Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Alain-Guillaume Bunyoni: Uyu mupolisi yahoze ari igihangange mu Burundi ni nde?
Alain-Guillaume Bunyoni w'imyaka 54, imbere yo kuba umushikiranganji wa mbere w'Uburundi mu 2020 yari asanzwe ari umushikiranganji w'umutekano kuva mu 2015. Yavukiye muri komine Kanyosha y'igisagara ca Bujumbura.
Inyuma y'imyaka hafi itatu ari mu munyororo i Gitega uyu musi iyi ntwazangabo yahoze ari igihangange mu Burundi yarekuwe ataha muhira, nk'uko amasoko arimwo n'umuryango wiwe yavyemereye BBC Gahuzamiryango.
Bunyoni yavukiye muri komine Kanyosha y'igisagara ca Bujumbura.
Yize ishure kaminuza y'u Burundi mu 1994 ariko akaba atayibandanije kuko yaciye yinjira mu barwanyi ba FDD mu 1994 mu ntambara yadutse mu Burundi inyuma y'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye gushika umuhari CNDD-FDD ushitse ku masezerano yo guhagarika intambara mu 2003.
Bunyoni yarajejwe amabanga atandukanye CNDD-FDD imaze kwinjira muri leta, mu nyuma igatsinda amatora yo mu 2005.
2004-2005, yahawe amabanga y'umugenzuzi w'ibiro bikuru vy'igipolisi gishasha cari gihejejwe gushingwa gisubiriye urwego rw'ikijandarume.
Kuva mu 2005 gushika 2007 yagenywe kuba umukuru w'igipolisi c'u Burundi.
Kuva 2011 gushika 2014, Alain-Guillaume Bunyoni yagenywe kuba umukuru w'ibiro bijejwe ibibazo vya gisivire (cabinet civil) mu biro vy'umukuru w'igihugu.
Hampande y'ivyo bikorwa, Bwana Bunyoni yajejwe amabanga atandukanye mu vy'umutekano ku rwego mpuzamakungu, mu 2007 yari mu ntumwa za leta mw'ishirahamwe ONU zari zijejwe gutsimbataza amahoro n'umutekano.
Muri ico gihe nyene yari arongoye komite y'abakuru b'inzego z'igipolisi muri Afrika y'Ubuseruko (OCCPAE) muri rwa rwego rw'igipolisi mpuzamakungu ( Interpol).
Yabaye umushikiranganji w'umutekano incuro zibiri, ubwa mbere kuva mu 2007 gushika 2011, hanyuma kuva mu 2015 gushika ubu.
Bunyoni, yahora ari umwe mu bategetsi bakomeye muri CNDD-FDD, yagirizwa uruhara mu bikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu mu ndyane za politike zadutse mu 2015.
Ari mu bafatiwe ibihano na Amerika bijanye n'ivyo ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza bwagirizwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.
Mu 2022 ukutumvikana hagati yiwe na Prezida Evariste Ndayishimiye kwatanguye kwibonekeza gushingiye ahanini ku nguvu mu butegetsi no mu mugambwe uri ku butegetsi, muri Nyakanga(9) uwo mwaka Ndayishimiye yamukuye mu mabanga.
Muri Ndamukiza(4) 2023 Bunyoni yashakishijwe n'igipolisi n'igendereza ry'Uburundi inyuma yo kumubura iwiwe, haciye imisi yafatiwe muri Bujumbura-rurale aza kurengutswa.
Ubu, yarekuwe inyuma y'amezi bivugwa yuko amagara yiwe atifashe neza.