Mugera: Bazilika ya mbere mu Burundi, bivuze iki?

Paruwase Mugera, iri mu ntara ya Gitega hagati mu Burundi, yashizwe ku rugero rwa Bazilika ntoya, ikaba ibaye iya mbere itewe iryo teka mu Burundi.
Ibirori vyo gutangaza icese Bazilika ya Mugera vyahagarikiwe na Kardinari Pietro Parolin, umunyamabanga wa Papa Léon XIV.
Ni kimwe ku rutonde mu bikorwa biriko birangurwa n'iyo ntumwa ya Papa mu rugendo rwiwe yatanguye mu Burundi kuva kuwa kabiri itariki 12 rukazoshika ku munsi wa mbere irariki 18 uku kwezi kwa Myandagaro (8). Ni urugendo rukurikiye ifungurwa ry'ubuserukizi bw'Uburundi ku cicaro gikuru ca Papa i Vatikano mu kwezi kwa gatanu kw'uyu mwaka.
Urwo rugendo kandi ruje gushimangira imigenderanire imaze imyaka 60 hagati ya leta ya Vatikano na leta y'Uburundi.
Kuba Bazilika bivuze iki?
Umukuru wa Paruwase Mugera, Patiri Venant Mpozako, yasobanuriye BBC Gahuzamiryango ko muri Ekleziya, ikibanza ca Bazilika bisigura ko ari ingoro y'Umwami, ''nawe umwami w'abami ni Kristu, icariho ciwe ngaha kw'isi ni Papa, ica iba rero ingoro ya Papa.''
Patiri Mpozako abandanya asigura ko Bazilika ari ''ingoro Papa agena kugira ibe isengero yiwe. Kugira bwa bumwe Papa afitaniye n'ama Ekleziya bukomere cane''.
''Ni ikimenyetso gihambaye ko Papa aba ashaka kwerekana ko iyo Ekleziya ishashe i Gitega ari Ekleziya aho abakristu bariko barakomera mu kwemera.''
Uretse gukomeza ukwemera n'imigenderanire ya Ekleziya Katolila y'Uburundi na Papa, Patiri Venant Mpozako avuga ko kubona parusawe Mugera ihinduwe Bazilika, bigiye kwongereza iterambere mu butunzi uhereye ku bakerarugendo bazokwiyongera kuko habaye ikibanza c'iratiro ry'igihugu.

Ahavuye isanamu, Burundi presidency on X (@NtareHouse)
Bazilika ''mu mana za Mugera'', kubera iki?

Guhitamwo ikibanza ca Paruwase Mugera nka Bizilika, bishingiye ku mateka yaho.
Ikibanza c'i Mugera ni co cabaye ica kabiri mu kwakira aba misiyonari mu Burundi mu 1899. Iyatanguye mu 1897 ni Muyaga mu buseruko bw'UBurundi mu ntara yahora ari Cankuzo ubu iri muri Buhumuza.
Ariko Mugera, wari umusozi usanzwe ufise amateka akomeye mu bwami n'ukwemera vy'Abarundi.
Ikibanza c'amataba y'umusozi wa Mugera kiri mw'ihuriro ry'inzuzi za Ruvubu na Ruvyironza, hari hazwi kuva kera muri kahise k'Uburundi mu mico n'imigirwa y'igihugu yo gusenga.
Agasozi kitwa Shunga, ahari isenga rya Bikira-Mariya muri kino gihe, niho abakera bavuga ko hari imwe mu ngoro z'umwami Ntare Rugamba, ari naho umuhungu wiwe -yamusubiriye, Mwezi Gisabo- yavukiye. Isonga ry'uwo musozi wa Shunga niho hitwa kera ''mu mana za Mugera'', aho abakuru baja kwambaza imana baciye kuri Kiranga.
Bivugwa ko igihe abamisiyonari ba mbere bahagera mu 1899, umwami Mwezi Gisabo n'ingabo ziwe bashatse kubarwanya, ariko babanza kuja kugisha inama ivyariho vya Kiranga, bahabwa impanuro ko boreka.
Bivugwa kandi ko abo bamisiyonari aho i Mugera aho bashikiye atari ho bashaka kugerera. Bashaka kuja ku musozi wa Munyinya ku 5km uvuye ngaho '' ariko indogobwa bagenderako ziranka kubandanya'', baca babona ko ''Imana idushaka ngaha'', nk'uko biri mu nyandiko y'amateka yateguwe na paruwasi.
Patiri mukuru wa Paruwasi Mugera abandanya asigura ko kahise kavuga ko ''Mu mana za Mugera'' nk'uko ico kibanza citwa kera, vyari bizwi ko ari ikibanza ceranda, cazira kikaziririzwa ko haseseka amaraso. Ngo n'abariko barahiga ''igikoko gitarukiye ku musozi wa Mugera caba gikize, nta wagikurikirana.''
Venant Mpozako, yabwiye BBC ko abamisiyonari bamaze gushika bubakiye kuri "ayo mateka y'ikibanza ceranda ca Mugera.''
''Wari umusozi wubahwa. Bahita mu mana za Mugera. Izo mana za Mugera zari imana z'indome ntoya, zakingira uwo musozi, zakingira umwami.
''Abamisiyonari bamaze kuza baciye batumenyesha Imana n'urudome rukuru''.

Ahavuye isanamu, BCC
Mu 1908, ku mwami Mwezi Gisabo, ni ho Paruwase Mugera yubakwa itangujwe n'abamisiyonari babiri, Patiri Van Der Burgt na Patiri Van Der Wee. Mu mwaka wa 1922, Uburundi bwabaye Vicariat yigenga, bukurwa ku burongozi bwa Vicariat ya Kivu. Mugera yaciye iba icicaro c'umwepiskopi wa mbere wayo, Musenyeri Julien Louis Gorju, Mugera ica iba katedrale (cathedrale) ya mbere mu Burundi.
Mugera kandi, ni yo yaramuye abasaseredoti ba mbere b'Abarundi. Patiri Patrice Ntidendereza na Emile Ngendagende batiwe na Musenyeri Gorju mu 1925.
Mugera hatanguriye kandi imiryango myinshi y'abihebeye Imana, hashingwa n'ishure rya mbere ryisumbuye mu Burundi: seminari ntoya ya Mugera mu 1926.
Kwegurira igihugu umuvyeyi Bikiramariya
Mugera yahimbaje yubire y'imyaka 125 mu mwaka uheze. Kuva ishingwa yakomeje kuba ikibanza kizwi cane kandi gishengererwa n'abakiristu cane cane ku matariki ya 14 na 15 y'ukwezi kw'umunani. Abaturutse mu mihingo itandukanye y'Uburundi no mu karere bahurira muri ico kibanza ''ceranda'' gushengerera 'umuvyeyi Bikiramariya', ahashinzwe isenga ry'ibuye ryaturutse Lourdes mu Bufaransa, ikindi kibanza kizwi mu mateka y'ukubonekerwa ku bakiristu katolika.
Patiri Mpozako avuga ko mu 1961, ''abepiskopi katolika b'i Burundi bari kumwe n'Umuganwa Ludoviko Rwagasore na reta yiwe ... niho baza ''kwegurira igihugu c'Uburundi umuvyeyi Bikiramariya, ico bita consecration''.
''Kuva ico gihe, caciye kigira Mugera ikibanza ku rwego rw'igihugu bambarizamwo umuvyeyi Bikiramariya''.
Naho biri uko, ngo aka kera ntikaheze. Aho 'mu mana za Mugera' umwami yaja guhanuza abapfumu karuhariwe ibibazo bijanye n'igihugu, ''n'ubu sinobabesha ako kantu k'ubupfumu ntikaheze'', niko Patiri Mpozako avuga.
''Urabona ko hari abagumye bameze nk'ababangikanije. Ariko bagiye barasokoroka buke buke binjira muri iyo nkuru nziza ya Yezu Kristu kugira babe abakiristu batamanzuye''.











