UK – Rwanda: 'Ubwongereza buzondungika mu gihugu c'ubutegetsi bw'igitugu?'

Ikambi ya Calais yugawe icese mu 2016 ariko bigereranywa ko abantu bashika 1.500 n'ubu bakiba muri ako karere
Insiguro y'isanamu, Ikambi ya Calais yugawe icese mu 2016 ariko bigereranywa ko abantu bashika 1.500 n'ubu bakiba muri ako karere
    • Umwanditsi, Na Daniel Henry
    • Igikorwa, BBC

Igihe naja Calais ku kazi ka Focus on Africa, sinibaza ko nosanga hariho casino (inzu bakiniramwo akamari).

Iki gisagara co ku kivuko mu Bufaransa ntikizwi cane mu gukina akamari, ariko iyo casino iri hanze y'ihoteri nashikiyemwo yibutsa ko twagira tubonane n'abantu bakora vyanke bikunde, bizigiye ko bashobora gutombora amafaranga menshi - yobashikana mu Bwongereza.

Twamaranye akanya n'abafata ko ayo makambi ari ho imuhira iwabo.

Ku bisanzwe izo kambi zugawe icese mu 2016 - ariko amashirahamwe afasha avuga ko abantu bashika 1.500 bakiba muri imwe twari turamutse tugendera.

Kurondera ahasumba ahandi

"Irfan", umunya-Eritrea w'imyaka 16, yavuye iwabo mu mezi 18 aheze yizigiye kurondera ubuhungiro mu Bwongereza
Insiguro y'isanamu, "Irfan", umunya-Eritrea w'imyaka 16, yavuye iwabo mu mezi 18 aheze yizigiye kurondera ubuhungiro mu Bwongereza

Hafi ya bose, umwe umwe wese afise ingene ategura gushika mu Bwongereza. Irfan* nawe kuri ico ntatandukanye n'abandi - ariko hari ico yisangije.

Bitandukanye n'abandi bose, uwu muhungu w'umuyabaga yasa n'uko ari wenyene - gushika haje uwufasha gusobonura ivyo avuga (interpreter).

Yavuye iwabo mu mezi 18 aheze, mu rugendo rubangamye rwamucishije mu bihugu bitandukanye birimwo Libya, Ubutariyano, n'Ububirigi.

Uwo muhungu w'imyaka 16 avuga ko yavuye iwabo kugira aje kurondera kazoza keza gusumba.

"Muri Eritrea nta mwidegemvyo uhari kandi ku myaka 18 uca utegerezwa kuja mu gisirikare", niko avuga.

Twashatse kumenya niba amasezerano hagati ya reta z'Ubwomgereza n'Urwanda azogira ingaruka ku migambi yiwe.

Kuja mu Rwanda utagaruka

Abagabo bakiri bato bariko barota umucanwa mw'ijoro i Calais

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagabo bakiri bato bariko barota umucanwa mw'ijoro i Calais: bari mu barabwa n'aya masezerano atavugwako rumwe yo kurungikwa ahandi yazanywe na reta y'Ubwongereza

Abashasha bajabuka English Channel (Manche) bashobora kuja mu bazorungikwa kurondera ubuhungiro no kwubaka ubuzima bwabo mu Rwanda, muri Afrika.

Reta y'Ubwongereza ivuga ko uwo mugambi mushasha uzoca intege abantu bafata bene izo ngendo - ariko abagwanya uwo mugambi bavuga ko abantu nka Irfan bavuga ko bahitamwo gukoresha ubwato canke amakamyo kugira bashike mu Bwongereza kuko badashobora gusaba ubuhungiro batarashika ku butaka bw'Ubwongereza.

Irfan yambariye ko ataravugana n'umuryango wiwe haraheze amezi abiri.

"Umuryango wanje ntuzi iyo ndi, ntiturashobora kuvugana."

Uwasigura ivyo avuga, umwe mu bakozi b'ishirahamwe ry'abagiraneza afasha abo barondera ubuhungiro bari Calais, atanguye kunanirwa kwihangana igihe ariko asobonura amajambo ya Irfan.

Aciye yunamika umutwe, biranka ko avuga aca atangura kurira. Nca ndaraba ko ameze neza, angirira ikimenyetso c'umutwe ko ameze neza.

Aca arihagararako. Turakomeza kuyaga.

"Ndakumbuye abo tuvukana. Gushika ubu maze umwaka n'igice ngenda, sinzi uko bamerewe," aho uwusobanura amajambo yari ashoboye gusubiranwo ivyo Irfan yari yavuze imbere.

Bafashijwe n'amashirahamwe y'abagiraneza hamwe n'ubuhinga bwa none, abo barondera ubuhungiro bari i Calais baramenya ibibera hanze y'ikambi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bafashijwe n'amashirahamwe y'abagiraneza hamwe n'ubuhinga bwa none, abo barondera ubuhungiro bari i Calais baramenya ibibera hanze y'ikambi

Nca ndamubaza nti: "Bizogenda gute bagufashe bakakurungika mu Rwanda?"

"Ubwongereza ni gihugu kigendera ku mategeko", uwo ni Irfan yishuye.

"Reta y'Ubwongereza izondungika mu Rwanda? Hariya n'intwaro y'igitugu."

"Nibashimika, sinibaza ko nzoguma mu Rwanda."

U Rwanda rufatwa nk'igihugu kirimwo intwaro y'umukazo n'amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights Watch. Paul Kagame, umukuru w'u Rwanda, ari ku butegetsi kuva mu 1994 kandi mu gihe ashimagizwa kuba yaratumye u Rwanda rugira amaragamo inyuma ya jenoside, yagirizwa kuba yashinze ubutegetsi bw'umugambwe umwe.

Kuba mw'ihema i Calais

Irfan aba mw'ihema i Calais, abandi baba mu buraro budashemeye munsi y'ibiraro no mu nyubakwa zahebwe
Insiguro y'isanamu, Irfan aba mw'ihema i Calais, abandi baba mu buraro budashemeye munsi y'ibiraro no mu nyubakwa zahebwe

Irfan afise ishaka ryo kurondera ubuhungiro mu Bwongereza, kuko yibaza ko aho azofatwa neza kurusha mu Bufaransa.

Calais yabaye nk'ikimenyetso c'akaga k'ikibazo c'abarondera ubuhungiro i Buraya. Abantu ngaha bagerageza gushika mu Bwongereza mu ngendo zisa no kwiheba mu bwato canke mu kwinyegeza mu ma kamyo canke itereni.

Mu kwezi kw'indwi mu 2016 imbere y'uko ubutegetsi bw'Ubufaransa busambura iyo kambi ya Calais, urusansuma rw'ishirahamwe ry'abagiraneza Help Refugees rwagereranya ko abantu barenga 7.000 baba aho hantu.

Ubu, Irfan n'abandi bari aho hantu baba mu mahema n'ahantu hose bashobora gukika umusaya harimwo inyubakwa zahebwe hamwe no munsi y'ibiraro.

Ingene babayeho biteye ikigongwe kandi ivyankenerwa baronka ivy'ibanze bike bishoboka.

Nta n'umwe vy'ukuri yifuza kuba ari ngaha, ariko niho bari. Kandi bafise icizere co kuronka ubuzima bushasha mu Bwongereza.

"Mu Bwongereza abantu baritabwaho, barashobora kuja mu mashure," niko avuga.

Impuzi ziva muri Ukraine

Bafashijwe n'amashirahamwe y'abagiraneza hamwe n'ubuhinga bwa none, abarondera ubuhungiro bari Calais baramenya ibibera irya n'ino kw'isi. Kandi ingene Ubwongereza bwakira impunzi ziva muri Ukraine vyatumye kwibaza ibibazo.

"Ntitwokwigereranya n'abanya-Ukraine. Bo baba mu mahoteri", ivyo vyavuzwe n'umwe mu bagabo bakiri bato yatuvugishije.

"Ntibatwitaho [abategetsi ba Buraya] nk'uko bitaho abanya-Ukraine."

'Hamwe bogerageza kutujana mu Rwanda, nta n'umwe azovyemera,' uko niko umwe mu bagabo bakiri bato yabwiye BBC

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, 'Hamwe bogerageza kutujana mu Rwanda, nta n'umwe azovyemera,' uko niko umwe mu bagabo bakiri bato yabwiye BBC

Ati: "Bagerageje kuturungika mu Rwanda, nta n'umwe azovyemera."

Uwo muyabaga twavuganye yumva ko imbere ari heza gusumba - ko kuba barihevye mu gufata urwo rugendo rubangamye umunsi umwe bizogira ico bivuyemwo.

Irfan ati: "Ubuzima buragoye. Ariko turamenyera kuvyihanganira."

We n'abandi ntibazi ngo ni hehe. Canke gute.

*Izina ry'uwo muhungu ryarahinduwe we nyene abisavye.