Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Joshua Schulte yahoze ari umu 'hacker' wa CIA yagiriwe n'icaha co kumena amabanga
Uwahoze ari umu 'hacker' (umusuma w'amabanga nyabwonko) w'ikigo ca Amerika c'igendereza ryo hanze (CIA) yagiriwe n’icaha ko kumena amabanga mu guha rwa rubuga rwa Wikileaks ibikoresho CIA ikoresha mu kwiba amabanga nyabwonko (ya mudasobwa, mu Kinyarwanda).
Joshua Schulte yagiriwe n’icaha co kurungikira uru rubuga ibikoresho vya "Vault 7" CIA ikoresha mu rugamba nyabwonko. Arahakana ivyo yagirizwa.
Inyandiko zishika 8.761 zabaciye mu ryahumye mu 2017 zerekana ingene abajejwe igendereza bivye amabanga y’amaterefone ngendanwa agezweho (smartphones) mu bihugu vyo hanze bagashobora kwumviriza ibiganiro vyose bivugigwako.
Abashikirizamanza bavuga ko iki gikorwa co kumena amabanga ari co ca mbere “c’agahomerabunwa” muri kahise ka Amerika.
Damian Williams, umushikirizamanza wa Amerika mu karere k’Ubumanuko bwa New York, avuga ko ivyo Schulte yakoze vyagize “ingaruka mbi cane kw’igendereza rya Amerika mu guha amabanga akomeye abo bantu bashaka kudukorera ikibi”.
Schulte, inyuma yo kwishikana we nyene kuri sentare y’igihugu ya Manhattan, ashobora kumara imyaka mirongo mw’ibohero.
Akurikiranwa kandi ku caha gitandukanye co gutunga amasanamu n’amavidewo y’abana bahohoterwa, ivyo navyo nyene ahakana.
Inyuma yo kwinjira muri CIA mu 2010, Schulte ntiyatevye guhabwa uburenganzira bwo kuronka amabanga yo ku rwego rwo hejuru.
Yabandanije akorera ku cicaro c’iki kigo i Langley mu ntara ya Virginia, ahingura ama 'programmes' atari make akoreshwa mu kwiba amabanga y’inyabwonko, amaterefone ya iPhone na Android, eka mbere no mu mateleviziyo agezweho ashobora gukoreshwa kuri internet (smart TVs).
Abashikirizamanza bavuga ko mu 2016 yarungikiye Wikileaks amakuru yivye hanyuma abesha abakozi ba FBI ku ruhara rwiwe muri uku kumena amabanga.
Bavuga kandi ko bisa n’uko yabitewe n’ishavu ku mpari zari aho akorera, aho umukoresha wiwe yanse kwumviriza ivyo yamusaba.
Uyu muhinga mu vyo ama logiciels/softwares yamye afise ikibazo co kwubahiriza umwanya (igihe), mbere n’icegera c’umushikirizamanza mukuru wa Amerika Michael Lockard yavuze ko kimwe mu bikorwa yariko arakora cari carengeje igihe, ivyatumye ahabwa izina ry’iritazirano ngo "Drifting Deadline".
Aba bashikirizamanza bavuga ko yashaka guha igihano abo yafata ko bamukoreye amakosa kandi ko “mu kwihora, yakoze ubwononyi bukomeye ku mutekano wa kino gihugu”.
Ariko Schulte wewe avuga ko reta itari ifise ivyemezo ko yashaka kwihora, akavuga ko iki kirego ari “amanyanga yeruye”.
Muri uku kwiregura, arangiza avuga ko “abantu amajana n’amajana bashoboye gushikira” aya mabanga kandi ko “abantu amajana n’amajana bashobora kuba barayivye”.
Abashikirizamanza basaba abacamanza kwihweza ivyemezo vy’ugushaka kunyegeza, harimwo n’urutonde rw’ibikorwa Schulte yakoze vyarimwo ubutumwa bwavuga ngo: “Futa emails ziteye amakenga”.
Bongerako y’uko inyuma yo guhagarikwa, Schulte yagerageje no kurungika ayandi makuru. Yarinjije terefone mu gasho mu kinyegero ari naho yagerageje kurungikira umunyamakuru amakuru ku mirwi ya cyber yegukira CIA, anandika n’ubutumwa ku rubuga rwa Twitter burimwo amakuru avuga ku vyerekeye ibikoresho vya cyber vyegukira CIA, akoresheje izina Jason Bourne ry’umukozi w’igendereza atabaho.
Schulte arapfunzwe kuva mu 2018.
Urubanza rwiwe rwa mbere rwatangajwe ko rubaye impfagusa inyuma y’aho vyanse ko abacamanza bahuza ku birego bimwe bikomeye cane.
Icaha kimwagiriye mu gihe uwashinze urubuga rwa Wikileaks Julian Assange ashobora kurungikwa muri Amerika ku birego vy’inzandiko yashize ahabona mu 2010 na 2011, ivyo abategetsi bavuga ko kwabaye uguhonyanga amategeko no gushira mu kaga ubuzima bw’abantu.