Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika isaba $15.000 ku barondera amaviza bava muri Malawi na Zambia
- Umwanditsi, Paulin Kola
- Igikorwa, BBC News
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zigiye gusaba abanyagihugu bava muri Malawi na Zambia kwishura amadolari y'Abanyamerika 15.000 kugira ngo bashobore kuronka amaviza y'ingenzi canke y'ibikorwa kanaka, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire.
Uwo mugambi w'igerageza uzomara umwaka umwe, ukaba ufise intego yo kugabanya ibibazo bijanye n'abarenza igihe ca viza (visa) bahawe, canke mu gihe iyo hari agahaze ku bijanye n'isuzuma ku basaba viza, nk'uko biri mu rwandiko rwashizwe ahabona n'ubu bushikiranganji.
Abategetsi bavuga ko, hampande ya Malawi na Zambia, n'abandi vuba bashobora gusabwa gutanga aya mahera, bakazoshobora kuyasubizwa igihe bazoba barangije urugendo rwabo muri Amerika.
Ubutegetsi bwa Amerika bumaze gufata ingingo zitari nke mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa Perezida Donald Trump wo kurwanya abimukira binjira mu gihugu hadakurikijwe amategeko.
Ku musi wa mbere nyene atangura ikiringo ciwe kigira kabiri, Trump yashitse atera igikumu kw'itegeko-bwirizwa rijanye n'uno mugambi.
Iri tangazo ry'ubushikiranganji bw'imigenderanire ryashizwe ahabona ejo ku wa kabiri, rigira riti: "Abanyamahanga basaba amaviza y'igihe gito y'ibikorwa kanaka cane yo kwinezereza (B-1/B-2) bakaba bava mu bihugu ubushikiranganji bw'imigenderanire bubona ko bifise urugero runini rw'abarenza ibihe vy'amaviza, ahaboneka utunenge mw'isuzuma, canke abafise ubwenegihugu bw'ahandi babuguze biciye mu gushora imitahe, mugabo batigeze baba muri ivyo bihugu, bashobora gushirwa muri uno mugambi w'igerageza.
"Abakozi b'ubuserukizi bashobora gusaba bamwebamwe mu basaba visa, cane cane abava muri ivyo bihugu bitera ingorane, kwishura amahera ashika ku madorari 15.000 imbere y'uko babaha visa y'igihe gito".
Ibiharuro vyasohowe mu 2023 n'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe umutekano wo hagati mu gihugu vyerekana ko hafi 14% vy'abava muri Malawi barenza ibiringo vy'amaviza yabo, mu gihe abava muri Zambia nabo bari ku rugero rwa 11%.
Mu bindi bihugu bifise urugero runini rw'abarenza amavisa harimwo Haiti (31%), Birmanie/Myanmar (27%) na Yemen (20%).
Kuva ashitse ku butegetsi muri Nzero (1) uno mwaka, Trump amaze gutera ibikumu ku mategeko bwiriza agabanya imigambi y'ubutabazi ku bimukira bava mu bihugu bimwe bimwe bamaze gushika muri Amerika.
Uno mukuru w'igihugu wo mu mugambwe w'Abarepubulikani yarabujije kandi abanyagihugu bava mu bihugu 12 kwinjira muri Amerika, yongera afata n'inzindi ngingo zigabanya ubu burenganzira ku bindi indwi.
Ubutegetsi bwiwe bumaze guhagarika amajana n'amajana y'amaviza y'abanyeshure bava mu mahanga bwongera bupfunga abatari bake mu bigo vy'amakaminuza mu gihugu cose, akenshi batabanje no kugabishwa canke ngo bahabwe uburenganzira bwo kwunguruza.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire buvuga ko burondera cane cane abo bose bagize uruhara mu bikorwa "bibangamira" inyungu za Amerika.
Benshi muri abo biziziwe ni abagize uruhara kanaka mu bikorwa vyo gushigikira Abanyapalestina.
Abanyamategeko baburanira abimukira bavuga ko hari abantu bahagarikiwe amaviza yabo, atari ukubera bakoze ivyaha bikomeye, ahubwo kubera bakoze ivyaha bitobito, nko kunyonga imodokari ku muvuduko munini.