Umugabo yabwiwe ko atari Umwongereza inyuma y'imyaka 42 aba muri ico gihugu

    • Umwanditsi, Daniel Sandford
    • Igikorwa, BBC News, amakuru yo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati

Umugabo w'umunya-Ghana ari mu kiruhuko c'izabukuru amaze hafi imyaka 50 aba mu Bwongereza ategerezwa kurindira imyaka 10 imbere y'uko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bumwemerera kuba muri ico gihugu mu buryo ntayegayezwa.

Nelson Shardey, w'i Wallasey muri Wirral, yamaze imyaka myinshi yibaza ko afatwa nk'umwongereza.

Yagiye kumenya ko atari vyo mu 2019 kandi, n'ubwo yagumye ariha amakori kuva ari umuntu akuze, ubu ashobora gusabwa ibihumbi vy'ama pound (ifaranga ry'Ubwongereza) kugira ashobore gukoresha uburyo rusangi bw'igihugu bwo kwivuza, NHS (National Health Service).

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati busanzwe ata co buvuga kuri dosiye iri imbere y'amategeko.

'Ntaco yigeze abazwa'

Shardey yashitse ubwa mbere mu Bwongereza mu 1977 aje kwiga ivy'ubukontabure (accountancy), afise uruhusha (visa) rw'umunyeshure kandi yemerewe no gukora.

Inyuma y'aho habereye itembagazwa ry'ubutegetsi mu gihugu ciwe ca Ghana, umuryango wiwe ntiwasubiye gushobora kumurungikira amafaranga y'ishure.

Yaciye akora ubuzi butandukanye harimwo gukora imikate hafi ya Southampton, na shokola (chocolat) muri Wincester, kandi akavuga ko ata muntu n'umwe yigeze agira ico abajije ku burenganzira bwiwe bwo kuba mu Bwongereza canke kuhakora.

Yararongoye umugore w'umwongerezakazi aca yimukira Wallasey aho yarangura imirimo yiwe bwite, mw'ibutike yo kugurisha ibinyamakuru n'utundi tuntu duto duto abantu bakunda gukenera nk'itabi, ibutike yise Nelson's News.

Aho atandukaniye n'uwo mugore, yararongoye uwundi na we w'umwongerezakazi, bavyarana abana babiri b'abahungu Jacob na Aaron.

''Naritaye ku rutare kugira ndabarere neza uko nshoboye, kugira ntihazogire n'umwe muri bo abaho ku mfashanyo,'' ni ko Shardey avuga.

Yabwira abahungu biwe ''kwiga cane, kuronka akazi, kurya ivyo bakoreye bo nyene'', kandi bompi baragiye kuri kaminuza mu nyuma barakora umwe nk'umuhinga w'umushakashatsi uwundi nk'umutegetsi mu bijanye n'imigenderanire hagati y'ibigo n'abo bikorana mu buryo butandukanye.

Shardey avuga ko atigeze ava mu Bwongereza, kuko yabona ko bidakenewe kandi yafata ko ari iwabo.

''Nta n'umwe yigeze agira ico ambaza. Ibintu vyose nagura kw'ideni, n'inzu.

''Nararonse inzu y'ideni (mortgage/location vente). Nta n'umwe yigeze agira ico ambaza ku kintu na kimwe'', nk'uko avuga.

Shardey yarashashe mu manza, kandi mu 2007, yarahawe agashimwe k'igiporisi kubera ubutwari inyuma yo kurwanya umusuma yari ateye umugabo ashikana imizigo ku ngo z'abantu.

Ariko mu 2009, igihe yasaba igitabo c'inzira (passport) kugira ashobore gusubira muri Ghana kubera urupfu rwa nyina wiwe, yaciye abwirwa ko atari umwongereza.

Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu bwamubwiye ko adafise uburenganzira bwo kuba mu Bwongereza.

'Ayo mafaranga ntayo nshobora kuronka'

Abategetsi bamubwiye ko yotangura inzira imara imyaka 10 kugira yemererwe kuba mu Bwongereza mu buryo ntayegayezwa.

Muri iyo myaka 10 yoriha ibihumbi indwi vy'ama pound (£7.000), n'ayandi £10.500 kuri ico kiringo nyene kugira ashobore gukoresha NHS.

''Sinshobora kuriha ayo amafaranga bariko barasaba,'' ni ko avuga mu gihe ariko arakira kanseri (cancer) ya prostate.

''Kumbwira ngo nce muri iyo nzira ni ukumpa igihano, kandi si vyo mu nzira iyo ariyo yose.''

''Jewe sinumva igituma birinda gushika iyo hose, kuko ubuzima bwanje bwose, ivyanje vyose ni muri iki gihugu.''

Igihe yagerageza gusaba ko yokwongererezwa uburenganzira bwo kuba mu Bwongereza aciye ku rubuga ngurukanabumenyi, yujuje urupapuro rutari rwo.

Vyatumye iyo nzira y'imyaka 10 yongera gutangura gushasha mu 2023.

Bisigura ko Shardey atazoshobora kwemererwa kuba mu Bwongereza mu buryo ntayegayezwa imbere y'uko ashikana imyaka 84.

''Jewe nibaza ko ari ugutebura. Biteye isoni", ni ko umuhungu wiwe Jacob avuga, uwo akaba akora ubushashatsi ku bice vy'umubiri bijanye n'ingene umutima ukora.

''Kuki yokenera kugenda ngo atangure inzira y'imyaka 10 mu gihe abaye ngaha kuva mu 1977?

''Abaye ngaha imyaka myinshi kurusha imyaka abakora mu bushikiranganji bw'intwario yo hagati babayeho.''

'Ibintu vyihariye'

Afashijwe na Nicola Burgess, umushingwamanza mu gisata ca c'abinjira n'abasohoka i Manchester, Shardey ubu agiye kwitwarira muri sentare ubushikiraganji bw'intwaro yo hagati.

Urubanza rwiwe - abahungu biwe bariko bararonderera uburyo babicishije mu guterereza amafaranga make make ku buhinga bwa none (crowdfunding) - rushingiye ku kuba ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwari kuba bwamufashe nk'umuntu yihariye kubera ikiringo yamaze aba mu Bwongereza, no kuba igiporisi caramuhaye umudari w'ubutwari akongera agakora ibikorwa vy'ikibano.

Burgess agira ati: "Turazi ko nibura umwe mu bariko bariga iyo dosiye yayiravye hanyuma akavuga ko akwiye guhabwa uruhusha rwo kuba mu Bwongereza mu buryo ntayegayezwa kuko hari ibintu vyihariye.

"Hanyuma ubifatiye ku rugero rw'umuntu ku wundi, hamwe Nelson yoba ari umugenzi canke akaba umubanyi wawe , nta nkeka ko wokwemera ko ahabwa uburenganzira bwo kuba ngaha".

Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati yavuze ati: "Ntivyemewe kugira ico mvuze kuri dosiye yamaze gutangura kwigwa mu butungane".