Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Gutwara inda' amezi 15: Ibivugwa ku bubeshi 'bw'ibitangaro' ku ruvyaro
- Umwanditsi, Yemisi Adegoke, Chiagozie Nwonwu, na Lina Shaikhouni
- Igikorwa, BBC World Service
Chioma arashimika ko Hope, uwo mwana w'umuhungu ateruye, ari umuhungu wiwe.
Inyuma y'imyaka umunani vyanka ko asama imbanyi, amubona nk'umwana akesha igitangaro.
Avugana amanyama agira ati:"Ni jewe nyene uyu mwana."
Yicaye iruhande y'umugabo wiwe, Ike, mu biro vy'umukozi w'intara imwe yo muri Nigeria amaze nk'isaha ariko arabaza uwo muryango.
Nk'uwujejwe ibibazo vy'abagore hamwe n'imibano mu karere ka Anambra, Ify Obinabo afise uburambe mu gutorera inyishu ingorane zo mu muryango - ariko iki si ikibazo gisanzwe.
Abantu batanu bo mu muryango wa Ike, na bo bari muri ivyo biro, ntibemera ko Hope ari umwana w'amaraso abo bantu babiri bavyaye, nk'uko Chioma na Ike bavyemeza.
Chioma yemeza ko "yatwaye imbanyi" y'uwo mwana amezi ashika nka 15. Uwo mutegetsi n'umuryango wa Ike ntibavyemera.
Chioma avuga ko abo iwabo n'umugabo bamugizeko iterabwoba kugira ngo atware imbanyi. Baranasavye umugabo wiwe ngo arongore uwundi mugore.
Amaze kwihebura yagiye mu "kigo c'ubuvuzi" gitanga "ubuvuzi" butazwi mu mategeko - ububeshi bwo ku mayeri ku bagore bihebuye ko batazoronka uruvyaro, harimwo n'urudandazwa rw'abana.
Abategetsi baremereye BBC gukurikirana ikiganiro hagati y'a komiseri ajejwe ibibazo vy'abagore n'imibano na Chioma mu matohoza yerekeye ububeshi kuri iyo mbanyi.
Twarahinduye izina rya Chioma, Ike hamwe n'abandi muri iyi nkuru mu kubakingira kwihora aho babaye.
Nigeria ni kimwe mu bihugu bifise ibitigiri binini vy'urugero rw'imvyaro kw'isi, aho mu mibano abagore bahatirwa gutwara imbanyi, bagaharirwa ivomo canke bagahohoterwa iyo batabishoboye.
Kubera iyo ngorane, abagore bamwe bamwe bokora n'ibidakorwa mu gushaka gushika ku ndoto yabo yo kuba umuvyeyi.
Mu mwaka urenga, BBC Africa Eye yaragize amatohoza ku bijanye n'ububeshi "kuri ico kinyezwa c'imbanyi zo mw'ibanga".
Abatekamutwe bigira abaganga bagondoza abagore ko bafise "umuti w'igitangaza utanga uruvyaro" babemerera guca basama.
"Umuti" batangura gufata mu bisanzwe ugurwa amadorari amajana kandi uca mu rushinge, uwo banywa nk'amazi canke ibindi bintu batera mu gitsina c'irondoka c'umugore.
Nta mugore n'umwe canke umutegetsi twavuganye mu gihe twariko turakora amatohoza azi vy'ukuri ibiri muri iyo miti. Ariko bamwe mu bagore batubwiye ko yatumye bahinduka mu mibiri yabo - nko kuvyimba inda - ivyaca bibemeza ko bafise imbanyi.
Abagore bahawe "imiti" baragabishwa ko batoja ku muganga n'umwe azwi canke ibitaro, kuko ata cuma na kimwe co gupima imbanyi coshobora kubona "uwo mwana", abo batekamutwe bavuga ko akurira inyuma y'igitereko.
Iyo hageze ko "bibaruka" uyo mwana, abagore babwirwa ko ico gikorwa igitangura igihe gusa babateye "umuti udakunze kuboneka kandi uzimvye", usaba ayandi mahera.
Inkuru z'ingene "bavyara" ziratandukanye, ariko zose ziteye amakenga. Bamwe barasinzirizwa bakikangura basanga bafise igikomere nk'ico umuntu yavyaye abazwe. Abandi bavuga ko baterwa urushinge rutuma bata ubwenge, bakwumva ibintu mu mubiri wabo bituma biyumva nk'abantu bariko baravyara.
Mu buryo ubu canke buriya, abo bagore birangira bafise abana vyitwa ko bibarutse.
Chioma yabwiye komiseri Obinabo ko igihe hagera ko "yibaruka", abo biyita abaganga bamuteye urushinge ku rukenyerero baca bamubwira ngo asunike. Ntavuga neza ingene vyaheze afise Hope, ariko avuga ko ariko aravyara "yababaye".
Abantu bacu barashoboye kwinjira rwihishwa muri imwe muri ayo "mavuriro" yo mw'ibanga - baciye ku bakiriya biwe, baravuganye n'umugore azwi kw'izina rya "Dr Ruth" - bigize abubakanye bamaze igihe c'imyaka umunani bagerageza kuronka ikibondo.
Uwo yitwa "Dr Ruth" yakirira abamwifuza mw'ivuriro ryiwe buri wa gatandatu wa kabiri w'ukwezi iri mw'ihoteri yasambutse mu gisagara ca Ihiala, mu bumanuko bushira ubuseruko bw'intara ya Anambra. Hanze y'icumba ciwe, abagore barenga mirongo ibiri bamurindiririye muri koridoro, bamwe bagaragara ko bafise inda zivyimvye.
Bose baba bari mu cizere. Rimwe rimwe haraduka ibirori mu cumba inyuma y'aho nk'umugore abwiwe ko yibungenze.
Hageze ko abamyenyeshamakuru bacu biyoberanije binjira, "Dr Ruth" yababwiye ko uwo muti uzokora.
Yabwiye uwo mugore ko yomutera urushinge, avuga ko ruzofasha abo bubakanye "gucagura" igitsina c'umwana bimirije kuronka - ivyo bikaba bidashoboka muvyo ubuvuzi.
Inyuma yo kwanka urwo rushinge, "Dr ruth" yabahaye agatu karimwo ibinini bisyeye hamwe n'ibindi binini vyo gufatira muhira, hamwe n'impanuro y'igihe boza barahuza ibitsina.
Uwo muti wa mbere warishwe amadorari 205. [734.080 Fbu /340.841Frwa].
Umumenyeshamakuru wacu yiyoberanije ntiyigeze afata iyo miti canke ngo akurikize impanuro n'imwe yahawe na "Dr Ruth", hanyuma asubira kumuraba inyuma y'indwi zine.
Amaze gucisha akumagasa n'agapima imbanyi ku nda y'umumenyeshamakuru wacu, humvikanye akantu kavuga nk'umutima utera hanyuma "Dr Ruth" aca aramukeza kuba yarasamye.
Bose baca bariginana mu kanyamuneza.
Inyuma yo kubaha iyo nkuru nziza, "Dr Ruth" yasiguye ingene bazokenera kuriha umuti "udakunze kuboneka" kandi uzimvye kugira umwana avuke, ugurwa amadorari 1.180. [3.107.187 Fbu/1.608.729 Frwa].
Badafase uwo muti, imbanyi ishobora kurenza amezi icenda, uko ni ko "Dr Ruth" avuga atitayeho ivyo abahinga bavuga, anongerako ko "Uwo mwana azoba yonze cane - ko tuzokenera kumwitaho".
"Dr Ruth" ntiyigeze yishura kuvyo BBC yamubajije.
Ntituzi vy'ukuri igituma abo bagore bemera ivyo ababwiye.
Ariko ibimenyetso vyerekana igituma boshobora gushikirwa n’ivyo binyoma vy’ubujuju, mu rugero runaka, biraboneka mu mirwi yo ku mbuga hwaniro aho amakuru atari yo yerekeye inda akwiragiye cane.
Uruhererekane rw'ububeshi
Inda itagaragara n'ikintu kizwi mu buvuzi, aho umugore atamenya ko afise imbanyi gushika igeze kure mu gukura.
Ariko, igihe twariko tugira amatohoza, BBC yarabonye inkuru nyinshi z'ibinyoma zikwiragiye mu migwi ya Facebook no kuri urwo rubuga ku vyerekeye imbanyi nk'izo.
Umugore umwe wo muri Amerika, yahariye urubuga rwiwe rwose "imbanyi yiwe itagaragara", yemeza ko yamaranye imbanyi "imyaka myinshi", kandi ko ivyo yaciyemwo bidashobora gusigurwa n'ubuhinga.
Mu migwi yugawe kuri Facebook, inkuru nyinshi zakoresha inyandiko y'amadini mu guhayagiza "uwo muti" w'ububeshi nk'"igitangaro" ku bantu bari bamaze igihe vyaranse ko basama imbanyi.
Aya makuru yose y'ibinyoma afasha kwemera gusumba ubwo butekamutwe.
Abagize uwo mugwi si abanye Nigeria gusa, harimwo kandi abo muri Afrika y'Epfo, amazinga ya Caraibe hamwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Abatekamutwe rimwe na rimwe ni bo bashiraho iyo migwi, bakaza barandikamwo ubwo butumwa, bikabafasha gushikira abagore bavuga ko bashaka "imiti".
Igihe umuntu yiyemeje kuja muri iyo nzira y'ubutekamutwe, aca asabwa kuja mu mugwi wa WhatsApp ukingiwe cane. Aho, abatwara uwo mugwi (Admins) baratanga inkuru yerekeye "amavuriro y'ububeshi" hamwe n'ibijanye n'iyo nzira.
‘Ndacafise amadidane’
Abategetsi batubwiye ko mu kurangiza gutanga "umuti", abo batekamutwe bakenera abana bakivuka, kandi kugira bikunde barondera abagore bamerewe nabi, batagira ic'epfo ca ruguru, benshi muri bo bakiri bato kandi bibungenze, mu gihugu aho gukorora imbanyi bibujijwe.
Mu kwezi kwa kabiri mu 2024, ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu mu ntara ya Anambra bwarasatse inyubakwa Chioma "yavyariyemwo" Hope.
BBC yararonse amasanamu y'iryo sakwa, yerekana urupangu runini rurimwo amagorofa abiri.
Muri kimwe mu vyumba carimwo ibikoresho vyo kwa muganga - bisa n'ivyo abakiriya - mu gihe mu kindi hariyo abagore benshi bibungenze bagizwe ingwati. Bamwe bari bakiri bato nko gushika ku myaka 17.
Bamwe batubwiye ko bahenzwe ngo bajeyo, batazi ko abana babo bazogurishwa ku bakiriya b'abo batekamutwe.
Abandi, nka Uju, atari izina ryiwe bwite, yari afise ubwoba bwo kubwira umuryango wiwe ko yibungenze hanyuma aca ahiga inzira yo kubitorera inyishu. Avuga ko yahawe amadorari 470 ku mwana wiwe. Abajijwe nimba yicuza ku ngingo yafashe yo kugurisha umwana wiwe, avuga :"Ndacafise amadidane."
Komiseri Obinabo, ariko akora utwigoro twinshi mu ntara yiwe two gutuza abo batekamutwe, avuga ko barondera abagore bafise ibibazo nka Uju mu kuronka inzoya.
Inyuma yo guhatwa ibibazo bikomeye, komiseri Obinabo yaragabishije ko ashobora kwaka umwana Hope nyina wiwe Chioma.
Ariko Chioma aritakambira, komiseri akaba ashobora kwemera ivyo asigura ko na we nyene yahenzwe ko atigeze amenya ivyariko birakorwa.
Kubera ivyo, yaremereye Chioma na Ike kugumana umwana - kiretse gusa hagize abavyeyi biwe b'amaraso baje kumusaba.
Ariko atari igihe hagize igihinduka ku bagore, ukutavyara, uburenganzira bwo kuvyara no kurera umwana atari uwo amaraso, ubutekamutwe nk'ubu buzobandanya gukomera, nk'uko abahinga bagabisha.