UK: Johnson azobandanya politike yiwe yo kujana abimukira mu Rwanda

Boris Johnson

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Boris Johnson avuga ko umugambi wo kurungika abimukira mu Rwanda utegerezwa kubandanya

Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yavuze ko reta ifise umugambi wo kubandanya politike zumvikanyweko harimwo kurungika abimukira mu Rwanda.

Ico kiganiro ku bamenyeshamakuru cabereye ku biro iwe kibaye inyuma y'aho Johnson atangiye imihoho mu mabanga yo kurongora umugambwe w'aba Conservateurs, ariko akazoguma mu mabanga y'umushikiranganji wambere gushika hatowe uwundi aramutswa ayo mabanga.

Ivyo bishobora kudafata amezi menshi kubera Johnson ashobora kutazokoresha umwanya asigaranye nk'umushikiranganji wa mbere mu "kugira ico ahinduye mu ntumbero ya politike yiwe".

Ni muri iyo ntumbero umuvugizi wiwe yavuze ko politike yo gutwara abimukira mu Rwanda, yamenyeshejwe na reta mu kwezi kwa kane, ishobora kubandanya.

Ifise intumbero yo gufata bamwe mu bimukira bajabutse Manche binjira mu Bwongereza kujanwa mu gihugu c'Urwanda gusabirayo ubuhungiro, hakubusabira mu Bwongereza.

Ariko gushika ubu nta n'umwe ararungikwa mu Rwanda ava mu Bwongereza. Indege yategerezwa kujana abo bimukira yarasibijwe imbere y'uko ihaguruka mu kwezi guheze, bivuye ku ngingo yo ku munota wa nyuma ya sentare ya Buraya ijejwe agateka ka zina muntu.

Sentare nkuru mu Bwongereza vyitezwe ko yumviriza urubanza muri uku kwezi, rwerekeye politike yo kwirukana abasaba ubuhungiro bidakurikije amategeko.

Igitangazamakuru PA casubiyemwo uwo muvugizi aho yagize ati: "Umwumvikano ntubuza canke ngo ubere intambamyi reta yo kurondera gushira mu bikorwa iyo politike harimwo no gusigura iyo ngingo muri sentare nk'uko bisabwa."

Uwo muvugizi yongeyeko ko vyashoboka ko indege igenda imbere y'urubanza ruba.