Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda iritandukanya na Tweets z'umuhungu wa prezida
Umushikiranganji w'imigenderanire ya Uganda n'amakungu ntiyafashe nko gufyina, inyuma y'aho umuhungu wa prezida ateburiye ku kwigarurira Kenya ku ma Tweets atangaje yanditse.
Mw'itangazo ryo gusukamwo mabisi rya reta ya Uganda ryo kuri uyu wa kabiri, yavuze ko yishimiye "imigenderanire ikomeye dusanzwe dufitaniye" n'"umuvukanyi w'umubanyi" Kenya kandi ko ata bikorwa vy'imigenderanire barangurira ku mbunga hwaniro.
Ata gukekeranya, muri reta ya Uganda ntibishimiye urwenya rw'umuhungu mukuru wa prezida Yoweri Museveni, Lt Gen Muhoozi Kainerugaba, n'aho bamwe bavuga ko ariko arategurwa ngo asubirire se wiwe w'imyaka 78.
Si ubwa mbere Tweets ziwe zitera impari ariko izi zerekeye kwigarurira Kenya bisa n'uko yarengeje urugero.
"Kuja hamwe ni ngombwa", uko ni ko yavuze muri imwe muri izo nyandiko ziwe, yasomwe n'abantu barenga 1000 kuri Twitter.
Mu yindi tweet yavuze ko igisirikre ciwe gishobora gufata umugwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mu ndwi zibiri, kandi ko "yagiriraniye ibiganiro vyimbitse" na se wiwe "agiye gutangaza impinduka".
Nta nkeka ivyo yandika birateramisha ababikurikira ku mbuga-hwaniro:
Gen Muhoozi yahanywe canke yashimiwe?
Gen Muhoozi Kainerugaba yakuwe mu mabanga yo kurongora ingabo zigwanira ku butaka.
Ariko kandi yaciye aduzwa ipeta aba generali, ipeta rya mbere rinini mu gisirikare. Yagumye ari umuhanuzi mu biro vy'umukuru w'igihugu mu bikorwa bidasanzwe.
Gen Kainerugaba yigeze kuba arongoye ingabo zidasanzwe zijejwe gucungera prezida Yoweri Museveni.
Gen Kayanja Muhanga yarongoye ingabo za Uganda ziri mu butumwa muri Somalia, ubu akaba ari we yari arongowe ingabo ziriko ziragwanya abagwanyi ba ADF (Allied Democratic Front) muri Republika ya Demokrasi ya Congo, ni we agiye ku musubira mu kibanza co kurongora ingabo zigwanira ku butaka.
Ntibiramenyekana nimba ibi hari ico vyoba bisana n'izo Tweets amaze imisi biri yandika.