Ubutegetsi bwa gisirikare bwa Burkina Faso bwakuyeho umugwi ujejwe amatora

    • Umwanditsi, Chris Ewokor & Damian Zane
    • Igikorwa, BBC News

Ubutegetsi bwa gisirikare muri Burkina Faso bwakuyeho umugwi ujejwe gutunganya amatora, uwita uwo gutakaza amafranga.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati nibwo buzoba bujejwe ico gikorwa co gutunganya amatora muri kazoza, nk'uko vyaraye bimenyeshejwe na tereviziyo y'igihugu.

Kuva kagiye ku butegetsi muri Nyakanga 2022, akagwi ka gisirikare kazanye amahinduka atandukanye arimwo kwigizayo amatora azoshikana ico gihugu ku ntwaro y'abanyagihugu n'abasivile.

Amatora ya bose yari yitezwe mu mwaka uheze, ariko ako kagwi kaciye kigizayo ikiringo c'imfatakibanza gushika muri mukakaro 2029, ibica biha uburenganzira Capitaine Ibrahim Traoré bwo kuguma ku butegetsi no kuzokwitoza mu matora y'umukuru w'igihugu akurikira.

Itororokanyirizo ry'amakuru AFP, risubiramwo amajambo y'umushikiranganji ajejwe ubutegetsi bw'igihugu, Emile Zerbo, avuga ko umugwi ujejwe gutunganya amatora wagiye uhabwa uburyo bungana nka $870,000 (£650,000) ku mwaka.

Gukuraho uwo mugwi bishobora gufasha 'gushimangira ububasha bwacu bwo kugenzura itunga ry'igikorwa c'amatora kandi tukanagabanya ukuboko kw'amahanga mu kuyagiramwo uruhara", niko uwo mushikiranganji yavuze.

Inyuma yo gushika ku butegetsi, harashize imyaka 3, igihe vyavugwa ko ubutegetsi bw'abasivile bwari bwarananiwe gutuza imigwi y'abicanyi yitwaza idini rya Islamu, abategetsi ba gisirikare, baranse imfashanyo z'Ubufaransa n'Uburusiya, ibihugu vyahoze bitegeka ku ntwaro ya gikoloni.

Imigwi y'agateka ka zina muntu iragiriza igisirikare ko kuva ico gihe ifashe ubutegetsi, itoteza abanyagihugu mu ntumbero yo gutuza imigwi yitwaje ibirwanisho, ikaburizamwo n'ibikorwa vya politike n'uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Hari kandi n'ibibazo vyerekeye nimba ibi bikorwa vya gisirikare hari ico vyashitseko.

Mu gice ca mbere c'uyu mwaka wa 2025, umugwi witwaza idini rya islam JNIM wamenyesheje ko wakoze ibitero birenga 280 muri Burkina Faso, ico gitigiri kikaba cikuvye kabiri ugereranije n'uko vyangana mu mwaka wose wa 2024, nk'uko bigaragara mu biharuro BBC yashoboye gusuzuma.