Argentina: Indirimbo yatosekaje intsinzi ya Messi na bagenziwe muri Copa

Abafana ba Argentine bigina intsinzi yabo kuri Colombia

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abafana ba Argentine bigina intsinzi yabo kuri Colombia
    • Umwanditsi, Tim Vickery
    • Igikorwa, Umwanditsi wa football muri Amerika y'ubumanuko

Argentine yatsindiye ihiganwa ry’igikombe ca Amerika, Copa America, ariko abatari bake bayitereye icubahiro bitewe n’ukungene biginye intsinzi.

Umukinyi wo hagati wa Chelsea Enzo Fernandez ashobora gufatirwa ibihano muri uno murwi inyuma yo gusohora videwo ku mbuga hwaniro ifatwa n’ishirahamwe ry’Ubufaransa rijejwe umupira w’amaguru ko yarimwo “amajambo y’ivanguraruhu n’amacakubiri”.

Eka n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, ririko riratohoza iyi videwo, aho benshi mu bakinyi ba Argentina – igihe bigina intsinzi yabo ya 1-0 kuri Colombia mu rukino rwa nyuma – nabo bagize uruhara mu ruririmbo rwatanguye kuririmbwa n’abafana ba Argentina binubira abakinyi b’abirabure hamwe n’imvange mu Bufaransa.

Ingaruka iyi ndirimob yagize kw'isi zatumye reta ya Argentine ifata ingingo.

Intwaro ya Javier Milei y'abagendera ku mico ya kera isanzwe itagira ikinya ku kintu ico ari co cose gishobora gufatwa kw'"ukwikangura".

Ariko Julio Garro, icegera c'umunyamabanga ajejwe inkino, abona ko kizigenza w'umurwi nserukiragihugu Lionel Messi hamwe n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu Claudio Tapia bakwiye gusaba imbabazi kuri iyi ndirimbo bamwe baririmvye bari mu modoka mw'ijoro ryo ku wa Mungu. Ati: "Yatumye tuboneka nabi".

Ejo ku wa gatatu, Garro yaciye yirukanwa kubera aya majambo yavuze, mu gihe abandi nabo bamirira kure ivyo gusaba imbabazi.

Mu majwi yo ku rugero rumwe kandi ataryoheye ugutwi, iyo imirwi yo muri Argentine iramutse ihura n'abakeba bayo ba Brezili mu mahiganwa yo ku mugabane, abafana ba Argentine barakunze kwerekana ibimenyetso vy'inguge.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Babajijwe n'abanyamakuru, ababikora bariyamiriza bivuye inyuma ko babikora kubera ivanguraruhu. Bavuga ko baba bariko baratebura. Bavuga ko vyose bimeze neza, ata rwanko rurimwo, intambara y'umupira w'amaguru. Ikintu ico ari co cose gitesha umutwe kikababaza umukeba nta ngorane. Kandi kuri iki kibazo, abavuga uku ni benshi cane.

Utwigoro tw'imirwi y'umupira w'amaguru muri Argentine two kurwanya iyi nyifato kenshi ntaco dushikako, aho ifatwa nk''urwanko ku banyamahanga' - aho kuyita izina ryayo: ivanguraruhu.

Ikibabaje gusumba ni uko iyi nyifato yerekanywe na bamwe mu bakinyi. Aha nta citwazo kihari.

Uretse umwe mu banyegori b'abasubirizi, abakinyi bose basanzwe baba i Bulaya.

Aba bakinyi basanzwe bakina mu mirwi igizwe n'abakinyi bava mu bihugu bitandukanye, b'imico itandukanye, kandi b'amoko atandukanye. Bategerezwa kuba bazi iki kibazo gusumba abandi bose.

Hampande y'ibihano bishobora gufatwa, inyifato y'aba bakinyi ishobora guteza icuka kibi mu mirwi yabo mu gihe bazoba basubiye mu myimenyerezo yo kwitegurira amahiganwa y'umwaka uza.

Enzo Fernandez

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Enzo Fernandez yasavye imbabazi inyuma yo gusohora videwo ku mbuga hwaniro ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'Ubufaransa rivuga ko yarimwo indirimbo "z'ivanguraruhu n'amacakubiri"

None ni kubera iki bakora ivyo?

Kimwe mu biryohera abakinyi b'umurwi nserukiragihugu ni akaryo ko guhurira hamwe na bagenzi babo basangiye umuco bakaririmba indirimzo zabo.

Ni akaryo kuri bo ko kwiyumva nk'abanya-Argentine koko mu buryo nyabwo.

Hari ibintu vyinshi mu muco w'abafana biryoshe. Uturirimbo twabo dushobora no kugusinziriza.

Ariko amajambo y'icitabirizo ari muri uru ruririmbo rwatanguriye mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ca Qatar, aho Argentine yatsinze Ubufaransa ku ma penalties, ni amajambo ababaje cane.

Abakinyi ba Argentine, hampande y'uko bashobora gusanga bariko batuka abakinyi bagenzi babo n'abafana b'abirabure, izi ndirimbo ziratyoza akaranga kabo.

Muri kino gihe, ni ikintu kigoye kubona umunya-Argentine w'umwirabure. Ariko siko vyamye.

Usubiye inyuma mu gihe c'ubukoloni bw'aba-Espagnol, igihugu carakiriye abacakara b'Abanyafrika bakeya cane ugereranije na Brezili ihana urubibe nayo. Ariko mu myaka hafi amajana abiri iheze, ica gatatu c'ababa ku mugwa mukuru Buenos Aires bari abirabure.

Abafana ba Argentine bigina intsinzi mu mabarabara ya Buenos Aires inyuma yo gutsinda Colombia mu rukino rwa nyuma rwa Copa America

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abafana ba Argentine bigina intsinzi mu mabarabara ya Buenos Aires inyuma yo gutsinda Colombia mu rukino rwa nyuma rwa Copa America

None vyagenze gute kuri aba birabure?

Hari vyinshi bivugwa, bimwe muri vyo harimwo ibiza vy'ubwoko bw"inyonko buzwi nka 'fievre jaune/yellow fever' hamwe n'ibindi bivugwa ko bishwe mu ntambara yo kurondera intahe y'ukwikukira.

Ariko, ukuri ni uko hageze igihe bakarengerwa n'amamiriyoni y'abimukira bisukiriye muri ico gihugu bavuye i Bulaya no mu Buseruko bwo hagati (cane cane bavuye mu Butaliyano - abanya-Argentine basanzwe bavuga ururimi rw'iki-espagnol ariko n'ijwi ry'igitaliyano) mu mpera z'ikinjana ca 19 no mu ntango z'ikinjana ca 20.

Akanyafrika karacahari. Abantu bafise urukoba rwirabura bakunze kwitwa 'el negro' - ijambo ata ntego mbi rifise.

Umuco nyafrika warasizeyo ikimenyetso kidafudika. Intambo nyamukuru ndangamuco ya Argentina ni tango. Iri ni ijambo ry'ikinyafrika, kandi indirimbo n'intambo, nk'uko bimeze mu midiho itari mike yo ku mugabane wa Amerika, ni inkurikizi z'uruvangatirane hagati y'Abanyafrika, Abanyabulaya n'abasangwabutaka.

Kubera inkomoko yayo y'abantu batobato, tango yarasuzuguwe n'incabwenge za Argentine zayibona nk'ikintu giteye isoni - gushika aho yiganzira Paris mu ntango z'ikinjana ca 20, bituma yemerwa.

Mbere hari ikintu kiryoshe kwumva ko (nk'uko vyagenze kuri samba muri Brezili), tango muri Argentine yafashe inzira y'igihushane n'umupira w'amaguru. Uno mudiho w'umuziki watanguriye mu bantu bo hasi ugenda uduga hejuru, mu gihe umupira w'amaguru watanguriye mu ncabwenge ugenda umanuka hasi.

Ndafise umwe mu bagenzi w'umunya-Uruguay w'umwirabure, akaba ari umuhinga mu nyifato.

Ni ngombwa kuri we kumenya ibintu nk'ibi neza, kandi yaramaze imyaka itari mike aba i Buenos Aires kandi ata ngorane n'imwe yigera agira.

Ku ruhande rumwe, umuzo w'abimukira b'Abanyabulaya benshi muri ako gace ka Amerika y'ubumanuko waragaragara neza ko wari umugambi w'ivangura.

Ico gihe hari hasanzwe ivyiyumviro vy'uko hari 'amoko' amwe amwe yafatwa ko asumba ayandi.

Abategetsi ba Amerika y'ubumanuko barondeye 'guteza imbere' ibihugu vyabo mu kuzana abakozi b'abazungu.

Rero kubona Argentine ifise abanyagihugu benshi bafise amamuko y'Abanyabulaya ni ingaruka y'uno mugambi w'ivangura.

Iciyumviro c'ubusumbane hagati y'amoko ntaho cigeze kija, kandi caribonekeje cane mu majambo y'urwo ruririmbo rwatumye bamwe mu bakinyi ba Argentine basibanganya icubahiro cabo bihaye ku wa Mungu.