Uko wiyumvira bishobora gutuma ubandanya gushaka imibonano inyuma yo guca imvyaro

Kudashaka imibonano, umwumira mu gitsina no guhindagurika cane mu marangamutima, ibi ni bimwe mu bimenyetso abagore babona iyo bamaze gushika mu myaka yo guca (gucura).

Kuri benshi, ayo mahinduka ashobora gutangura kare nk'imyaka icumi imbere y'uko umuntu ashikira guca imvyaro.

Suzan ari hagati na hagati mu myaka 40, aba Vancouver, muri Canada.

Ari mu bihe vyo guca imvyaro kandi avuga ko imibonano isigaye imubabaza. Agira ati: "Ndacafise ubushake ariko ububabare butuma ndabiheba. Sinari nzi impamvu kandi mu vy'ukuri, vyarantwaye igihe kugira ngo nshobore kuvyiganira umuganga".

Uravye uko abantu basigaye baramba, abagore bashobora kwongera imyaka igera ku ca gatatu c'ubuzima bwabo kuva bamaze gushikira igihe co guca imvyaro.

Guca imvyaro ni igihe umuntu ataba akija mu butinyanka (imihango mu kinyarwanda), kubera urugero rw'imisemburo mu mubiri rwagabanutse. Ibi bihurirana n'uko imyaka yiwe y'ubushobozi bwo kurondoka yaheze, kandi bizanana n'amahinduka menshi haba ku mubiri no mu vyiyumviro.

Dr. Aziza Sesay, umuganga akaba n'uwuharanira guteza imbere uburezi ku bijanye n'amagara meza mu Bwongereza, avuga ko kwumagana mu gitsina ari nakwo kutera kubabara mu gihe c'imibonano mpuzabitsina, biterwa n'igabanuka ry'urugero rw'umusemburo wa oestrogen.

Ariko kubera mu migenzo ya benshi ari nk'ikizira ku bagore kuvuga ivyerekeye ubuzima bw'imibonano, avuga ko hari abagore bacibaza n'ubu ko kubababara mu gihe c'imibonano mpuzabitsina ari ibintu bisanzwe, ko rero ari inshingano ku bagore bafise abagabo kwirengera ubwo bubabare kugira ngo bashimishe abagabo babo.

Dr Aziza avuga ko kubera ivyiyumviro nka ben'ivyo abagore benshi bagifise, usanga bidashoboka kubazanamwo ivyo kuronderera inyishu ico kibazo iyo bagifise. Agira ati: "Bashobora kubandanya kubabarira mu gacerere."

Imisemburo n'ibimenyetso vyinyegeje

Nk'uko Dr. Sesay abisigura, kimwe na testosterone, oestrogen,umusemburo uturuka mu dusaho turema imbuto z'umugore (ovaires), niyo nkabuzo itera umuntu ubugombe no kuryoherwa n'imibonano.

Mu gihe iyi misemburo itanguye kugabanuka ku mugore, atangura kwumva vyahindutse ku bijanye no gushaka imibonano mpuzabitsina.

Rosie afse imyaka 45, aba mu Budagi, nawe yarabazwe (yarakozwe) akurwamwo igitereko (nyababyeyi) agifise imyaka 30 igihe yatorwa ingwara ya kanseri yo mu dusaho tw'imbuto (ovarian cancer).

Uko kubagwa kwatumye atakaza imisemburo, yinjira mu bihe vy'icamvyaro atageze. Yabwiye BBC ko amahinduka yabonye yaje giturumbuka kandi akomeye.

Yagize ati: "Nahora nezerwa n'imibonano mpuzabitsina cane, ariko giturumbuka, vyaraheze, sinigera numva ikintu na kimwe gituma umubiri wanje wongera gushaka (imibonano)."

DR. Nazanin Maali, umuhinga mu nyifato n'ivyiyumviro (psychologist) akaba n'umuhinga mu kuvura abafise ibibazo vyo kurangura imibonano mpuzabitsina, avuga ko abamwitura benshi baza kuko bafise ibimenyetso vyo kutagira ubushake no kubabara mu gihe c'imibonano mpuzabitsina.

"Akenshi baba bumva atako bari bugire. Ariko hari n'abandi bagore baba bifuza kubandanya imibonano mpuzabitsina ariko ata 'kwinjirwa mu gitsina" - niko Dr Nazanin abisobanura.

Ariko si umwumira wo mu gitsina gusa, canke kugabanuka kw'ubushake bituma abagore batagikunda imibonano kuri iyo myaka yabo.

Kubwa Yas w'imyaka 49 aba mu Bwongereza, ubwandu bwo mu nzira y'umukoyo (Infections urinaires / Urinary Track Infections-UTIs) ni bwo bwatumye atacifuza imibonano mpuzabitsina.

Yabwiye BBC ati: "Natakaje gushaka imibonano kubera buri gihe ndayikoze, vyakurikirwa n'ubwandu bubabaza cane." Avuga kandi ko vyamaze igihe abaganga badashobora kubona ko ubwo bwandu bufitanye isano no guca imvyaro.

DR. Sesay asobanura ko izo ngwara zifatira mu nzira y'umukoyo canke UTIs, nazo ziba ari ingaruka yo kugira urugero ruto rw'umusemburo wa oestrogen.

Agira ati: "Abantu bibaza ko oestrogen, ari ikintu gifatiye ku kuja mu butinyanka canke kwibaruka gusa, ariko oestrogen ni umusemburo mwiza cane ugirira neza umubiri wacu, kuva ku mushatsi gushika ku ruhu.

"Oestrogen niyo ituma umuntu yoroha mu gitsina (agira ububobere) no mu nzira y'umukoyo, kandi kugabanuka kw'uyu musemburo bituma agahu kagize umuheha w'iyo nzira y'umukoyo gatera gashira, kandi kumagana, guryo bigatuma gakarirwa n'ubwandu".

Mu mico ya benshi, kuvuga ivyo imibonano mpuzabitsina ku bagore ni ikintu babona nk' igishingiye kw'irondoka gusa ata kindi, rero bafata ko imibonano mpuzabitsina ku mugore iherana n'igihe baba baciye imvyaro.

DR. Maali yongerako ko bishobora gutuma iki gihe co gutakaza ubushobozi bwo kurondoka kibabera ikitoroshe, kandi "kikazanana n'igihe c'umubabaro."

Ariko kandi avuga ko afise n'abamwitura batangura kugira ibihe vyiza vy'imibonano mpuzabitsina batigeze bamenya mu buzima, bikaza bageze muri ivyo bihe vy'ubucamvyaro.

Hari imiti yavyo ihari?

Dr Maali avuga ko "ibi bibazo vyose vy'ingorane ziterwa no guca imvyaro bifise umuti, kandi hari ubufasha bwo kwa muganga bushobora guhabwa abagore kugirango babandanye kugubwa neza mu buzima bwabo bw'imibonano mpuzabitsina, ndetse banaryoherwe gusumba".

Haldida w'imyaka 65 aba i Londres, avuga ko yatanguye kugubwa neza n'imibonano mpuzabitsina amaze gushikira igihe co guca imvyaro bikaba vyahuriranye no gutandukana n'umugabo.

Yabwiye BBC ati "natandukanye n'umugabo ku myaka 43 kandi ibimenyetso vy'uko nariko ndinjiira mu bihe vyo guca imvyaro natanguye kubibona hagati y'imyaka 45 na 46. Nagize nti aho reroo! Ngiye naronka ubwisanzure. Naciye ntangura kwumva ndi mu bihe vyiza vy'imibonano mpuzabitsina kandi bindyohera kuva ico gihe."

Iyo hageze kwatsa urubeya rw'urukundo (imvugo ngereranyo yo kwinjira mu buryohe), inama Dr Maali atanga ni uko "wosubiramwo ugasuzuma ivyo wibwira ku mibonano mpuzabitsina."

Agira ati: "Twese dufise ishusho duha (uko dufata ) imibonano mpuzabitsina, uko itegerezwa kumera, ariko kubera umubiri wacu uhinduka, dukeneye guhindura mu nzira nziza ivyiyumviro vyacu ku mibonano, kuri iki kigero c'imyaka, ukwiye kwibaza uti, imibonano mvyiza kuri jewe yoba ari iyimeze gute?"

Arashimika kandi ku gutegurwa imbere y'imibonano mpuzabitsina no kurondera kuryoherwa uwo muyikorana atarinze "kwinjira mu gitsina".

"Amahinduka mu gahu (umubiri w'imbere) k'imbere mu gitsina ashobora gutuma ukuntu wiyumva iyo uri mu mibonano mpuzabitsina bihinduka, rero ushobora kuraba nimba hari izindi nzira zotuma iyo mibona igushimisha, 'nk'ibikoresho vyo kwikinisha'."

Yongerako ati: "Iyo ubona ibimenyetso vyo guca imvyaro biriko biragira ingaruka ku buzima bwawe bw'imibonano mpuzabitsina, ushobora gusaba ubufasha muganga, ndetse ubona bikenewe ugahindura umuganga wawe, ntuheberane kandi ntugire amasoni".

Nk'uko Dr Sesay abivuga, kuvura ibibibazo hakoreshejwe imiti isubiriza imisemburo (Hormone Replacement Therapy -HRT) nivyo biza imbere.

Biba biri mu mero nyinshi: agapansuma, amavuta, n'ikinini. Birashoboka ko haba abantu bamwe bamwe batemerewe gufata iyo miti y'umusemburo uca mu maraso, nko kunywa ibinini, ariko hama hariho iyishobora gusigwa ku gitsina.

Neda aba muri New Zealand, ntiyashoboye gufata imiti y'ibinini vya HRT kubera asanganywe ingwara ya kanseri.

Agira ati: "Mugabo nahawe uwundi muti igihe nakomeza gusaba ko nshaka gufashwa kugira ngo nongere kwumva uburyohe mu mibonano mpuzabitsina.

"Kuba naratowe ingwara ya kanseri yari ikaze, vyasigura ko ico abaganga bihutira kumfasha kitari ubuzima bw' imibonano mpuzabitsina".

Dr. Aziza avuga ko hari n'ibindi umuntu ashobora kwigurira atarinze kwandikirwa na muganga, nk'amavuta yorosha mu gitsina, ariko muganga agira inama abantu kubanza kwihweza neza ibiba bigize ayo mavuta vyanditse kugira ngo birinde kuziranirwa hamwe umubiri wabo woba utavyihanganira.

Nayo ku boba bafise imitsi isa n'iyiriko iratakaza inkomezi, muganga ashobora kubafasha.

Ariko ico ahanura uwo ari we wese, yaba uwashikiriwe no guca imvyaro canke ataraca, "ni uguhindura inyifato mu mibereho yabo ya minsi yose. Kugira imyimenyerezo, gufungura ivyamwa n'imboga, kugabanya inzoga. Ntunywe itabi, kandi ugumane ibiro bitari umurengera".

Ikintu kimwe Dr Sesay avuga ni ukwiyitaho: "Kwiyitaho si kwigungirako. Gerageza wikure umwitwarariko w'ibiri iruhande yawe aho ubaye. Abagore kenshi usanga biremeka vyinshi, nk'aho umenga turi 'ibihangange' (superwoman).

"Saba bagufashe, nimba naho udakunda gusaba ubufasha, gerageza wemere iyo hari uwushatse kugufasha".