Katolika muri Kenya yahinduye umuvinyu yakoresha mu misa kubera ugurishwa nk'ibisanzwe mu bubare

Ekleziya Gatorika yo muri Kenya yashizeho ubundi bwoko bw'umuvinyu ukoreshwa mu misa, inyuma y'uko uwahora ukoreshwa usigaye uboneka cane mu bubare no mu mahoteli.
Uwo muvinyu mushasha, witwa gusa "umuvinyu w'imisa", ufise ikimenyetso c'Inama y'Abepisikopi Katolika ya Kenya (KCCB) hamwe n'umukono werekana ko uno muvunyu wemewe.
Musenyeri mukuru wa Nyeri, Anthony Muheria yabwiye BBC ati: "Umuvinyu mushasha wemejwe ntugurishwa mu mahoteli canke mu bubare, kandi utangwa c'Inama y'Abepisikopi Katolika ya Kenya (KCCB), kandi ikaba ari yo yonyene iwishikanira ku ma diyoseze".
Iyi ngingo yakirijwe yompi n'Abakatolika bavuga ko umuvinyu wa mbere watakaje akaranga kawo k'ubweranda kubera ko waboneka cane hanze ya Ekleziya.
Umuvinyu ukoreshwa mu Misa nk'ikimenyetso c'amaraso ya Yezu Kristu kandi mu bisanzwe unyobwa n'umusaseredoti. Mu bihe bimwe bimwe, urahabwa kandi n'abakristu basanzwe.
Nk'uko Musenyeri Muheria abivuga, ubuziranenge bw'umuvinyu bugengwa n'amategeko agenga Ekleziya Gatorika (Canon Law).
Yongeyeko ati : "Ugukurikirana neza ubuziranenge n'urutonde bw'umuvinyu ukoreshwa mu misa birabwa n'abepisikopi Gatorika b'igihugu. Ibi bikurikiranwa umwanya ku mwanya".
Umuvinyu wahora ukoreshwa, wari usanzwe ukwiragizwa n'uwusanzwe agana inzoga, wari usanzwe ugurishwa cane mu bubare, mu maduka no mu mahoteli.
Muheria yabandanije abwira BBC ati: "Vyari bibabaje kubona uno muvinyu wari usigaye ugurishwa nk'ibisanzwe mu bubare no mu mazu y'ubudandaji".
Inyuma yo kugerageza amoko menshi y'imivinyu, Ekleziya Katolika muri Kenya yaciye ihitamwo umuvinyu uvuye muri Afrika y'Epfo, ica yumvikana ko uzokoreshwa mu Misa gusa muri Kenya.
Uwo muvinyu mushasha wamenyekanishirijwe ku mugaragaro ubwa mbere ku musi wa 'National Prayer Day' mu kibanza ca Subukia National Marian Shrine, mu karere ka Nakuru ku wa gatandatu w'indwi iheze.
Musenyeri Maurice Muhatia Makumba, umukuru wa KCCB, afise icupa ryuwo muvinyu mushasha yabwiye abari aho ati : "Iyi ni yo yonyene izokoreshwa mu Misa mu gihugu cose, uhereye uyu munsi."
Yategetse amashengero yose ya Katorika yo muri Kenya, guhagarika gukoresha imivinyu yahora ikoreshwa, asaba abapadiri kwiga ingene boyikwiragiza mu masengero bakoreramwo.
"Uyu muvinyu mushasha ntugurishwa mu mahoteri," ni ko Muheria yongeyeko, avuga ko iki kinyobwa gishasha cinjizwa muri Kenya na KCCB gusa.
"Ibi bizotuma ubungabungwa neza kuva aho ukorerwa."
Ivyandiko biri kuri uno muvinyu mushasha bivuga uku: "Ivyimburwa vy'umuzabibu n'akazi k'amaboko y'abantu bihinduka igikombe cacu c'akanyamuneza" – ibishaka kwerekana ubweranda bw'uwo muvinyu.
Umuvinyu wa Misa ukoreshwa mu buryo butandukanye mu madiyoseze bitewe n'igihe ca liturujiya hamwe n'urugero rw'ibikorwa vya Ekleziya.
Uraronderwa cane mu gihe ca Pasika, Noweli, hamwe n'iyindi misi mikuru ya ekleziya.
Bamwe mu Bakatolika barashigikiye cane iyo nngingo nshasha, bavuga ko uwahahora waboneka nk'ibisanzwe mu maduka nk'ikinyobwa gisanzwe, bigatuma utakaza agaciro kawo nk'ikinyobwa ceranda.
Umwe mu Bakatolika yabwiye BBC ati : "Ni intambwe ikomeye mu gukingira ubweranda bwa Ukaristiya no kwemeza ko umuvinyu ubikwiye ari wo wonyene wokoreshwa mu Misa."
Ibice birenga 80% vy'abanyagihugu ba Kenya imiriyoni 50 bavuga ko ari abakristu. Muri abo, abababa imiriyoni 10, ni ukuvuga hafi 20% vy'abanyagihugu bose hamwe - ni abakatolika, nk'uko biri mu biharuro vya reta.
Abandi bakristu bari mu mashengero y'igiporoti atandukanye, harimwo ishengero rya Anglikani yo muri Kenya hamwe n'ishengero rya Presbiteriyani (Eglise presbytérienne)













