Korea ya Ruguru.

“Twiteze ko [Wagner] uzobandanya kuronka ibigwanisho vyo muri Korea ya Ruguru’’ nk’uko Kirby yavuze.

‘’Birumvikana ko twiyamiriza ivyo bikorwa vya Korea ya Ruguru kandi duhimiriza Korea ya Ruguru guhagarika guha ivyo bigwanisho Wagner ubwo nyene kandi tugiye kurushiriza gufatira ibihano uwo mugwi ubwawo.”

Prigozhin yasabwe kugira ico avuze kuri ayo majambo ya Kirby ariko ntaco yavuze ataziguye ku bihano vya Amerika, ku bw’itororokanirizo r’amakuru Reuters.

Abanyamerika bibaza ko ibigwanisho vyo muri Korea ya ruguru ata ngaruka ikomeye cane vyagize ku rugamba muri Ukraine, aho abagwanyi b’uwo mugwi wigenga bagize uruhara rukomeye cane mu gikorwa c’Uburusiya co kugerageza kwigarurira igisagara ca Bakhmut mu buseruko bwa Ukraine.

Aho, ingabo za Ukraine zivuga ko abagwanyi ba Wagner bahatakarije cane inyuma yo guhatirwa kuguma bigirwa imbere mu karere kagaragara kandi bariko bararaswa.

Mu kwezi kw’icenda mu 2020, Wagner yarafatiwe ibindi bihano vya Amerika inyuma y’aho abategetsi bavugiye ko ukoreshwa kugira ufashe Prigozhin kwitungisha abicishije mu kwimba ubutare muri Sudan na Centrafrique.

Abategetsi ba Amerika bavuga ko Prigozhin ashobora kuba yashoye ingabo ziwe ku rugamba rwa Bakhmut kugira agenzure ahacukurwa umunyu na gypsum/gypse muri ako karere.