Irani: Abantu nibura 51 bapfiriye mu giturika cabaye mu kirombe c'ibizuku

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Thomas Mackintosh
- Igikorwa, BBC News
Igiturika catewe n'ukuva kwa gaze ku kirombe c'ibizuku mu buseruko bwa Irani cahitanye abantu nibura 51, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vya reta kuri uno wa Mungu.
Abandi barenga 20 bakomeretse muri iki giturika cabaye mu ntara ya South Khorasan.
Bivugwa ko catewe n'iturika rya gaze ya methane ryabaye mu bice bibiri vy'iki kirombe i Tabas, ku birometero 540 mu bumanuko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru Tehran.
Iki giturika cabaye isaha zitatu z'ijoro nijoro ku wa gatandatu, nk'uko bivugwa n'ibi binyamakuru.
Buramatari wa South Khorasan Javad Ghenaatzadeh avuga ko abakozi 69 bari muri ico kirombe igihe iri sanganya ryaba.
Asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP agira ati: "Habaye igiturika, ku gihamana kibi abantu 69 bariko bakorera mu vyumba B na C mu kirombe ca Madanjoo.
"Mu cumba C harimwo abantu 22, nayo mu cumba B harimwo abantu 47".
Ntibiramenyekana abantu boba bakiri bazima bazibiriwe muri iki kirombe.

Ahavuye isanamu, EPA
Ikirombe ca Tabas gifise uburinganire bwa kirometero kwadarato zirenga 30.000 kikaba kirimwo ibizuku vyinshi, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru IRNA.
Gifatwa ko ari co "kirombe ca mbere kinini kandi gitunze ibizuku vyinshi muri Irani", nk'uko IRNA ibivuga.
Umushikirizamanza wo muri ako karere Ali Nesaei asubirwamwo n'ibinyamakuru vya reta avuga ko "gaze yabaye nyinshi muri ico kirombe" ituma ibikorwa vyo kurondera abazibiriwe muri co bigorana.
Ati: "Ubu, icihutirwa ni ukugarukira ku bakomeretse no gukura abantu mu bihomoka".
Yongerako y'uko "urwangara n'amakosa y'abo biraba bizokwihwezwa" mu misi iri imbere.
Mu mwaka uheze, igiturika cabaye ku kirombe co mu gisagara ca Damghan kiri mu buraruko cahitanye abantu batandatu, naco nyene vyaboneka ko catewe n'ukuva kwa methane, nk'uko vyavuzwe n'ibinyamakuru vy'akarere.
Muri Rusama (5) 2021, abantu babiri bakora muri ico kirombe nyene barishwe bahomokeweko n'umusozi, nk'uko vyavuzwe n'ibinyamakuru vy'akarere ico gihe.
Igiturika co mu 2017 cishe abakozi 43 bakora mu kirombe mu gisagara ca Azad Shahr mu buraruko bwa Iran, ivyatumye abategetsi ba Irani barakarirwa.










