Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya Ruguru yerekanye umurongo muremure cane wa misire ziraswa kure
Na Kelly Ng i Singapour na Jean Mackenzie i Séoul
BBC News
Korea ya Ruguru yashize ahabona urukurikirane runini cane rutari bwigere rubaho rwa misire ziraswa kure, ikizwi nka 'missiles ballistiques intercontinentaux/intercontinental ballistic missiles' (ICBMs), abihweza ibintu n’ibindi batari bake bakavuga ko zishobora gushira mu ngorane ubwirinzi bwa Amerika.
Mw’idefire ya gisirikare y’ejo ku wa gatatu, misire za ICBM ziraswa kure zirenga cumi zarerekanywe.
Indongozi Kim Jong-un yabonetse igihe haba iyo defire isaha zitandatu z’ijoro ahagararanye n’umukobwa wiwe.
Iboneka rya Kim Ju-ae ryatumye haba abibaza ko ariko arategurwa nk’uwuzomusubirira.
Iki gitigiri c’izi misire ziraswa kure zerekanywe muri iyi defire cateje impungenge. Abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko igitigiri nk’iki ca misire – zizwi ko zishobora kugera ku butaka bwa Amerika – gishobora kuremera ubushobozi bwa Amerika bwo kwivuna ibitero vya nikleyeri mu gihe misire imwe imwe yokwikorera ibisasu vyinshi.
Ibinyamakuru vya Korea ya Ruguru nta makuru arambuye bitanga, ariko bivuga ko ibirwanisho nk’ibi vyerekana ko igihugu “gifise ubushobizi bwo kuzibira intambara no kwivuna”.
Amasanamu yasohowe n’ibinyamakuru vya Korea ya Ruguru mu gatondo ko kuri uno wa kane yerekana misire za ICBM zirenga cumi ziriko zirazunguruka mu kibanza c’ibirori hagati ku mugwa mukuru Pyongyang – ziherekejwe n’ingabo zigenda n’amaguru.
Ankit Panda, umuhinga mu bijanye na poritike ya nikleyeri mu kigo Carnegie Endowment for International Peace, avuga ko kubona Korea ya Ruguru yongereza ububiko bwayo bwa nikleyeri ari “ikibazo gikomeye ku migambi ya gisirikare” ya Amerika mu gihe hoba intambara, kuko bishobora kugorana ukungene Amerika yobona misire zose za ICBM za Korea ya Ruguru kugira ngo izisambure.
Iyi defire ibaye inyuma y’umwaka Korea ya Ruguru yageragerejemwo misire nyinshi gusumba iyindi myaka yose, yirengagije ibihano vy’ubutunzi yafatiwe na ONU. Ibi vyatumye haba ibihe vyinshi vyaranzwe n’icuka kibi hagati ya Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo.
Itororokanirizo ry’amakuru ryegamiye kuri reta ya Korea ya Ruguru rivuga ko iyi defire yashimikiye ku bushobozi bw’iki gihugu bwo guhangana n’abansi baco mu gihe hoba intambara n’aho yoba iya nikleyeri.
Kim yafotowe yihweza iyi defire ari ku rubaraza iruhande yiwe hari umukobwa wiwe Ju-ae.
Abihweza ibintu n’ibindi bavuze cane iyerekanwa ry’uyu mukobwa wiwe Ju-ae, azwi ko ubu afise imyaka cumi.
Amasanamu yafashwe n’ibinyamakuru vya reta bimwerekana ari mu birori vy’imbere y’iyi defire ari kumwe n’abategetsi ba gisirikare, yicaritswe hagati ya Kim n’umugore wiwe Ri Sol Ju, ikibanza mu bisanzwe kigenewe se wiwe.
Aba batatu bafashwe isanamu bamwenyura kandi bahagatiwe n’intwazangabo nkuru za gisirikare.
Mu gihe hari bamwe mu bihweza ibintu n’ibindi babona ko Ju-ae yerekanywe nk’uwushobora kuzoragwa ubutegetsi bwa Kim, abandi nabo bavuga ko reta ishobora kuba yashatse kwerekana uyu mutegetsi wa Korea ya Ruguru nk‘“umugabo mu rugo”.
Martyn Williams, umushakashatsi mukuru mu kigo Stimson Center, yihweza cane cane Korea ya Ruguru, avuga ati: "Ntako twari kwirengagiza iyinjizwa ry’umukobwa wa Kim muri bino birori. Abajejwe kwamamaza reta ya Korea ya Ruguru baraboneka ko bariko bagerageza kwerekana Kim Jong-un nk’umugabo afise urugo, ariko kudashiramwo uwundi mukobwa wiwe navyo bituma abantu bibaza vyinshi”.
Kim Jong-un avugwa ko afise nibura abana batatu, harimwo umuhungu mukuru n’umukobwa muto. Ju-ae azwi ko ari umwana wiwe agira kabiri.
Hari haciye amezi atatu gusa atanguye kuboneka ku mugaragaro, aha hakaba hari muri Munyonyo (11), igihe se wiwe amutwara mu birori vyo gutanguza igerageza rya misire ikomeye ya ICBM.