Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore akora isuku muri Amerika yishwe arashwe inyuma yo kudodora ku nzu itari yo
Abategetsi muri Amerika bariko barihweza nimba bakwiye gushengeza nyene inzu mu ntara ya Indiana yarashe akica umukozi akora isuku ryo mu mazu yihenze akadodora ku muryango utari wo.
Igipolisi kivuga ko casanze uno mugore Maria Florinda Rios Perez yapfiriye mu maboko y'umugabo wiwe imbere y'irembo ry'uwo muhana ku wa gatatu imbere y'isaha imwe z'agatondo mu masaha yaho.
Abapolisi banyarukiye aho hantu inyuma y'uko abanyagihugu baba mu karere ka Whitestown ko mu gisagara ca Indianapolis batabaje bavuga ko hashobora kuba hari umuhana wari utewe. Aba babiri, ni ukuvuga Maria Florinda yari yarashwe hamwe n'umugabo wiwe yari amufise mu minwe, ntibaboneka nk'abari bamaze kwinjira muri uwo muhana nk'uko igipolisi kibivuga.
Bamaze gushikiriza urubanza ibiro vy'umushikirizamanza mu karere ka Boone kugira ngo yihweze nimba bikwiye ko hoba ugukurikirana uwikekwako icaha.
Igipolisi ntikiravuga amazina y'abantu bari muri iyo nzu canke umuntu yarashe. Mu rwandiko rwaco rwo ku wa gatanu, cavuze ko ari "ikibazo kigoye, gikeneye kwitonderwa, kandi kigenda gihindagurika, bityo gutanga aya makuru vyoba bidakwiye kandi bishobora guteza ingorane".
Basaba abantu gutenyenya, bakagabisha ko hari "amakuru atari yo ariko azunguruka ku mbuga hwaniro" kuri ibi bintu vyabaye.
Mauricio Velazquez yabwiye ikimenyeshamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika ko yipfuza ko ubutungane bukora kugira ngo umuco uboneke kw'iyicwa ry'umugore wiwe w'imyaka 32.
Ibinyamakuru vyandika ko yari nyina w'abana bane akaba afise amamuko muri Guatemala.
Mu kiganiro n'ikimenyeshamakuru WTTV gikorana na CBS, Velazquez yavuze ko urusasu rwaciye mu rugi rw'iyo nzu.
Ati: "Bari kubanza guhamagara igipolisi aho gupfa kurasa gusa batabanje kumenya neza ibiriko biraba".
Umushikirizamanza w'akarere ka Boone Kent Eastwood yabwiye ikinyamakuru The Indianapolis Star ko uru rubanza rugoye kubera itegeko rihari rirekurira abantu kwirwanira iyo babona ko ubuzima bwabo bugeramiwe.
Ni itegeko riri mu ntara zitari nke za Amerika kandi rikarekurira umuntu kwivuna uko bishoboka, harimwo n'ukwica, iyo abona ko ashobora kuhasiga ubuzima canke gusinzikara.
Muri ino myaka ya vuba, ibintu nk'ibi vyagiye bivugwa cane mu binyamakuru muri Amerika.
Mu 2023, Ralph Yarl yari afise imyaka 16, yararashwe amasasu abiri yihenze agafyonda inkengeri y'inzu itari yo mu ntara ya Missouri. Andrew Lester yari mu myaka 80 yaremeye icaha, akaba yahavuye apfa akirindiriye urwo bamucira.
I New York, Kaylin Gillis w'imyaka 20 yarapfuye arashwe igihe yari yinjiye mu kabarabara katari ko kanjira mu muhana w'umuntu. Nyen'uwo muhana yarashe uno mwigeme ubu ari mu munyororo w'imyaka 25.