Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki igisirikare ca Afrika y’Epfo kigiye mu myimenyerezo rusangi y’Uburusiya n’Ubushinwa?
Afrika y’Epfo yiteze gutangura uno musi imyimenyerezo ya gisirikare n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa.
Iyi myimenyerezo y’intwazangabo zirwanira mu mazi ihuriranye n’isabukuru y’umwaka umwe Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine, kandi ranegurwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Afrika y’Epfo, Uburusiya n’Ubushinwa biriko bikora iki?
Iyi myimenyerezo yo kurwanira mu mazi yiteze gutangura kuri uno wa 17 Ruhuhuma (2) mw’ibahari Indiyano, hanze y’umweha wa Afrika y’Epfo.
Igisirikare ca Afrika y’Epfo (SANDF) kivuga ko ingabo 350 zaco zitabira iyi myimenyerezo.
Uburusiya bumenyesha ko buzorungika ubwato bwabwo bw’intambara buzwi nka Admiral Gorshkov busanzwe bwikorera ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Zircon, ibisasu bifise umuvuduko usumba uw’ijwi incuro icenda zose kandi bishobora gushika ku birometero 1.000.
Moscou "izogerageza kwerekana ko n’aho intambara ya Ukraine yabugizeko ingaruka mbi, ingabo zabwo zigikomeye cane”, nk’uko bivugwa na Denys Reva wo mu kigo Institute for Security Studies ca Afrika y’Epfo cigisha ibijanye n’umutekano.
SANDF nta nsiguro nyinshi itanga kuri ino myimenyerezo, ariko imyimenyerezo rusangi hagati y’ibi bihugu bitatu yabaye mu 2019 yarimwo amato indwi - ubw’intambara bumwe bumwe bwavuye muri buri gihugu, buri kumwe kandi n’ayandi mato y’igitoro hamwe n’ay’inderetsi.
Bakoze imyimenyerezo yo guhangana n’umuriro hamwe n'imyuzure, be no kubohora amato ari mu minwe y’abambuzi.
Kubera iki iyi myimenyerezo itabonwa ryiza?
Mu kwa mbere, umuvugizi wa Maison Blanche/White House yavuze ati: "Reta Zunze Ubumwe za Amerka zifise impungenge ku gihugu ico ari co cose …gikorana imyimenyerezo n’Uburusiya kuko Uburusiya buri mu ntambara y’ubugome bwatanguje kuri Ukraine”.
Afrika y’Epfo yari iherutse kwanka kugira uruhande ihagazeko mu matora ya ONU yo kwiyamiriza igitero kuri Ukraine. Yaranse kandi kuja hamwe na Amerika n’Ubulaya mu gufatira ibihano Uburusiya.
Ubwato buzwi nka Nord bufitaniye isano n’umutunzi ruhebwa w’Umurusiya yafatiwe ibihano, Alexey Mordashov, bwaremerewe gutura muri Cape Town.
Ubwato, Lady R, bwo gutwara ibintu bw’Uburusiya na bwo nyene bwafatiwe ibihano, nabwo bwaremerewe gupakururira umuzigo ku kigo c’igisirikare ca Afrika y’Epfo kirwanira mu kirere. Reta yavuze ko bwarimwo umuzigo w’ibirwanisho wari watevye.
Afrika y’Epfo ivuga ko yagiranye imyimenyerezo rusangi na Amerika incuro zine kuva mu 2011, kandi ko yakoranye n’iyindi n’Ubufaransa be n’Ubudagi.
Igihe yagenderwa na mugenziwe w’Uburusiya Sergey Lavrov mu kwa mbere, umushikiranganji wa Afrika y’Epfo ajejwe imigenderanire Naledi Pandor, yavuze ati: "Ibihugu vyose birakorana imyimenyerezo ya gisirikare n’incuti zavyo kw’isi yose”.
Umupfasoni Pandor avuga ko kugerageza kubuza Afrika y’Epfo kugirana imyimenyerezo ya gisirikare n’ibihugu ishaka kuba ari “ugukoresha nabi imigenderanire mpuzamakungu”.
Kubera iki Afrika y’Epfo yayigiyemwo?
Afrika y’Epfo kandi yinjiiye muri ino myimenyerezo kubera igisirikare cayo kidafise amafaranga akwiye kandi gifise akazi kenshi, nk’uko bivugwa na Elizabeth Sidiropoulos, arongoye ikigo ca Afrika y’Epfo cigisha ibijanye n’imigenderanire.
Ibikorwa nyamukuru vy’igisata kirwanira mu mazi ni ugukingira uburovyi mu mazi ya Afrika y’Epfo hamwe no kurwanya abambuzi mw’ibahari Indiyano.
Ati: "Gikeneye gukorana n’ibindi bihugu kugira ngo gishobore guhangana n’ingorane zobera hanze y’umweha Waco, nkubwambuzi”.
Umugabwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’Epfo na wo nyene ufitaniye ubucuti n’Uburusiya kuva kera cane.
Ibi ni ivyo kuva muri ya myaka igihugu catwarwa n’inkehwa z’abazungu imbere ya 1994, nk’uko Dr Alex Vines wo mu kigo c’abahinga Chatham House c’i Londres avibuga.
Ati: "Abategetsi ba kera muri ANC baracafitaniye ubucuti budasanzwe na Moscou kubera yamye ibafashe mu mugongo mu rugamba rwabo. Ibi bituma bitorohera Afrika y’Epfo kwikura ku Burusiya ku bijanye na Ukraine”.
Uburusiya, Ubushinwa na Afrika y’Epfo bifitaniye kandi ubucuti bwa none kubera vyose bihurikiye mu rurani BRICS.
Uru runani – ruhurikiyemwo kandi na Brezili hamwe n’Ubuhindi – ruserukira ibihugu bimwe bimwe bifise ubutunzi buriko buraduga cane.
Uburusiya n’Ubushinwa birondera iki?
Umupfasoni Sidiropoulos avuga ko Uburusiya buzokwungukira muri ino myimenyerezo y’uno mwaka gusumba ibi bindi bihugu vyose.
"Yerekana ko Uburusiya bushobora gushikana inguvu zabwo kure cane, kandi ko bugifise incuti kw’isi yose.
"Ibutuma kandi buvuga ko atari isi yose irwanya Uburusiya. Uburengero bwonyene ni bwo burwanya Uburusiya”.
Dr. Vines avuga ko Ubushinwa bwipfuza ko amayira y’ubudandaji aguma yuguruye kugira ngo ibicuruzwa biva ku bivuko vyabwo bishike mu bihugu vya Afrika.
Buripfuza kandi kugira inguvu za gisirikare mw’ibahari Indiyano, hamwe y’umweka wa Afrika.
"Ubushinwa busanzwe bukoresha Djibouti ku mweha wa Afrika y’Ubuseruko nk’ikirindiro co kurwanya ubwambuzi bwo mu mazi, ubu rero kumbura bukaba bushaka kurondera ibindi birindiro”.