Burundi: Igikona catumye indege isubira hasi

Inyoni ziri mu bikunze gutera amasanganya y'indege

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Inyoni ziri mu bikunze gutera amasanganya y'indege

Igikona catumye indege yarigurutse itwaye amajana y'abasirikare igaruka hasi ku kibuga c'indege ca Bujumbura mu gihugu c'u Burundi.

Iyo ndege yasetse ico gikona ivuye hasi, bituma igira ingorane ku bijanye n'ubuhinga, biba ngombwa kwigaruka hasi, ntiyaba ikigiye i Mogadishu muri Somalia, niko amakuru ava ku kibuga c'indege no mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi avuga.

Iyo ndege yagumye isaha yose mu kirere, imbere yuko igaruka hasi.

Abasirikare b'abarundi bari mu mugwi Amisom

Ahavuye isanamu, MOHAMED ABDIWAHAB

Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'abarundi bari mu mugwi Amisom

Indege ya kompanyi Safe Air yari itwaye abasirikare b'abarundi basubiye Somalia bavuye mu karuhuko.

Ivyo vyamenyeshejwe n'umukuru w'ikibuga c'indege ca Bujumbura, Habimana Emmanuel.

"Umudereva yabonye agifata ikirere ko agonze inyoni, aca agaruka hasi kugira indege ibanze gusuzumwa imbere y'uko isubira guhaguruka'', niko Habonimana Emmanuel yavuze.

Avuga ko ivyo bihejeje gukorwa, indege yaciye isubira gufata urugendo mbere ikaba yamaze gushika Entebe muri Uganda.

Avuga ko inyoni ishobora gutera isanganya rikomeye ku ndege.

Igitigiri c'abasirikare bari muri iyo ndege nticamenyekanye kuko ari ''ibanga ry'igisirikare".