Oscar Pistorius agiye kubandaniriza igihano hanze

Uwahoze ari umunonotsi agendana ubumuga Oscar Pistorius agiye kuva mw'ibohero abandanirize igihano hanze, inyuma y'imyaka 11 yishe umukunzi wiwe Reeva Steenkamp.

Yarashe Steenkamp incuro nyinshi acishije mu rugi rw'ubwogero ku musi mukuru w'abakundana [Velentine's Day], mu nyuma avuga ko yamwitiranije n'igisuma.

Pistorius ubu afise imyaka 37, yari yaciriwe urubanza na sentare yo muri Afrika y'Epfo mu 2016 rwo gupfungwa imyaka 13.

Akanama kajejwe kumutezurira kashinze ko azorekurwa itariki 5 z'ukwezi kwa mbere 2024.

Nyina wa Steenkamp ntiyigeze avyanka - mw'ikete yarungikiye akanama kiga ivyo kumutezurira - yavuze ko yibaza nimba "ibibazo bikomeye vy'ishavu" Pistorius afise vyoba vyararonkeye inyishu mw'ibohero. Yongerako ko azoguma "afise umutima uhagaze ku mutekano w'umugore uwo ari we wese" azogiriranira imigenderanire na we.

June Steenkamp yashimye kutitaba gukurikirana urubanza rwo gutezurira Pistorius ku musi wa gatanu mw'ibohero rya Atteridgeville, hafi ya Pretoria.

Umugabo wiwe akaba na se wa Reeva, Barry, yapfuye mu ntango z'uyu mwaka kandi avuga ko uwo mutwaro bompi uko ari babiri wababereye munini.

Ubu bubaye ubwa kabiri Pistorius yumvirizwa ngo atezurirwe mu kiringo kidashika umwaka.

Ubwa mbere vyanse ko arekurwa mu kwezi kwa gatatu kubera y'uko atari bwakwize ikiringo gito gishoboka c'igipfungo. Mu nyuma sentare ya Afrika y'Epfo ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yavuze ko habayemwo ikosa, bituma asubira kwumvirizwa kuri uyu wa gatanu kugira arekurwe.