Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hategerezwa 'kwubakwa ibibuga vyiza' kugira Africa izotahukane igikombe c'isi
- Umwanditsi, Nishat Ladha
- Igikorwa, BBC Sport Africa
Ibibanza vyo kwakira inkino muri Afrika bitegerezwa gushirwa ku rugero mpuzamakungu kugira hagire igihugu co kuri uwo mugabane kizoshobora gutsindira igikombe c'isi ca Fifa, ku bw'umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu wa Repuburika ya Demokarasi ya Congo Sebastien Desabre.
Ivyo abivuze mu gihe Ghana giherutse kuba igihugu ca vuba cabujijwe kwakira inkino mpuzamakungu n'urwego rw'umupira w'amaguru muri Afrika (Caf).
Desabre, yashikanye RD Congo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe ca Africa (Can) 2023 uyu mwaka, avuga ko mu gihe urugero rwo gukina rwo ruguma rutera imbere, ibibuga vyo bidakurikira ngo bishigikire igikorwa c'abamenyereza.
''Birababaje, kuko ibibuga bimwe bimwe ntibiri ku rugero rw'intego y'umukuru (wa Caf) canke y'amashirahamwe [y'umupira],'' ni ko Desabre yabwiye ikiganiro Newsday ca BBC.
''Ni co gituma bigoye cane muri Afrika kugira ico dushitseko,''
Benin, Kenya na Madagascar biri mu bihugu vyabaye ngombwa ko bija kwakirira ku bibuga vyo mu kindi gihugu inkino zo kurondera itike yo kuja muri Can 2025 inyuma yo kunanirwa kwuzuza ibisabwa na Caf kugira vyemererwe kwakira inkino mpuzamakungu.
Ghana igiye kuzoja muri uwo murongo mu kwezi kuza kubera amakosa y'ubuhinga kuri stade yayo ya Baba Yara, harimwo n'impungenge ku bwiza bwo mu kibuga cayo i Kumasi.
Ubushikiranganji bwa Ghana bujejwe urwaruka n'inkino bwasavye Caf kugenzura ibindi bibuga bibiri i Accra, ariko hamwe ata na kimwe muri ivyo bibiri bosanga gikwije ibisabwa, Black Stars bazotegerezwa guca baja gukinira hanze y'igihugu urukino ruzobahuza na Sudan.
Maroc yarashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi ca 2022 i Qatar, gica kiba igihugu ca mbere co muri Afrika gishitse mu bihugu bine vya nyuma, ariko Desabre yibaza ko ibikorwa remezo bitegerezwa gutera imbere kugira uwo ari we wese ashobore gushika kure kurusha aho.
''Urugero rw'abakinyi babigize umwuga ruriko ruratera imbere,'' ni ko uwo mugabo w'imyaka 48 yabwiye BBC.
''Mu myaka irenga 10 maze muri Afrika, narabonye impinduka muri Caf, mu mashirahamwe, mu bigo vyo kwigiramwo umupira.
''Ndazi, ko umunsi uri izina, umugwi wo muri Afrika uzotahana igikombe c'isi kuko aho ubifatira hose amaherezo kizoja muri Afrika.
''Ariko dukeneye kubandanya twubaka ibibuga kugira dufashe abamenyereza n'abakinyi batwereke urukino rwiza n'ivyo bashikako vyiza.''
Desabre ari mu bamenyereza batari bake bahuriye muri Côte d'Ivoire mu nama y'iminsi ibiri yatunganijwe na Caf.
Intumbero ni ukuraba ingene igikombe ca Afrika c'uno mwaka uko cagenze n'ingene amahiganwa yo muri kazoza yotunganywa neza gusumba.
Gusangira ubumenyi n'abandi bamenyereza
Desabre avuga ko inama ya Caf ari akaryo keza ko kuvugana n'abo bakora imirimo imwe n'abandi bamenyereza bari mw'ihiganwa rya Can 2023, na cane cane ko ari mu gihe hatanguye inkino zo kurondera itike yo kuja mu nkino zo mu gikombe co mu 2025.
''Tuarafise aho tuvuganira kandi hari ukwubahana cane hagati yacu,'' ni ko avuga.
''Igikorwa c'umwe umwe [mu bamenyereza] gishobora kuba gitandukanye ariko birakenewe cane gukura ubunararibonye ku bandi bamemyereza mu kubandanya kwiga no gukarisha ubumenyi bwacu, hamwe no kuvugana uko ihiganwa ryacu ryagenze.
''Birakenewe kandi kuri twebwe kuraba ibikenewe gukorwa neza gusumba canke uko twitegurira irikurikira.''
RD Congo yatanguye neza inkino zo kurondera itike ya Can 2025, aho yatsinze inkino zompi zo kwugurura mu mugwi H yakinye na Ethiopia na Guinée.
''Ni vyiza gutangura neza n'intsinzi zibiri, ariko ni inkino zitandatu urumva ntizirahera, kuko nta tike turaronka,'' ni ko Desabre yavuze.
''Dutegerezwa kwitegurira neza urukino rwacu rukurikira ruzoba mu kwezi kwa Gitugutu(10).''
Inkino zo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca Can 2025 muri Maroc zizohera muri Munyonyo (11), bisigura ko imigwi izorindira ikiringo kirenga umwaka wose imbere y'uko iryo higanwa ritangura.
Inkino za nyuma zizoba kuva ku wa 21 Kigarama (12) mu mwaka uza gushika ku wa 18 Nzero (1) mu 2026.
''Nibaza ko vyoba vyiza ihiganwa riciye riba ubwo nyene haheze inkino zo kurondera itike, ariko ni co kimwe n'inkino z'igikombe c'isi,'' ku bwa Desabre.
''Turi abanyamwuga. Tujana n'ingene ibintu bitunganijwe.''