Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ishyaka riri ku butegetsi muri Mozambique ryatsinze amatora ku bwiganze atavugwaho rumwe
- Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba i London na Jose Tembe i Maputo
- Igikorwa, BBC News
Ishyaka riri ku butegetsi muri Mozambique, FRELIMO, ryatsinze amatora atavugwaho rumwe yaranzwemo urugomo, rikaba rigiye kongera igihe cy'imyaka 49 rimaze ku butegetsi muri iki gihugu cyo muri Afurika y'amajyepfo, nkuko ibyavuye mu matora byatangajwe bibigaragaza.
Daniel Chapo, umukandida perezida wa FRELIMO muri rusange utari uzwi, ubonwa nk'uw'impinduka, azasimbura Filipe Nyusi, urangije manda ebyiri.
Chapo, w'imyaka 47, wabonye amajwi 71%, azaba Perezida wa mbere wavutse nyuma yuko Mozambique ibonye ubwigenge kuri Portugali mu mwaka wa 1975.
Uwamukurikiye bya hafi mu bo bari bahatanye ni Venancio Mondlane, wabonye amajwi 20%.
Mu ijambo rye nyuma yo gutangazwa ko yatsinze amatora, Chapo yagize ati: "Twaracecetse muri iki gihe cyose, ku bwo kubaha amategeko. Turi ishyaka rikorera kuri gahunda ritegura intsinzi zaryo."
Nyuma y'itangazwa ry'ibyavuye mu matora, habaye imyigaragambyo irimo urugomo mu mijyi myinshi, ndetse hari abantu bishwe. Abapolisi benshi bagabwe mu duce tumwe na tumwe.
Aya matora yaranzwemo ibirego by'uburiganya n'iyicwa ry'abashyigikiye abatavuga rumwe n'ubutegetsi, bituma habaho imyigaragambyo mu bice bitandukanye by'igihugu.
Perezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa, na we mu myaka ishize warezwe gukora uburiganya mu matora, yashimiye Chapo mbere y'igihe ku bw'"intsinzi ikomeye" ye, na mbere yuko ibyavuye mu matora bitangazwa.
Ossufo Momade, umukandida w'ishyaka RENAMO ryahoze ari umutwe w'inyeshyamba, mbere ryari ryo shyaka rya mbere rikomeye ritavuga rumwe n'ubutegetsi, yaje ku mwanya wa gatatu n'amajwi 6%.
Umusesenguzi kuri politike Tomas Viera Mario yabwiye BBC ko RENAMO yatakaje "umwanya wo mu mateka" wayo kuko Momade, w'imyaka 63, yananiwe kwigarurira abatora b'urubyiruko.
Imibare yatangajwe yatunguye abatora benshi, barimo bamwe mu barwanashyaka n'abashyigikiye ishyaka riri ku butegetsi, by'umwihariko batungurwa no kuba FRELIMO yatsinze ku majwi menshi.
Fernando Mazanga, umuyobozi wungirije w'akanama k'amatora, washyizweho na RENAMO, yavuze ko "ibyatangajwe binyuranyije n'ubutabera bw'ibyavuye mu matora".
Yagize ati: "Ibi byatangajwe nta ho bihuriye n'ukuri."
Akanama k'amatora kavuga ko ku bantu barenga miliyoni 17 biyandikishije gutora, abagera kuri 43% ari bo bitabiriye aya matora.
Amatora y'abadepite n'abakuru b'intara na yo yabereye rimwe n'aya matora ya perezida.
FRELIMO yatsindiye imyanya 195 mu myanya 250 y'abagize inteko ishingamategeko. Ishyaka PODEMOS ritavuga rumwe n'ubutegetsi, ryashyigikiye Mondlane nk'umukandida perezida, ryabonye imyanya 31, naho RENAMO ibona imyanya 20.
FRELIMO yanatsinze amatora yose yo ku rwego rw'intara.
Nyuma y'itangazwa ry'ibyavuye mu matora, Perezida Nyusi yishimiye intsinzi ya FRELIMO, mu ijambo ryanyuze kuri televiziyo yagejeje ku gihugu.
Aya matora yabonwaga nk'ashobora kuzana impinduka ikomeye muri iki gihugu gikungahaye ku mabuye y'agaciro no kuri gaze, ariko cyugarijwe n'ibibazo by'ubukungu, ruswa n'ubucyene.
Mondlane yari yasabye ko ejo ku wa kane haba imyigaragambyo mu gihugu mu kwamagana uburiganya buvugwa ko bwabaye mu matora.
Yavuze ko iyo myigaragambyo yari guha icyubahiro umunyamategeko we n'umutegetsi wo mu ishyaka bishwe barashwe mu cyumweru gishize, mu cyo yise ubwicanyi bushingiye ku mpamvu za politike.
Yavuze ko yatsinze amatora nubwo ibyayavuyemo by'ibanze bigaragaza ko Chapo ari imbere ye kure cyane.
Mondlane ubu afite igihe cyo kugeza mu Kuboza (12) uyu mwaka kugira ngo ajurire ku byavuye mu matora.
Ku wa mbere, yateguye imyigaragambyo yo ku rwego rw'igihugu, yatatanyijwe n'abapolisi barasaga amasasu nyamasasu n'imyuka iryana mu maso ku bigaragambya.
Aya matora yananenzwe n'indorerezi z'amatora zo mu muryango w'Ubumwe bw'Uburayi (EU), zavuze ko bimwe mu byavuye mu matora byahinduwe.
Zavuze ko habayeho "inenge mu kubara [amajwi] ndetse n'ihindurwa ridafite ishingiro ry'ibyavuye mu matora".
Umusesenguzi kuri politike Adriano Nuvunga yamaganye icyo yise uruhererekane rw'amatora abamo uburiganya muri Mozambique.
Ibiro ntaramakuru Reuters byatangaje ko akanama k'amatora kanze kugira icyo kavuga ku birego by'uburiganya mu majwi.
Biteganyijwe ko Chapo arahira muri Mutarama (1) umwaka utaha.
Amakuru y'inyongera yatawe n'umunyamakuru wa BBC Shingai Nyoka.