Kenya yasohoye umutahe wo gufata Umwongereza aronderwa mu rupfu rw'umuvyeyi yari akiri muto

Ifoto ya Agnes Wanjiru yambaye agapira ka rose inyuma yiwe hasa n'ubururu

Ahavuye isanamu, Rose Wanyua

Insiguro y'isanamu, Agnes Wanjiru yari afise imyaka 21igihe yicwa agasiga umwanya w'amezi atanu
    • Umwanditsi, Akisa Wandera
    • Igikorwa, BBC Africa
    • Yakoze inkuru ari, Nairobi

Sentare nkuru yo muri Kenya yasohoye umutahe wo gufata Umwongereza akekwa mu kwica umugore w'imyaka 21 haraheze imyaka irenga cumi.

Agnes Wanjiru yishwe mu kwezi kwa Ntwarante (3) mu 2012 mu nyuma ikiziga ciwe cabonetse haciye amezi atatu gitorwa mw'itangi itemberamwo umucafu wo mu bwogero n'utuzu twa surwumwe c'ihoteri yo mu gisagara ca Nanyuki kirimwo ikambi nkuru. Bivugwa ko imbere y'uko yicwa yari yagorobeje mu giteramo n'abasirikare b'Abongereza.

Umucamanza Alexander Muteti yavuze ko abashikirizamanza batanze ivyemezo bihagije kugira hasabwe ko uwo yikekwa arengutswa imbere ya sentare yo muri Kenya kugira acirirwe urubanza.

Umushingwamanza aserukira umuryango wa Wanjiru, Kamau Mbiu, yabwiye BBC ko iyo ngingo iciye inzira y'uko hatangura igikorwa c'uko uwukekwa arungikwa ava mu Bwongereza.

''Turayishimye, ariko dukeneye ko ibintu bikorerwa ku mugaragaro gusumba, kuko ibi biri mu nyungu z'abanyagihugu'', niko Mbiu yavuze.

Umucamanza yategetse ko imyidodondoro y'abagirizwa n'ivyabona idatangazwa, avuga ko ivyo bikenewe ku neza y'urubanza rwiza.

Mw'itangazo, umuvugizi wa reta y'Ubwongereza yagize ati: ''Turacifatanije n'umuryango wa Agnes Wanjiru kandi n'ubu turaciyemeje kubafasha kugira baronke ubutungane.''

Uwo muvugizi yavuze ko ata birenga ngaho avuga kuri iyi ntambwe kuko ari inzira y'amategeko ikibandanya.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi muri kahise bwavuze ko bufashanya n'amatohoza ya Kenya muri urwo rubanza, rwateye uburakari muri ico gihugu co muri Afrika y'ubuseruko.

Abo mu muryango wa Wanjiru, yasize umwana w'amezi atanu, bamaze iyi myaka yose barondera gutunganirizwa.

Baba i Nanyuki, hegereye ikambi y'abasirikare b'Ababongereza bakoresha imyimenyerezo (Batuk) - ku birometero nka 200 mu buraruko bwa Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya.

Umwana w'uwo bavukana na Wanjiru, Esther Njoki, yabwiye BBC ko uwo mutahe ari ''igihe gisosa kandi kikarura'', avuga ko kurungika uwo yikekwa ari ibintu bizofata igihe kirekire.

Ubushikirizamanza bwabwiye sentare ko ivyabona biri mu Bwongereza muri iki gihe bizoboneka mu gihe c'urubanza, yizeza ko ruzoba.

Umwunganizi w'umuryango mu mategeko aba mu Bwongereza, Tessa Gregory, yavuze ko ubu ''Reta y'Ubwongereza itegerezwa gukora ibiri mu bushobozi bwayo bwose kugira uwukekwa arungikwe maze acirirwe urubanza muri Kenya vuba hashoboka''.