Fulgence Kayishema yongeye gufatwa kugira arungikwe Arusha

Ahavuye isanamu, AFP
Umunyarwanda yari amaze imyaka myinshi aronderwa n'ubucamanza mpuzamakungu kuri uyu wa kabiri yonmgeye gufatwa.
Iryo fatwa rishasha ryavuye ku ngingo yo kumurungika i Arusha muri Tanzania kugira akurikiranwe ku vyaha vya genocide.
Ivyashitse kuri uyu kabiri -bisabawe n'urwego rwa ONU rwasigaye ruraca imanza zasigajwe na sentare mpuzamakungu mpanmavyaha yari yashiriweho Urwanda, TPIR/ICTR)- bisa n'ivyatangaje (ivyatunguye) abamwunganira mu mategeko.
Yafashwe asanzwe ari mu vyumba bishirwamwo abakurikiranwa muri sentare nkuru muri Capetown kuri uyu wa kabiri.
Kayishema ubundi yokwongeye kwitaba sentare ku wa 18 Myandagaro, ireguntswa ryiwe kuri uyu wa kabiri we n'abamwunganira ntaryo bari biteze.
Urwo rwego rwa ONU rushaka ko abazwa ibirego vy'uko yoba yagize uruhara rw'imbere mw'iyicwa ry'Abatutsi hafi 2.000 bari bahungiye mw'isengero mu gihe ca jenoside yo mu Rwanda mu 1994.
Kuki yongeye gufatwa?
Fulgence Kayishema yari asanzawe yarafatiwe muri Afrika y'Epfo inyuma y'aho habonekeye amakuru y'uko akora mu mirima y'imizabibu [ikorwamwo umuvinyu] muri Pearl mu ntara Western Cape.
Yafashwe yari amaze imyaka irenga 20 aronderwa.
Agifatwa yagirizwa kurenga amategeko ya Afrika y'Epfo agenga abinjira n'abasohoka.
Abakora amatohoza muri Afrika y'Epfo bavuze ko yaba muri ico gihugu akoresheje izina ritari ryo kuva ahashitse mu 2000.
Mu gihugu ciwe c'amavukiro, Urwanda, yagirizwa kuba yagize uruhara rukomeye muri jenoside yo mu 1994 n'ibindi vyaha bikorewe zina muntu.
Igihe yaheruka kwitaba muri sentare mu kwezi kwa Ruheshi (6), yari yahevye ivyo kurondera gukurikiranwa yidegemva, aca avuga ko agiye gusaba ubuhungiro muri Afrika y'Epfo.
Vyari vyitezwe ko urubanza rw'ivyo aregwa muri Afrika y'Epfo rushobora gufata igihe kirekire imbere y'uko ashikirizwa urwo rwego rwa ONU rukorera Arusha.
Kuba uyu munsi yongeye gufatwa n'urwo rwego kandi yari asanzwe afpunzwe na Africa y'Epfo bishobora kuba ari uwundi mukenyuro w'amategeko wo kwihutisha kumuha uru rwego rw'ubucamanza mpuzamakungu.
Urubanza rwiwe rwungururijwe itariki ya 30 Myandagaro (8) kugira abamwunganira mu mategeko n'abashikirizamanza bagire ico bavuze kuri iyo ngingo yo kumufata no kumurungika [Arusha].










