Inyoni mbonekarimwe ya penguin yagenze 3000km gushika New Zealand

Penguin yo mu bwoko bwa Adélie iratababiza iriko iriruka ku musenyi wa Birdlings Flat muri New Zealand

Ahavuye isanamu, Harry Singh

Insiguro y'isanamu, Penguin yo mu bwoko bwa Adélie yatowe n'ababa Birdlings Flat yatakaye kandi yarushe

Inyoni yo mu mazi bita penguin yisanze igeze ku nkengera za Nouvelle-Zélande (New Zealand), ku birometero nibura 3000 ivuye aho isanzwe iba muri Antarctique.

Iyo pinguin yo mu bwoko bwa Adélie, ubu yahawe akazina ka Pingu n'abo aho yashikiye, yatowe isa n'iyatakaye.

Harry Singh, umwe mu baba ngaho yayitoye, yavuze ko ubwa mbere yari yibajije ko ari "igikinisho gikozwe mu mpuzu (soft toy)".

Bubaye ubwa gatatu muri kahise penguin y'ubwoko bwa Adélie itorwa ku nkengera za Nouvelle-Zélande.

Singh n'umugore wiwe ubwa mbere bahuye n'iyo penguin bariko baragorora imitsi inyuma y'umunsi w'akazi kenshi ku musenyi wa Birdlings Flat, mu bumanuko bw'igisagara ca Christchurch.

Singh yabwiye BBC ati: "Ubwa mbere nibajije ko ari igikinisho gikozwe mu mpuzu, buno nyene nca mbona iyo nyoni irahindukije umutwe, niho naca menya ko ari inyoni y'ukuri".

Amasanamu y'iyo penguin yashizwe ku rubuga rwa Singh kuri Facebook yerekana iyo nyoni isa n'iyatakaye kandi iri yonyene.

Singh yavuze ko iyo nyoni "yamaze isaha itava aho iri...kandi yari [imeze] nk'iyarushe''.

Singh yaciye ahamagara abasanzwe batabara bene izo nyoni z'i-penguin kuko yari afise impungenge ko iyo nyoni itariko irasubira mu mazi, vyashoboka ko ibindi bikoko binyuragiranwa ngaho biyirya.

Ati: "Ntitwashaka ko dusanga igeze mu nda y'imbwa canke y'akayabu."

Yahavuye aronka Thomas Stracke, amaze imyaka ishika hafi 10 afasha i-penguin gusubira mu buzima mw'izinga rya South Island rya Nouvelle-Zélande.

Stracke ntiyavyumva aho asangiye iyo penguin ari iyo mu bwoko bwa Adélie - ubwoko buba muri Antarctique honyene.

Stracke, ari kumwe n'umuganga w'ibikoko, baciye batabara iyo nyoni kuri uwo mugoroba nyene.

Ibiro bike n'umwumira

Ibipimo vy'amaraso vyakorewe Pingu vyerekanye ko yari ifise ibiro bike uravye uko ingana kandi yari ifise umwumira (yatakaje amazi menshi). Kuva ico gihe yaciye ihabwa ivyo kunywa n'ivyo kurya bicishijwe mu muringoti wo kuyigaburira.

Iyo nyoni izoruha irekurirwe ku nkengera mu mazinga ya Banks ho ata bwoba ko hari ico yoba kuko hatagira imbwa.

Ribaye irya gatatu muri kahise inyoni ya penguin yo mu bwoko bwa Adélie itorwa ku nkengera za Nouvelle-Zélande, kandi kabiri hari mu 1993 no mu 1962.

Kubona Adélie muri Nouvelle-Zélande n'imbonekarimwe, ariko hamwe nyinshi zoja ziraboneka muri kazoza, coba ari ikimenyetso giteye amakenga, nk'uko abahinga babivuga.

Philip Seddon, yigisha ibijanye n'ibikoko muri kaminuza ya Otago, yabwiye urubuga rwa internet rw'ikinyamakuru The Guardian ati: "Nibaza ko dutanguye kuja turabona penguin z'ubwoko bwa Adélie buri mwaka, aho twoca twibaza ko hari icahindutse mw'ibahari dukeneye gutahura neza."

"Ivyigwa bisumvye ngaho bizotuma dutahura vyinshi ku ho penguin zija, ico zikora, ingene zigwira canke zigabanuka - bizotubwira ikintu ku bijanye n'ubwo buzima bwo mu mazi muri rusangi."

Inkuru ya Zubaidah Abdul Jalil wa BBC