Ntivyoroshe kuvana n’umurwi wakureze, ariko nta kundi kuva ku wa Mungu nzoba ndi umufana mu bandi – Xavi

Xavi yiteze kumenyereza urukino rwa nyuma rwa Barcelona ku musi wa nyuma w’igihanwa rya Espagne, La Liga, aho uno murwi uzoba wakirwa na Sevilla.

Uno mumenyereza w’imyaka 44 yari asanzwe afise amasezerano yo gushika mu 2025, yamenyeshejwe iyi ngingo mu mubonano wiwe n’umukuru w’umurwi Joan Laporta be n’umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi Deco ejo ku wa gatanu, haciye neza na neza ukwezi bitangajwe ko yari kubandanya amenyereza uno murwi.

Mu kwa mbere, uno yahoze akina hagati mu murwi nserukiragihugu wa Espagne hamwe na Barcelona nyene yari yatangaje ko yari kuva i Camp Nou, ariko mu kwa kane Laporta akaba yari yarashoboye kumwumvisha ko bogumana.

Hagati aho, amajambo Xavi aherutse kuvuga yeruye ku bibazo vy’amafaranga bihanze umurwi bivugwa ko yoba yarashavuje Laporta.

Barcelona ivuga ko "ishimira Xavi ku gikorwa ciwe nk’umumenyereza” kuva mu 2021.

Mw’ikete ryuguruye yacishije ku mbuga hwaniro, Xavi agira ati: "Ntivyoroshe kuvavanura n’umurwi wakureze ubuzima bwawe bwose, ariko ndishimiye imyaka ibiri n’igice maze muri uno murwi nk’umumenyereza, umurwi wambereye nk’umuryango wanje ugira kabiri.

"Kuva ku wa Mungu, nzoba gusa ndi umwe mu bafana benshi ba Barca mu kibuga.

"Kubera imbere y’uko mba umukinyi canke umumenyereza, ndi umufana wa Barcelona kandi mu buzima bwanje ndayipfuriza ivyiza gusa, icipfuzo nzokwamana ubuzima bwanje bwose".

Uno murwi wa Catalan uvuga ko mu misi uzoshira ahabona “intunganyo nshasha”, aho Flick yiteze gusubirira Xavi.

Ibiganiro n’uno mumenyereza w’imyaka 59 bimaze amezi arenga abiri aheze kandi amasezerano amaze igihe ari ng’aho.

Yari amaze igihe ata kazi afise kuva yirukanywe n’umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi muri Nyakanga (9) 2023.

Inyuma y’aho asubiriye Joachim Low nk’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubudagi mu 2021, Flick ni we Mudagi wa mbere w’umumenyereza yirukanywe kuva iki kibanza gishinzwe mu 1926, aho yatsinze inkino 12 gusa muri 25.

Flick yari yahawe akazi n’Ubudagi inyuma y’aho afashirije Bayern Munich gutsindira ibikombe bitatu mu 2020, aho yatsindira ihiganwa ry’Ubudagi Bundesliga, igikombe ca DFB-Pokal (igikombe c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru ry’Ubudagi) hamwe n’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Ligue des Champions/Champions League).

Umusatirizi wa Barcelona Robert Lewandowski w’imyaka 35, yarakiniye Bayern Munich amenyerezwa na Flick mu kiringo c’imyaka ibiri y’inkino.

Inyuma yo gufasha Barcelona gutahukana La Liga mu mwaka w’inkino wa 2022-23, uruhande rw’inyuma rw’abakinyi ba Xavi rwavyitwayemwo nabi muri uno mwaka ugomba urangire.

Uno murwi w’aba-Catalans uri inyuma ya Real Madrid amanita 12, mu gihe hasigaye urukino rumwe gusa.

Muri Ligue des champions, Barcelona ntiyarenze igice ca kane gishira ica nyuma aho Paris St-Germain yayirengeje.

Xavi yamaze imyaka 17 akinira Barcelona avuye mu bakinyi bigishijwe n’ishure ry’umupira w’amaguru ry’uno murwi La Masia.

Inyuma y’imyaka ine yamaze akinira umurwi Al-Sadd wo muri Qatari, Xavi yatanze imihoho mu 2019 kugira ngo afate uno murwi nk’umumenyereza.

Yagumye muri Qatar mu kiringo c’iyindi myaka ibiri, imbere y’uko asubira muri Barcelona gusubirira Ronald Koeman nk’umumenyereza muri Munyonyo (11) 2021.

Mu mwaka wose wa mbere yamaze nk’umumenyereza, Xavi yafashije Barcelona gutahukana La Liga n’igikombe ca Espagne, maze umurwi usubira muri Ligue des Champions.

Umumenyereza wa Sevilla Quique Sanchez Flores aranegura Barcelona ingene Xavi.

Ati: "Ibi ntavyo nari kuvuga, ariko raba ingene Barcelona ifata nabi abahoze ari abakinyi karihariwe bayo. Iyi ni ingorane.

"Raba Koeman, raba Messi, ubu naho raba Xavi – ibi si vyiza. Nipfuza ko imirwi ifata neza abahoze ari abakinyi bayo karuhariwe. Iki coba ari ikintu ciza. Xavi ni umuntu yabaye kirumara mu murwi".

Flores avuga mbere ko atemera neza "amajambo yo kunegura Xavi".

Barcelona izorangiza iri higanwa iri mu kibanza ca kabiri inyuma na Real Madrid yamaze kwambikwa umudari, Xavi akazoba ari we azoba ayimenyereza mu rukino rwayo na Sevilla.

Mu nkino 141 nk’umumenyereza wa Barcelona, Xavi yatsinze inkino 89, ni ukuvuga 63%.