UK: Boris Johnson avuga ko abimukira 50 babwiwe ko bazorungikwa mu Rwanda

Abimukira bariko bagerageza kujabuka

Ahavuye isanamu, EPA

    • Umwanditsi, Na Marie Jackson
    • Igikorwa, BBC News

Abimukira 50 bari mu Bwongereza babwiwe ko ari bo ba mbere bazorungikwa mu Rwanda mu mugambi utabonwa kumwe ujejwe abimukira.

Mu kiganiro n'ikinyamakuru Daily Mail, Boris Johnson yatangaje ico gitigiri, avuga ko hari benshi bazokwitura ubucamanza mu kurwanya uwu mugambi, ariko agashimangira ko reta "izokomeza uru rugamba".

Muri aya masezerano mashasha, abantu bazoboneka ko binjiye mu Bwongereza bidaciye mu mategeko bashobora kurungikwa mu Rwanda.

Uwu mugambi uriyamirizwa bikomeye.

Mu bawiyamiriza harimwo amashirahamwe arenga 160, Musenyeri mukuru wa Canterbury, imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi hamwe n'abategetsi bakuru bo mu mugabwe w'aba Conservateur, harimwo n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Theresa May.

Bose hamwe bashikirije amakenga yabo ku bijanye n'akarangamutima, amategeko, igiciro n'akarusho k'uwo mugambi.

Amashirahamwe y'ubutabazi avuga ko benshi mu basaba ubuhungiro mu Bwongereza bariko barinyegeza mu gutinya ko barungikwa mu Rwanda.

Ubwoba bw'uko bashobora kuvanwa mu gihugu buriko butuma bamwe bita mu ngorane harimwo n'umwe yashatse kwiyahura, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ritabara imbabare kw'isi Croix rouge hamwe na n'ishirahamwe Refugee Council.

Hagati aho, amato mato mato abandanya ajabutsa abantu. Ibiharuro vya nyuma bitangwa na reta vyerekana ko abimukira 792 binjiye baciye mu mato mato mato mu ndwi yo kuva ku wa 02 gushika 08 Rusama (5).

Mu ntango z'ino ndwi, ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwavuze ko butegura kumenyesha abimukira ba mbere buvuga ko bushaka kurungika mu Rwanda.

Mu kiganiro ciwe, Boris Johnson yavuze ko 50 bamaze kumenyeshwa ko bagiye kwimurwa. Iyi ni intambwe ya mbere y'uwu mugambi.

Aba bantu bafise imisi hagati y'indwi na 14 kugira basabe ko batorungikwa.

Vyitezwe ko hari benshi bazokwitwara mu kurwanya uwu mugambi. Umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubwongereza Priti Patel avuga ko ibi bisigura ko umugambi ushobora "gufata igihe kirekire" ariko agashimangira ko atarota asubira nyuma.

'Urutonde runini rw'ibitegekanijwe'

Boris Johnson yabwiye ico kinyamakuru Daily Mail ati: "Hagiye kuba amashirahamwe menshi arwanya uwu mugambi, ubwoko bw'aya mashirahamwe amaze igihe kirekire akoresha amahera y'abatangakori arondera gushinga imanza nk'izi, no kurwanya ishaka ry'abanyagihugu, ishaka ry'Inama Nshingamateka. Turavyiteguriye.

Ati: "Tuzokomeza urugamba kandi tuzorurwana. Dufise urutonde runini rw'ibintu dutegerezwa gukora kugira ngo duhangane n'iki kibazo, dufashijwe n'abashingwamanza bacu".

Uwu mugambi wafashwe bivuye ku gitigiri c'amato mato mato yijira mu Bwongereza kigenda ciyongera, aho abarenga 6000 bamaze kwinjira gushika ubu muri uno mwaka.

Ibitigiri bitangwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko igitigiri c'abantu 28.526 bashoboye kwinjira, kivuye ku 8.466 mu mwaka w'imbere y'aho.

Reta ivuga ko uwu mugambi mushasha uzotuma abakora magendo y'abantu bahomba kandi ko uzotuma abantu batabandanya bapfira muri iyi nzira iteye akaga mu kurondera kuja mu Bwpongereza.

Umushikiranganji Patel ashimangira ko abarwanya uwu mugambi bo nyene ubwabo "badafise inyishu" kuri ico kibazo c'aya mato mato mato ateye akaga yinjira.

Uburebure kuva mu Bwongereza gushika mu Rwanda ni ibirometero 6500
Insiguro y'isanamu, Uburebure kuva mu Bwongereza gushika mu Rwanda ni ibirometero 6500