La Haye: Sentare ya ONU yahagaritse urubanza rwa Félicien Kabuga ku mvo z'amagara

Ahavuye isanamu, SCREENGRAB IRMCT LIVE EVENT
Abacamanza muri sentare ya ONU iri La Haye mu Buholandi babaye barahagarika urubanza rwa Félicien Kabuga aregwa ivyaha vya jenoside yabereye mu Rwanda mu 1994.
Bafashe ico cemezo kugira Bwana Kabuga asuzumwe nimba amagara yiwe yifashe neza ku buryo yobandanya kuburanywa.
Mu kwezi kwa Nyakanga (9) guheruka igihe urubanza rwatangura, abashinjacaha bamwagirije kuba yarakoresheje iradiyo yiwe (RTLM) mu guhimiriza Abahutu kwica Abatutsi.
Yaragirijwe kandi kuba yararonkeje imipanga imigwi y’abicanyi – ivyagiriji Bwana Kabuga ahakana.
Mu ntango z’ino ndwi abunganizi ba Bwana Kabuga basavye ko urubanza rw’uwo mutama w’imyaka 88 ruhagarikwa bavuga ko afise uburwayi buzwi nka 'dementia' mu Congereza (uburwayi mu biburanga harimwo kwibagira kwa cane).
Félicien Kabuga yafatiwe mu muji wa Paris haraciye imyaka itatu, nyuma yo kumara imyaka irenga mirongo ibiri aronderwa n’ubutungane.









