DR Congo n’u Rwanda vyagirizanya guterana amabombe

Igisirikare ca Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (FARDC) be n'ic’u Rwanda (RDF) vyagirizanya guterana amabombe ejo ku wa gatanu.
Itangazo ryasohowe n’umuvugizi wa buramatari w’intara ya Kivu ya Ruguru rivuga ko amabombe cumi avuye mu Rwanda yahitanye abana babiri umwe w’imyaka indwi uwundi w’imyaka itandatu, bikomeretsa uwundi umwe.
Iri tangazo ryasohowe haciye umwanya muto igisirikare c’u Rwanda naco gisohoye itangazo ryaco, aho cagiriza ingabo za Congo ko “zarashe amaroketi abiri ya 122mm ku butaka bw’u Rwanda akagwa mu kigwati ca Nyabigoma, muri Umurenve wa Kinigi iri mu karere ka Musanze”.
“Nta bakomeretse canke ngo bahasige ubuzima, ariko abanyagihugu b’ako karere batekewe n’ubwoba”, nk’uko tubisoma muri iri tangazo ry’igisirikare c’u Rwanda.
U Rwanda ruvuga ko ibi bisasu bisa n’ivyarashwe “n’ingabo za DRC ku wa 19 na 23 Ntwarante [3] mu ma segiteri ya Kinigi na Nyange mu karere ka Musanze be no mu murenge wa Gahunga mu karere ka Burera, bikaba vyarakomerekeje abantu vyonona n’ibintu”.
Ku ruhande rwa DR Congo, Jenerali Ekenge Sylvain, umuvugizi wa buramatari wa Kivu ya Ruguru, avuga ko ibiri muri iri tangazo rya RDF ari urwitwazo mu kurondera “kwihora abanyagihugu bafashije gufata ingabo zidasanzwe z’igisirikare c’u Rwanda”, aha u Rwanda rukaba ruvuga ko bafatiwe ku butaka bwarwo bari mu bikorwa vyo gukizura.
Ati: “Ariko kandi mu kuyovya no guhenda amakungu ku migambi yarwo y’intambara, u Rwanda rwasohoye itangazo rivuga ko ingabo za FARDC zoba zateye amabombe ku butaka bw’u Rwanda. Niyo mayeri yakoreshejwe mu bitero biheruka i Rumangabo na Kubumba.
Umuvugizi wa Buramatari wa Kivu ya Ruguru, avuga kandi ko bafise amasanamu ya za ndege zitagira abadereva (drones) yerekana ko ingabo z’u Rwanda zigaruriye uduce twa Tchanzu na Runyoni mu mugambi wo gufata mu mugongo za nyeshamba za M23.
Icuka si ciza hagati y’u Rwanda na DR Congo, ibintu bikaba vyagiye kwunyuka kuva mu misi mike iheze hadutse intambara hagati y’igisirikare ca Congo n’umuhari w’inyeshamba M23, Congo ikagiriza u Rwanda ko rushigikiye uyu muhari.
Ku ruhande rw’u Rwanda, reta ivuga ko ata ruhara na ruto ifise muri iyo ntambara, ikagiriza ahubwo igisirikare ca Congo kwifatanya n’umuhari w’inyeshamba FDLR mu kurondera guhungabanya u Rwanda.










