Serbia yahagaritse ingendo ku Barundi badafise visa

Inyuma y’aho yagirijwe n’Ubumwe bwa Bulaya ko ari icanzo c’abimukira binjira muri uwo muryango, Serbia yafashe itegeko ryo gusaba visa abanyagihugu b’Abarundi n'abanya-Tunisia binjira muri ico gihugu.

Abanya-Turukia n’Abahindi nabo nyene biteze kubahamvya vuba.

Mu kw’icumi, Inama nkuru y’Ubumwe bwa Bulaya yavuze ko ishobora guhagarika uburenganzira bwa Serbia bwo kutariha visa mu kwinjira muri uwo muryango mu gihe yonanirwa no kuzibira abimukira bayikoresha nk’icanzo co kwinjira mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya.

Perezida Aleksandar Vucic yagiraniye ibiganiro n’abakuru b’ibihugu vya Autriche na Hongrie ejo ku wa gatatu, ari naho yemeye kurungika abandi bapolisi ku rubibe rw’ubumanuko, inzira nyamukuru y’abinjira mu gihugu badafise ivya ngombwa.

Mu misi iheze, hibonekeje Abarundi batari bake, cane cane urwaruka, baja muri Serbia, aho baca binjira mu bindi bihugu vya Buraya, aho benshi bavugwa ko bagana Ububirigi.

Uburundi na Serbia bifitaniye amasezerano y'uko abanyagihugu bavyo bashobora kuva muri kimwe baja mu kindi ata visa barinze gusaba.

Ariko ibintu vyahavuye biza guhinduka mu nyuma, aho hari abarundi bahuye n’ibibazo bashitse mu bihugu nka Turukiya na Qatar bagasabwa visa batari bafise bigatuma basabwa gusubira inyuma.

Mu kwezi guheze, Leta y'Uburundi yaciye ifata ingingo yo kubuza Abarundi kuja muri Serbia no ku bafise impapuro z'inzira na visa.

Vyabaye inyuma y’aho ibihugu vya Buraya bitanguriye kwidoga kubera igitigiri c'abasaba ubuhungiro baciye muri Serbia cabandanya ciyongera. 

Serbia ntiri mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya (EU/UE), ariko ibihugu bibanyi nayo nka Hongrie canke Roumanie biri muri uwo muryango bitanga amahirwe y’akazi, imibereho, n’uburenganzira ku mpunzi zibihungiyeho.