Intsinzi ya Trump ivuze iki kw'ihiganwa ry'intebe y'umukuru w'igihugu?

Iyo ntsinzi iri mu bintu bidatangaje cane ufatiye kuri kahise ka bene ayo matora muri Iowa.

Donald Trump yatahanye intsinzi ku majwi menshi cane mw'ihiganwa rya mbere ry'ukurondera itike ryo kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu ruhande rw'aba Republicains, ibintu bikaba vyagenze uko igereranya ry'amajwi ryari ryavyerekanye haraheze amezi.

Ariko kuba yararushije abandi mu buryo atawamwegereye yabaye imvo imwe yatumye uwo yahoze ari umukuru w'igihugu anezerererwa cane iyo ntsinzi ku wa mbere mw'ijoro inyuma y'aho abamushigikiye batatinye imbeho y'ikirenga kugira bamuhe iyo ntsinzi.

Mu gihe amajwi yose asa n'ayamaze guharurwa, Trump afise 51%, umukuru w'intara ya Florida, Ron DeSantis, aza ubigira kabiri ku majwi 21%, na we Nikki Haley yahoze aserukira Amerika muri ONU aza ubugira gatatu kuri 19%.

Uwundi yari mw'ihiganwa, Vivek Ramaswamy, we yatangaje ko asokoye, yiyemeza kuzoshigikira Trump muri New Hampshire ku wa kabiri.

Ariko ni kubera ivyavuye mu matora yo muri Iowa bihambaye cane muri iryo higanwa ry'intebe yo muri Maison Blanche/Whit House?

Haracari kwa Trump

Intsinzi ya Trump muri Iowa muri nini cane mu mateka. Yaronse amajwi menshi kurusha abandi mu ma komine yose ya Iowa uko ari 99 kiretse imwe gusa (na ho nyene yabuze ijwi rimwe gusa).

Nta n'umwe yari bwaze imbere y'abandi muri Iowa ku majwi arenze 12 - ayo Trump arusha abandi yegereje 30% kandi amaherezo ashobora gutahukana intsinzi y'amajwi arenga 50% y'aba Republicains batoye.

Ufatiye ku bivugwa n'abitavye amatora ku wa mbere, urumva igituma kurondera gusubira kwitoza gushika ubu biriko biragenda neza.

Hafi 50% y'abitavye ayo matora (bita caucus) biyumvamwo icivugo ca Trump ''Make Amerika Great Again,'' ku bwa CFS News, ikorana na BBC muri Amerika.

Intsinzi ya Trump kandi yabaye mu mice yose. Yatsinze mu bakiri bato n'abakuze, abagabo n'abagore. Yaratsinze kandi abakizwa n'abagendera ku vya kera yari yatsinze bigoranye mu 2016.

Ubundi abagiye kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu bagatsindwa baribagirwa, ntibigera bashobora kwikunkumura umukungugu w'ugutsindwa. Ariko, Trump yashoboye kwumvisha aba Republicains - muri Iowa no mu gihugu cose - ko atatsinzwe.

Ubwiganze bw'abitavye amatora muri Iowa babwiye CBS ko bemera ko Trump ari we yatsinze mu 2020 - igitigiri caduze gushika ku 99% mu bashigikiye Trump.

Intsinzi ya Trump yahinduye bikomeye uko ibintu vyari bisanzwe bimeze

Kuba Trump afise ikibanza kiri imbere cane mu mugambwe w'aba Republicains nta mpari zirimwo - ariko intsinzi yiwe ngaha, ufatiye kuri poritike yo muri Amerika ya none, ni igitangaza.

Igihe yarangiza ikiringo ciwe ca mbere haraheze imyaka itatu, yari yagiye apfundikiwe n'igicu co kutabonwa kumwe, urugamba rwiwe rwo kutemera gutsindwa na Joe Biden ruhereza mu migumuko yo ku wa 6 Nzero (1). Ubu afise imanza zibiri z'ivyaha zanduruka muri ivyo vyabaye.

None, ubu uwatsinze amatora ya Iowa, yateye intambwe ya mbere imuganisha kuronka itike yo kwitoza kw'izina ry'umugambwe w'aba Repubublicains mu matora yo mu kwezi kwa Munyonyo (11).

Trump aracafise igikorwa gikomeye kugira atware ibendera ry'aba Republicains. Muri New Hampshire ntazokworoherwa imbere ya Nikki Haley mu gihe ibigereranyo vy'ingene yari imbere mu majwi ugereranije n'abandi ubu vyagabanutse cane, ku buryo asigaye ari hafi yo munsi ya 10%.

Ariko muri rusangi ni we akiza imbere cane muri iryo higanwa, na cane cane kuba yashigikiwe n'aba Republicains batoye ubwa mbere.

Ntawe bahiganwa agaragara yavuye muri Iowa

Muri ayo matora yo muri Iowa, icari kirindiriwe kurabwa ahanini ni uwari kuza ubugira kabiri inyuma ya Trump. Amaherezo, DeSantis ni we yatahukanye ikibanza ca kabiri.

Ariko, si ikintu kinini yashitseko, uravye ingene ubuke bw'amajwi amutandukanya na Madame Haley, inyuma yo gushira uburyo bwinshi n'umwanya munini muri Iowa.

Ivyo yashitseko, hamwe no kuba DeSantis yemeye ko agiye kubandanya ihiganwa, ntibitanga umurongo ugaragara wo kwihanga - umuntu ku wundi- Trump mu minsi iri imbere.