'Ukuboko kw'Imana kwaramukozeko' - Messi yaraye yerekanye ko akiri igitangaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Bobbie Jackson
- Igikorwa, BBC Sport Journalist
Nta kintu kiryoshe nko kubona Lionel Messi ariko arondera kwitaza kugira ngo atere umupira wa coup-franc ku metero nka 20.
Messi yaraye yibukije abakunzi b'umupira - nimba koko vyari ngombwa – ko agishoboye gukora ibitangaza aho umurwi wiwe Inter Miami waraye wirahiye Porto mu rukino rw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rihuza imirwi (Coupe du Monde des Clubs/Club World Cup).
Coup-franc y'iyi nararibonye mu mupira w'amaguru w'imyaka 37 yatewe n'ubuhinga budasanzwe, nta kuntu Claudio Ramos yari gushobora kuyikurayo.
Uyu ni ya ntibagirwa ku bakunzi ba Barcelona, aho benshi bibuka ibitsindo 73 yatsindiye uno murwi mu nkino 60 zose hamwe mu mwaka w'inkino wa 2011-2012.
Iki gitsindo kigira 68 yinjije kuri coup-franc cerekanye ko Messi atari ubuhinga abuze.
Juninho Pernambucano (ibitsindo 77 kuri coup-franc) yamaze hafi imyaka yose y'umwuga wiwe akinira Lyon hamwe na Pelé (70 kuri coup-franc), ni bo bakinyi bonyene gushika ubu basumvya Messi ibitsindo vyo kuri coup-franc.
"Ukuboko kw'Imana kwaramukozeko, si vyo? Ntibisanzwe. Ni umukinyi w'igitangaza koko", bivugwa n'umunya-Portugal Jose Fonte yahoze akina inyuma.
Shay Given na we yahoze ari umunyegori wa Newcastle yabwiye imboneshakure Dazn ati: "Uramutse uronse akaryo ko kurorera uyu muhungu iyo aramutse akina – ntikagucike, genda urabe. Ibi ni vyo akora.
"Kuri we [iyi coup-franc] ni nka penalti – ntahusha. Ni igihangange.
"Ni maestro, akora ibisigabwenge, nta majambo woronka yo kumusigura".
Iki gitsindo ca Messi yinjije kuri iyi coup-franc ku munota wa 54 caje haciye akanya gato mugenziwe Telasco Segovia agomboye ico bari batsinzwe mu gice ca mbere c'urukino, kikaba ari co cahaye intsinzi Inter Miami, kiyiha n'amahirwe mu rugamba rwayo rwo kurondera itike yo mu gice c'umunani gishira ica nyuma muri iri higanwa.
Ni yo ntsinzi ya mbere muri iri higanwa y'uno murwi wo muri MLS (Major League Soccer, ihiganwa ry'umupira w'amaguru muri Amerika), ibi bigasigura ko inota rimwe ryonyene mu rukino rwa nyuma rw'umurwi A aho izohura na Palmeiras yo muri Brezili, iyi ikaba ari yo iri hejuru, muri uno murwi, ryotuma iyi mirwi yompi ibandanya.

'Amaguru yiwe aracari igitangaza'
Inyuma hafi y'imyaka ibiri asezeye Ubulaya na Paris St-Germain akimukira muri MLS, Messi ntaratakaza igihagararo ciwe nk'umwe mu bakinyi bafata iya mbere mu mupira w'amaguru kw'isi.
Messi yashikanye ibitsindo 50 mu nkino 61 akiniye Inter Miami akaba ari we mukinyi wa mbere yinjirije ibitsindo vyinshi uno murwi watangujwe mu 2018.
Uno mukinyi yatsindiye Ballon d'Or (umupira w'inzahabu) incuro umunani zose asanzwe amenyereye kwinjiza ibitsindo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose rihuza ama-Clubs (imirwi), akaba amaze kwinjiza incuro zitandatu mu nkino indwi.
Igihe yakinira Barcelona yinjije ibitsindo bitanu, harimwo bitatu yateye mu nkino za nyuma, yongera atsindira iri higanwa mu 2009, 2011, 2015 – bitatu mu bikombe vyinshi amaze gutahukana mu myaka y'igitangaza amaze mu mwuga wiwe.
Messi yaraye yinjije igitsindo kigira 754 yinjije mu nkino mpuzama-club, kandi nta kintu na kimwe cerekana ko ariko ararekura.
Mugenziwe Fafa Picault bakinana muri Inter Miami ati: "Ni we mukinyi wa mbere kw'isi yose".
Aza mu mwanya wa kabiri ku rutonde rw'abamaze gutsinda ibitsindo vyinshi mu gikombe c'isi c'ama-club, ikibanza asangiye na Gareth Bale hamwe na Karim Benzema bafise na bo nyene ibitsindo bitandatu, akaba abuze kimwe gusa kugira ngo anganye na Cristiano Ronaldo afata iya mbere n'ibitsindo indwi.
Nta wundi mukinyi yakubise amacenga gusumba Messi ku kibuga Mercedes-Benz Stadium i Atlanta, akaba aza ubwa gatanu mu bakinyi batanze ama-passe menshi muri uru rukino (56).
"Urashobora gusumvya abandi mu ma-passe ariko ntihagire ico bihindura", ni ko Don Hutchison yahoze ari umukinyi wo hagati wa Ecosse yavuze kuri Dazn .
Ati: "Lionel Messi abikora vyompi, arahindura urukino, agafata urukino mu minwe. Aragenzura abakinyi bagenziwe, ntiyigera atakaza umupira.
"Amaguru ya Lionel Messi aracari igitangaza. Ku myaka 37, aracanyaragurika".
Messi kandi aza ubwa gatatu mu bakinyi bakoze ku mupira incuro nyinshi muri uru rukino na Porto, incuro 70 - Sergio Busquets (85) na Fabio Vieira (99) wa Porto ni bo bamurushije.
'Tureretse amakungu ko dushobora guhiganwa'
Messi arashobora guhimbaza isabukuru yiwe y'amavuko igira 38 ku wa kabiri mu kuronka itike yo mu gice c'umunani gishira ic nyuma muri iri higanwa ry'igikombe c'isi yose rihuza ama-club.
Inter Miami ifise intego yo gushika kure yifashishije abakinyi bamwe bamwe bariko barakura nka Messi, Luis Suarez, Busquets na Jordi Alaba – bose bakoze bigashimwa mu myaka yabo y'igitangaza bamaze muri Barcelona – bari kumwe kandi na bamwe mu bakiri bato bava ku mugabane wa Amerika.
Ni bwo bwa mbere umurwi wo muri MLS utsinze umurwi wo ku mugabane wa Bulaya mw'ihiganwa nk'iri inyuma y'aho Messi na bagenziwe batsindiye Porto muri uru rukino rwa nijoro ku wa kane.
Umumenyereza Javier Mascherano yabwiye Dazn ati: "Uno musi tureretse amakungu na twebwe nyene ko dushobora guhangana n'umurwi uwo ari wo wose.
"Ni ikintu gikomeye ku banyagihugu ba Amerika kubona ukungene umurwi wacu uvyifatamwo neza muri iri iganwa".
Imbere y'izi nkino z'iri higanwa rya Club World Cup ryatunganijwe gushasha, umurwi umwe rudende wa MLS ni wo wari umaze kurijamwo. Seattle Sounders, na yo nyene isanzwe iri muri iri ry'uno mwaka, yarashoboye gushika mu gice ca kabiri mu 2022.
Sounders, Inter Miami na Los Angeles FC yose iriko irondera kunezereza abafana bayo mu mayinga ari imbere muri iri higana ririko ribera ku bitaka bwayo.










