Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Flooding the zone: Menya uno mukenyuro wa Trump n'ico yiteze gushikako ?
- Umwanditsi, Luis Barrucho
- Igikorwa, BBC World Service
Donald Trump nta n'ukwezi gukwiye aramara kuva atanguye ikiringo ciwe kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko umuvuduko ariko mu gushira mu ngiro ivyo yiyemeje uteye ubwoba.
Kuva ashikirijwe ubutegetsi ku wa 20 Nzero (1), amaze guha imbabazi abagize uruhara mu migumuko yo ku wa 6 Nzero 2021, agabanya imfashanyo ija mu makungu, ahagarika ukwakira abimukira, ahagarika imigambi yo gutanga akazi hakurikijwe ubudasa mu ntumbero yo kugabanya ikumira n'ivangura no guteza imbere abantu b'imirwi itandukanye, yongera ashinga amakori ku butare bwa fer na aluminium buva hanze, n'izindi ngingo.
Amaze kuvugana na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya ku bijanye no guhagarika intambara, mu gihe vyitezwe mbere ko kuri uyu wa kabiri ashobora gutangura ibiganiro nawe muri iyi ntumbero, hanyuma kandi akaba aherutse kuvuga ko Amerika ishobora kugura Gaza.
Abanywanyi biwe babona ko ibi vyose ariko abikora mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo yabemereye mu gihe c'imyiyamamazo. Ariko abihweza ibintu n'ibindi babona ko gufata ingingo z'agasakisaki nyinshi nk'izi bifise kandi intumbero yo kwereka abatavuga rumwe na we ko abaruta kure cane no gutesha agaciro ivyo bamuvugako – uwu ukaba ari umukenyuro uzwi nkaflooding the zone/inondation de la zone(aha tukaba twobigereranya nogushwara akarere).
Bavuga ko Trump yakoresheje uno mukenyuro mu kiringo ciwe ca mbere, ubu naho rero akaba ariko arawukoresha ku rugero rwo hejuru.
None uno ni umukenyuro nyabaki, Trump ashaka gushika kuki??
Kuva ku nkino gushika kuri poritike
Flooding the zone canke gushwara akarere ni umukenyuro ukoreshwa mu rukino ruzwi nka American football rwo muri Amerika, aho uruhande rusatira rusagiriza uruzibira kugira ngo rurutsinde ruciye ku mpande zitagira inguvu nyinshi.
Mu 2018, Steve Bannon yahoze ari umujenama mukuru wa Trump yavuze ko abakeba nyamukuru ba Trump batari Abademokarate, ko ahubwo vyari ibinyamakuru, kandi ko rero "inzira yo kubikenyura kwari gushwara akarere" n'induru nyinshi cane.
Abahinga bavuga ko uno mukenyuro utesha umutwe abamunegura, ukababuza kugira imvugo bose bahuriyeko.
Evan Nierman, umuyobozi nshingwabikorwa w'ikompanyi y'itumatumanako, Red Banyan, yabwiye BBC ati: "Trump ntashinga imigambi gusa – arayihagararira. Mu gushwara akarere, akora ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire impari zimara igihe kirekire ngo zihave zigira ingaruka mbi. Ibibazo vyoshira mu ngorane uwundi munyaporitike ntivyijana uko nyene".
Intego yiwe ni ukwiganzira urubuga rwose mu binyamakuru ku buryo abakeba biwe basigara bishura ku vyo avuze, "mu gihe ari we ategeka ingene ikiyago kigenda", nk'uko Nierman abisigura, akavuga ko uno mukenyuro wa Trump ari "ibiharuro".
Ati: "Abanyaporitike hafi bose barinengesera mu gushirako poritike yabo; Trump wewe adudurirako. Haba mu gufata ingingo za poritike, haba mu ntambara y'imbere y'amategeko canke n'ivyo avuga giturumbuka, umukenyuro ni umwe : kubandanya ashwara , kuguma ari we wenyene avugwa, no gutuma hatagira ababandanya bamunegura".
Michael Montgomery, umwigisha kuri kaminuza ya Michigan-Dearborn, avuga ko uno mukenyuro utuma abakeba basanzara.
"Urasanzaza abantu irya n'ino kugira ngo baje kurwana intambara ataco zimaze nk'ubusimbirahamwe". Ibi bituma abakeba badashobora kuja hamwe ngo bamurwanye, nk'uko yabibwiye BBC.
Katherine Cartwright, umwe mu bashinze ishirahamwe ry'itangazamakuru Criterion Global, arerekana ayandi mayeri nka kimwe mu bigize uno mukenyuro: ico yita Friday drop, aho ingingo ziteza impari zitangazwa mu mpera z'iyinga zikagenda zibagiranwa mu banyagihugu uko bagenda binjira mu minezero ya wikendi (weekend).
Cartwright arafatira kw'igenwa rya Pete Hegseth, umunyamakuru wo ku mboneshakure yagenywe nk'umushikiranganji wo kwivuna abansi. Abamunegura bavuga ko Hegseth ata bushobozi bwo kuba indongozi afise kandi akaba yagirizwa ihohotera, ivyo ahakana. Inyuma yo kwemezwa ku wa gatanu, "yashitse mu gatondo ko ku wa mbere atakivugwa mu binyamakuru", niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Umushingamateka w'umudemokrate Jamie Raskin avuga ko umuvuduko wa Trump ari "umuzigo urengeje urugero".
Yabwiye ikinyamakuru The New York Times ati: "Umwanya umwe mba ndiko mvugana kuri terefone n'umuntu akora ibikorwa vy'igerageza ry'imiti ya kanseri kw'izina rya reta kandi ari hafi yo kwirukanwa kubera kimwe mu bikorwa vy'akazi kiwe harimwo uguhimiriza abanyagihugu b'inkehwa. Uwundi mwanya, mba ndiko mvugana n'abanyamategeko mu gisata c'ubutungane, aho nyene bakaba bategerezwa kwimurirwa ahandi ku nguvu. Kandi ibi ntibihagarara".
Montgomery agira ati: "Gusatira akarere ni uguteza akajagari karuhisha abakeba kakateza uruyogoyogo wizeye ko n'abandi Banyamerika bazoruhira kubivamwo".
Avuga ko ibi bituma ikiringo kigira kabiri ca Trump "kigira umwidegemvyo wo gukora ibintu vyinshi - ari nka hamwe bitoba biri mu ruvangatirane rw'ibindi vyinshi- vyotuma abakeba babishinga ijisho".
Ico abanywanyi ba Trump bavuga
Abanywanyi ba Trump babona ibi bikorwa vy'agasakisaki nk'ubushobozi bwo kurongora igihugu no kwitwararika gushira mu ngiro ivyo yabemereye mu gihe c'imyiyamamazo.
Umushingamateka w'umurepubulikanikazi Marjorie Taylor Greene yabwiye The New York Times ko imigambi ya Trump yemejwe n'abamutoye, kandi ko ariko arakora "akwakwanya" kugira ngo ije mu ngiro. Ati: "Ibi bisaba gukora ijoro n'umurango".
Mu rukurikirane rw'ikiganiro ciwe War Room, Bannon arashima umuvuduko ubu butegetsi buriko. "Uravye urugero, umwitwarariko, n'umuvuduko, ibi ni ibiva mu myaka abantu bamaze bakora kuri iki kibazo", nk'uko avuga "ibi ntivyabaye mw'ijoro rimwe.
"Honyora ipedari, nta gufata ifire. Yinyonge. Yinyonge. Yinyonge", ni ko avuga, akongerako ati: "Iyo ufise inguvu nk'izi, ntuhagarara, nta vyo kwiyumvira. Uguma ugenda, ugenda, ugenda!"
Arashima kandi Stephen Miller, icegera c'umukuru w'igisata kijejwe imigambi mu biro vy'umukuru w'igihugu, afatwa ko ari we ahagarariye uno mukenyuro wo gushwara akarere muri iki kiringo kigira kabiri ca Trump.
Uno mukenyuro woba warakoreshejwe imbere y'aha?
Evan Nierman avuga ko umukenyuro wogushwara akarere atari ikintu gishasha kizanywe na Trump.
Ati: "Kuva muri kahise abategetsi barakoresheje umukenyuro wo kuremereza ibinyamakuru ku nyungu zabo, ariko mu buryo butandukanye".
"Ibiganiro vya Franklin D Roosevelt vyo kwiyegereza abanyagihugu, ubuhinga bwa John F Kennedy bwo gukoresha imboneshakure eka mbere n'ukungene Barack Obama yiganziye ibinyamakuru vyo ku buhinga bwa none, vyose vyari bishingiye ku guhindura ukuntu abantu babona ibintu".
Ariko, hariho itandukaniro rimwe, nk'uko avuga. "Trump akora ibi ku rugero rwo hejuru, atiyumviriye kandi akaguma ari mahindagu".
Montgomery ntavyemera akabona ko ivyo Trump akora ari ntagereranywa. Ati: "Imisi 100 Franklin D Roosevelt yamaze ata gahengwe atanga mu 1933 ntivyari ivyo kurondera gushwara akarere kugira ngo ibindi bikorwa vy'ubutegetsi ntibishobore gushingwa ijisho.
"Sinibaza ko hari uturorero tw'imbere y'aha ku bakuru b'igihugu b'abademokrate canke abarepubulikani two gushwara poritike ya Washington mu gufata amategeko n'amabwirizwa vy'agasakisaki mu ntumbero yo gusamaza no kujuragiza".
None uno mukenyuro urashobora gukora?
Kumbure haracari kare kwemeza nimba Trump azokwererwa n'uno mukenyuro. Mu vy'ukuri, bamwe mu bahinga bavuga ko iyi nzira ishobora kumugirako ingaruka mbi.
Montgomery ati: "Nubwo kumbure benshi mu banywanyi ba Trump vy'ukuri batazoshika aho baruhishwa n'akavuyo ateza, ndabona ko uno mukenyuro ushobora kugira ingaruka mbi, kumbure mu matora yo hagati mu 2026".
Avuga ko Trump n'abarepubulikani badafise ibitigiri vy'umurengera vy'ababashigikiye mu banyagihugu ba Amerika.
Ati: "Trump yatsinze mu matora rusangi ku rugero hafi rwa 1.5%. We n'abarepubulikani mu vy'ukuri nta bushobozi bwinshi bafise bwo guhindura ibintu mu buryo busanzwe inyuma y'amatora, tube turaretse izi mpinduka zidasanzwe bariko bagerageza gukora".
Nierman wewe agabisha ko n'abanywanyi ba Trump bo nyene ubwabo bashobora gushika ahantu bakaruhishwa n'akavuyo kiwe.
Arangiza agira ati: "Iki ni co kintu kibi gishobora gushika. Inguvu za Trump ni zo ziganziye ibiyago, ariko iyo abantu bahevye kwumviriza, ubu bwiganze buca buvamwo uruyogoyogo. Ari nka hamwe ibi vyoshika, ashobora gusanga atakaje amajwi muri za ntara mahindagu kandi ari zo zamushigikiye kubera imigambi yiwe, atari kubera igihagararo ciwe".