Dynamo iravuye mw'ihiganwa rya BAL ku kwanka kwambara 'Visit Rwanda'

    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles

Umukuru wa Besketball Africa League (BAL) yatangaje ko umugwi Dynamo w'Uburundi wari witavye ihiganwa rya BAL 2024 uryikuyemwo kuko wanse kabiri gukina wambaye umwambaro ukwije ibisabwa n'abatunganya ihiganwa.

Mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa kabiri, Amadou Diallo Fall agira ati: ''Dynamo Basketball Club y'Uburundi yongeye kwanka kwisunga amategeko n'ibisabwa ku bijanye n'imyambaro gutyo ikaba itsinzwe impaga mu rukino rwari kuyihuza na Petro de Luanda (Angola''.

Abikinyi b'imigwi yitavye iryo higanwa bakina bambaye udupira turiko icapa 'Visit Rwanda', umwe mu baterera uburyo mw'ituganywa ryaryo.

Fall abandanya avuga mw'itangazo ko ''gutsindwa impaga kabiri mw'ihiganwa bivuga ko umugwi uca urivamwo,'' hisunzwe amategeko ya FIBA, urwego mpuzamakungu rwa basketball.

Mu rukino rwa mbere Dynamo yo mu Burundi yatsinze Capetown Tigers yo muri Afrika y'Epfo amanota 86 kuri 73, aho bari bakinye bapfutse icaopa icapa 'Visit Rwanda'.

Mu rukuno rwa kabiri Dynamko batsinzwe impaga impaga (ni ukuvuga udakinye) na FUS Rabat wo muri Maroc kuko bari banse gukina bagaragaza icapa 'Visit Rwanda'.

Ibintu vyahindutse mw'ijoro ryitereye

Mu masaha y'umuhingamo wo ku wa mbere, inkuru ziva mu biro vy'umukuru w'igihugu zavuga ko uwo mugwi wemerewe kubandanya ihiganwa wambaye umwambaro uriko icapa 'Visit Rwanda', nk'uko amategeko y'iryo higanwa abitegekanya.

Urukino rugira gatatu rwari kuba kuri uyu munsi ku wa kabiri. Kandi umugwi Dynamo ejo wiriwe uritegura, uranitaba inama y'ubuhinga (reunion technique) ihuza ababa biteguriye gukina.

Nk'uko biri mw'ikete umukuru wa Dynamo yandikiye abatunganya ihiganwa amasaha agiye, Joe Dassin Rukundo avuga ko yaronse amategeko y'umukuru w'urwego rw'igihugu mu mupira wa Basketball mu Burundi ko bashobora gukina ''bambaye umwambaro wabo [wa Dynamo], canke uw'abatunganya ihiganwa ariko icapa 'Visit Rwanda' bakagipfuka'' nk'uko babigize ku rukino rwa mbere''.

Ivyo Joe Dassin Rukundo yavyanditse nawe ahejeje kuronka amategeko y'uwo mukuru mu butumwa bwa email yarungitse inyuma y'isaha zitanu z'ijoro.

Biboneka ko abategetsi mu Burundi batashimye ko uyu murwi ukina iri higanwa wambaye icapa cyamamaza Urwanda.

Abategetsi b'Uburundi n'Urwanda ntibarabana ryiza muri iki gihe.

Reta y'Uburundi yagiriza y'Urwanda gufasha umugwi ''w'iterabwoba'' Red Tabara wemanga ibitero bimaze kugwamwo abantu mu bice bitandukanye vy'Uburundi, ivyo Urwanda ruhakana.

Ku munsi wo ku wa mbere hari habaye imikebukano y'abegwa n'ico kibazo ca Dynamo, amakuru twahawe n'umutegetsi mu biro vy'umukuru w'igihugu atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona yemeza ko Dynamo yemerewe kubandanya ayo mahiganwa. Ayo makuru yaremezwa kandi n'abarongoye iyindi mirwi ya Basketball mu Burundi .

Ico gihe BBC Gahuzamiryango ibajije mu murwi Dynamo ico bavuga kuri ayo makuru, bishura ko ''twotenyenya'' ariko bemeza ko babandanya imyimenyerezo yo kwitegurira urukino rukurikira.

Uyu munsi Dynamo yari gutana mu mitwe (isaha imwe y'ijoro amasaha yo mu Burundi) na Petro de Luanda yo muri Angola.