Australia: Indirimbo z'inyoni zasumbije ibihangange mu muziki

Gang-gang cockatoo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyoni Cacatoès à tête rouge/Gang-gang cockatoo iri mu bwoko bugeramiwe no kuzimangana mu ntara ya Victoria, nayo nyene irimwo muri uru rukurikirane

Urukurikirane rw'umuziki (album) rugizwe n'amajwi y'inyoni zigeramiwe no kuzimangana zizwiragira muri Australia rwashizwe muri zitanu za mbere ku rutonde rwa Aria muri ico gihugu.

Uru rukurikirane rwiswe Songs of Disappearance (twogereranya n'Indirimbo z'izimangana ) rwasumbije ibihangange nka Abba na The Weeknd - tutavuze abaririmvyi Michael Bublé na Mariah Carey bakunzwe cane mu ndirimbo za Noël/Christmas.

Uru rukurikirane rwakozwe n'ikompanyi BirdLife Australia rurimwo indirimbo z'inyoni ziri mu bwoko 53 bugeramiwe no kuzimangana gusumba ubundi muri Australia.

Mu kwegeranya aya majwi, vyafata amasaha atari make barindiriye mw'ishamba kugira ngo bashobore gufata akajwi kamwe gusa.

David Stewart asanzwe afata amajwi y'ibikoko vyo mw'ishamba, yari amaze imyaka irenga 30 yose yegeranya amajwi y'ibikoko vyo mw'ishamba adakunze kwumvikana muri Australia. Amajwi y'inyoni yashoboye gufata niyo yakoreshejwe mu gutegura uru rukurikirane.

Igihe rusohoka, hari ku wa 03 z'uku kwa cumi na kabiri, haciye haba isekeza ku mbuga hwaniro kugira ngo uru rukurikirane rushobore kugurishwa mu ndirimbo za Aria - kandi ryagenze neza.

Songs of Disappearance rukoze amateka adasanzwe mu kuba urukurikirane rwa mbere rw'ubu bwoko rushizwe mu ndirimbo zitanu za mbere.

Amafaranga azova mw'igurishwa ryarwo azoshirwa mu mugambi wo kubungabunga ibidukikije w'ikigo BirdLife Australia.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa BirdLife Australia, Paul Sullivan, yabwiye ikimenyeshamakuru The Music Network ati: "Uru rukurikirane ni ikintu kidasanzwe, rurimwo amajwi y'inyoni zishobora guhona mu gihe tutoja hamwe ngo tuzikingire".

Yongera ko ati: "N'ubwo iri ari isekeza ryo kwinezereza, harimwo ibintu bikomeye mu vyo turiko turakora, kandi biratera intege kubona ingene abakunda inyoni bariko barereka amareta n'abikorera utwabo ingene abanya-Australia bitwararitse izi nyoni ngirakamaro".

Ica gatandatu c'inyoni za Australia zirageramiwe no guhona, nk'uko biri mu cigwa cakozwe n'ishure kaminuza Charles Darwin University - ni ukuvuga ubwoko bw'inyoni 216 mu bwoko 1299.

Iki cigwa, cakozwe n'abahinga mu bijanye n'inyoni barenga 300, cerekana ko ihindagurika ry'ibihe ririko riratuma ubwoko bwinshi bugenda buzimangana.

Imiriro y'ivyaduka yo mu 2019 na 2020 yarasambuye aho zari zisanzwe ziba, BirdLife Australia ikavuga ko igitigiri c'ubwoko bw'inyoni zigeramiwe no guhona ciyongereye gushika ku rugero rwa 25%.