Abanyeshure 29 bapfuye bahunga ikintu caturitse bari mu kibazo i Bangui muri RCA

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Abanyeshure 29 bari bagiye gukora ikibazo ca leta, bapfuye baguye mu mugundano inyuma yo kwumva ikintu caturitse hafi y'aho kigatuma bagira ubwoba batangura gucanako bahunga, nk'uko umuyobozi w'ibitaro vyaho yavyiganiye BBC.
Ico kintu caturitse kuri uyu wa gatatu, umunsi ugira kabiri w'ikiringo c'ibibazo birangiza amashure, caturitse ku cuma ca transfromateur y'umuyagankuba, nk'uko bivugwa na Abel Assaye wo mu bitaro vya kigo Bangui Cummunity Hospital.
Urwamo rw'ico kintu caturitse, hamwe n'imyotsi vyateye, vyahungabanije abo banyeshure bagera ku 6000 bari bicaye mu kibanza bakoreramwo ikibazo nk'uko vyatangajwe n'iradiyo Ndeke Luka.
Perezida Faustin Archange Touadera yatangaje ikiringo c'ikigandaro mu gihugu cose.
Yategetse kandi ko abanyeshure 280 bakomeretse muri uwo mugundano baca bavugwa ku buntu.
Abanyeshure baturuka mu mashure atanu yo mu mugwa mukuru bari bakoraniye kuri Lycée Barthélémy Boganda gukora ikibazo ca baccalaureat.
Ubushikiranganji bw'indero bumenyesha ko ico kintu caturitse cabaye mu gihe umuyagankuba wari ugarutse kuri transformateur, yari mu cumba co hasi muri iyo nyubakwa, yariko irasanurwa.
Umushikiranganji w'indero Aurelien-Simplice Kongbelet-Zimgas mw'itangazo yashikirije yagize ati: "Ndahojeje kandi abavyeyi b'abana bakozweko n'aka kaga, kandi nifurije gukira vuba abakomeretse".
RFI yavuganye n'umwe mu barokotse ivyo vyago, yari yuzuye amaraso mu maso, inyuma yo kwurira idirisha ahunga.
Ico kintu caturitse cabaye mu gihe bari mu bibazo vya Histoire na Geographie.
"Abanyeshure bashaka kunyaga amagara, niyo mpamvu bahunze, babonye urupfu kuko bari benshi cane kandi umuryango wari muto cane. Ntibashobora gusohokera rimwe bose", niko umwe mu bategetsi yabwiye RFI.
RCA ikomeza guhura n'ibibazo vy'umutekano muke ushingiye kuri politike n' ibibazo vy'umutekano mu gihugu.
Ingabo za leta, zishigikiwe n'abarussiya b'abacangero, zikomeza kurwanya imigwi ishaka gutembagaza ubutegetsi bwa perezida Touadera.












