Inkara zishwe n'iki ku bwinshi muri Zanzibar?

Alfred Lasteck

BBC News, Dar es Salaam

Inkara zisheshe ku musenyi

Ahavuye isanamu, Zanzibar Ministry of Blue Economy

Reta ya Zanzibar iriko irakora amatohoza ku cateye urupfu rw’ikivunga rw’inkara zo um mazi ubu zisheshe ku nknegera z’ayo mazinga ya Tanzania.

Kuva ku wa 28 Nyakanga/Nzeri (ukwezi kw’icenda), hagumye haza amakuru y’uko inkara zasheshe ku musenyi wa Mtoni, Mizingani na Forodhani mw’izinga rya Unguja.

Insiguro za mbere n’uko ihindagurika ry’ikirere rituma ubushuhe bihinduka bukwi na bukwi mu mipfunda y’ibahari ariryo ryoba ryatumye izo nkara zipfa, nk’uko umuyobozi ajejwe uburyovyi muri Zanzibar yabwiye BBC.

Dr Salum Soud asanwe ari n’umuhinga mu buzima bwo mu mazi yavuze ati: “Turacariko turatohoza icateye izo mpfu ariko hari ibinyabuzima bimwe bimwe nk’inkara zo mu mazi zidashobora kwihanganira ihindagurika rya bukwi na bukwi mu mazi, bigaca bipfa hanyuma bikisuka ku nkengera.

Yongerako ati: “Amazi yo mu mabahari afise ingero zigerekeranye zitandukanye z’ubushuhe gutyo rero imipfunda ituma amazi yo munsi kwiburuka aja hejuru agatuma umwuka wo guhema (oxygene) ugabanuka bigatuma inkara zishobora gupfa.”

Reta yasavye ababa ngaho, abarovyi n’abakerarugendo kudaterwa umutima uhagaze n’ihumana ry’aho hantu ivuga ko ivyashitse biriko birakorwako amatohoza kugira hamenyekane icatumye izo nkara zipfa.

Ukwo gupfa ikivunga kw'inkara ntibibaye muri Zanzibar gusa, ku bwa Sheba Mjaja Juma, umuyobozi mukuru ajejwe urwego rw'ibidukikije muri Zanzibar (Zema), yabwiye ikinyamakuru co muri Tanzania The Citizen ko vyanabaye muri Seychelles.

Zanzibar kw'ikarata